Kimwe mu vyo indinganizo ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose ku mashure yaje ishaka kugwanya harimwo ukudafatwa kumwe hagati y’abigeme n’abasore ku mashure. Urwo rugamba Menyumenyeshe yararutsinze kubw’iyo ndinganizo nshasha.
Ukungana kw’ibitsina ni kimwe mu nkingi Menyumenyeshe ishingirako igikorwa cayo. Ikaba ari n’ayo mpamvu yatumye Menyumenyeshe mu ndinganizo yayo ihurikiyemwo bose ishima guhagarara no gukomeza iyo nkingi kugira ntihasubire kubaho ugukumirwa na kumwe maze irondoka rijanye n’amagara meza rishobore kubandanya ryisununura ku mashure.
Kubwa Alexandre Niyonsaba umukorerabushake wo kuri Lycée Kiganda mu ntara ya Muramvya ati : » Kubera amashure yo mu Burundi yugururiwe ibitsina vyose, ntihobura uwihenda akibaza ko ata gukumirana kubayo. Ihi bambewe. Twabanje rero kugira ikiyago c’ukwumvisha abahungu ko bangana n’abakobwa atawuruta uwundi. » Uwo mukorerabushake agatanga akarorero k’impinduka mu kubona muri batatu (3) barongoye abandi kw’iryo shure, 2 ari abana n’abigeme kandi bakaba banavyitwaramwo neza.
Kw’ishure ryo mu Rutegama ho ngo umubano hagati y’abahungu n’abigeme ngo n’akaroruhore ngo imiyabaga y’abahungu iyo ihaye ikora ibikorwa vy’isuku kw’iryo shure ntiwomenya ko ari abaraho bahoze bagarariza: » Abahungu bo ng’aha basigaye babangutse ntiworaba, barafashanya n’abigeme mu bikorwa vy’isuku badahigimanze, hama muri uwo mwanya niho usanga turiko turatwenga dutebura ku bijanye na kahise canke ibindi vyose bigumiza umwigeme inyuma »
Jean Berchmans Mateso, umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Komine ryo ku Murima muri Komine n’intara ya Kayanza ati ng’aha kw’ishure ryacu duha ikibanza kingana umwana w’umwigeme n’umusore ntawusumba uwundi. « Kuba mu kibano, abantu badakunze kwicara ngo baganire bituma ishure ari ryo riba nk’uruganda rw’ivyiyumviro biza gutuma no mu kibano bahindura ivyiyumviro, ivyo navyo turavyishilira cane. »
Butoyi Fabien, umukuru wa zone Kiganda we avuga ko ivyo urwaruka rwigira ku mashure bifasha cane mu kibano mu gutuma ivyiyumviro bihinduka mu mitwe y’abantu: « Uretse ko bituma abakobwa bisanzura mu vyigwa, biratuma babona ko bashoboye bagakura amaboko mu mpuzu maze iterambere ry’ikibano rigakurikira. »




