Ubuyobozi bw’indero mu ntara nibwo bushinzwe indero ku rwaruka hamwe n’itangwa ry’inyigisho ku rwego rw’intara. Ni nayo mpamvu mu ndinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose ku mashure AGE batasizwe inyuma, ah’ubwo bahabwa ikibanza gikomeye.
Gaspard Nsabiyaremye, ni umuhanuzi ashinzwe abakozi mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Kayanza akaba ari nawe ubwo buyobozi bw’indero bwagenye ngo akurikirikiranira hagufi umugambi Menyumenyeshe, aho twamusanga ku biro vyiwe yaratuganiriye uruhara rw’ubuyobozi bw’indero mu ndinganizo ya Menyumenyeshe ihuriyemwo bose ku mashure, agira ati: » ubuyobozi bw’indero n’amashuri mu ntara bufise akazi ko gusuzuma ko abanyeshure baronswa inyigisho mu buryo bwiza kandi bubereye, muri ukwo kugenzura turaraba rero ko ivyo abanyeshure baronkera kw’ishure ari ibiza bibuka, nico gituma Menyumenyeshe yategekanije urwo ruhara rwacu ngo tuze turagenzura uburyo ibikorwa vya Menyumenyeshe bigenda mu mashure » Uruhara rwacu kandi n’urwo gutanga impusha z’ugukorera ku mashure asanzwe ari mu buyobozi dushinzwe. Kubera ico, turasuzuma ko izo nyigisho zitangwa ku mwanya, zitaje gutwara umwanya wari usanzwe ugenewe ibindi vyigwa. »
Dushira imbere kwihitiramwo kw’abanyeshure
Tito Sinzo, umuhanuzi w’umuyobozi w’indero mu ntara ya Gitega arakenguruka indinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose ku mashure:« Burya twasanze ah’ubwo izi nyigisho za Menyumenyeshe ziha ikibanza gikwiriye abanyeshure, bica bituma baba abantu bibwiriza. Kw’ishure usanga atari abantu umuntu acirirwa aringinga ngo kor’iki na kiriya. Twasanze kandi Inyigisho za Menyumenyeshe ziza ah’ubwo zunganira ivyigwa bitangwa n’ubushikiranganji bw’indero.»
Kubwa Benjamin Ndagijimana, nawe nyene asanzwe ar’umuhanuzi mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Muramvya nawe nyene arashimwa intambwe indinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose yabagejejeko:« ibikorwa vyo mu migwi bikorwa n’urwaruka, vy’aba ibikino, ikarashishi, inyigisho hamwe n’ubundi bituma abanyeshure biyagura, bakugurura umutwe bakanaryoherwa cane n’ishure, bagatahura n’ibibazo ikibano kiba kirimwo.»
Benjamin Ndagijimana arangiza amenyesha ko bize vyinshi nk’abajejwe indero ku buryo bazobandanya bizobagirira akamaro mu kazi kabo ka minsi yose mu bijanye n’indero y’urwaruka




