Ngo ivyahindutse si bike kuva aho Menyumenyeshe itanguriye indinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure. Kuva ku munyeshure guca ku muzamu gushika no ku muyobozi w’ishure, uwo wese afise uruhara mu buzima bw’ishure arahabwa ikibanza kibereye muri Menyumenyeshe.
Diomède Niyonzima umurezi wo kw’ishure rya Rutegama ya mbere muri Komine n’intara ya Gitega niwe aduha igicapo c’ukwo ibintu vyifashe ubu. Ati, hataratangura iyi ndinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose abigisha batatu nibo bonyene bakurikirana ibikorwa vya Menyumenyeshe. Ivyo navyo ngo vyaraheza bigatera ingorane nk’iyo harimwo uwuhinduriwe ikibanza c’akazi akaja gukorera ahandi, umugambi warashobora guca utera usambuka burundu kuri iryo shure.
Menyumenyeshe rero mu ndinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure yaciye ibifata nka nkama mu guhuza abo bose begwa n’ubuzima bw’ishure ngo baheze bahabwe ikibanza muri Menyumenyeshe maze n’abo baterere mu ndero y’urwaruka.
Jean Berchmans Mateso, umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Komine ryo ku Murima, Komine n’intara ya Muramvya ati: » Intumbero nshasha ya Menyumenyeshe yazanywe n’iyi ndinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure yatumye dutahura ko kwigisha atari igikorwa c’umwigisha gusa. »
Léonard Ndikumana n’umuzamu kw’ishure shingiro ryo mu Rutegama, Komine Gitega atubwira ati ntiworaba ukuntu basigaye banzirikana aha kw’ishure : « Ubwa mbere wamengo ntaco maze, bose hamwe abanyeshure n’abigisha ntibanyubaha » ati vyatumye nawe ahindura ingendo: » Ubu nta kantu na kamwe nokwemera ko usanga kiyandagaza ng’aha kw’ishure , ndagerageza gupanga ibintu vyose, kugira ng’aha kw’ishure usange ibintu bipanze neza. Mw’iki gihe ca Corona Virus hoho, nduzuza amazi ibivomesho maze abanyeshure bagashobora gukaraba imbere y’ugushika mw’ishure, nkaca nongera nkabibika neza batashe. »
Imigenderanire myiza cane hagati y’urwaruka n’abarezi babo
Ubwambere umwigisha yafatwa nk’uwutanga icigwa gusa hama akigira, ubu ngo ng’aho siho bakiri, umwigisha ni kirumara mu ndero y’urwaruka. Paul Ntukamazina, umwigisha wo kuri Lycée Kiganda mu ntara ya Muramvya ati: » indinganizo ihurikiyemwo bose ya Menyumenyeshe ku mashure iratuma umwigisha aba umugenzi n’umuhanuzi w’umunyeshure. Maze umunyeshure ntibabe har’ico acinuba kubwira umurezi wiwe. Nanje narize nongera ndamenya ingene nganiriza umunyeshure maze nawe ntatinye kumbwira akamubakiye »
Galine Kaneza, umuyobozi w’ishure shingiro rya Rutegama we avuga ko ubu batakirindira umunsi bahurira mu migwi (clubs) kugira bayage ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza : » Kubera inyigisho bose bahawe nk’abigisha, ubu abigisha bonyene ubwabo barasiga akanya bahejeje gutanga ivyigwa vyabo hama bakayaga n’abanyeshure ivy’irondoka rijanye n’amagara meza batiriwe bararindira ibiganiro vyo mu migwi. » , Uwo muyobozi akarangiza agira ati: iyi ndinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure yaje hageze.




