Ishure ry’akarorero ryo mu Ngagara ryaramuye kuri uyu wa mungu 17 nzero, abanyeshure 50, bakaba aribo batanguriye amashure y’akarorero mu Burundi bwose, mu gihe haheze imyaka 5 ashizweho.
Bize mu bisata bitatu: ibiharuro, ubutunzi, na Bio-Chimie. Mu biharuro, bari 11, mu gisata c’ubutunzi naho bari 15, nayo muri Bio-Chimie bakaba bari 24. Nkukwo bimenyeshwa na Tharcisse Bendantokira, umuyobozi w’iryo shure ry’akarorero, abo banyeshure bose baramenye ijana kw’ijana mu kibazo ca reta kirangiza amashure yisumbuye, mbere bakaba baza mu kibanza ca mbere mu gihugu cose : « Igihe umugambi w’amashure y’akarorero, watangura mu mwaka w’ishure wa 2017-2018, twakiriye abana bagera kuri 74, bakomoka mu ntara 4 z’uburengero, Bujumbura Rural, Bujumbura Mairie, Cibitoke, na Bubanza. Abashoboye gushika mu mwaka wa nyuma bagaheza, bagera ku bice 67,5%. Abo bana barakoze cane kugira baronke amanota meza. Ni iteka ku gihugu kuko kiriko kiraramura abana b’incabwenge, ari nabo bazoba bariko bafata ingingo mu myaka iri imbere. »
Tharcisse Bendantokira yatekereye impanuro urwaruka rw’iwe, abasaba kwama bagendera akaranga mutima bahawe, ko gushira imbere ubumenyi, ukwubaha, ukugira amahangiro, gukurikiza amabwirizwa y’isuku, ugufatana munda, no gukunda igihugu.

Mu kibanza c’umushikiranganji w’indero, Hermenegilde Burikukiye, umwunganizi wiwe, yashikirije ko urwo rwaruka Reta y’u Burundi iruzeyeko vyinshi : « Amashure y’akarorero yashizweho kugira aramure abana baciye ubwenge, aribo bazozezwa amabanga y’igihugu muri kazoza. Mu myaka yahera, abana b’igihugu bararungikwa mu mahanga kunonosora ubumenyi, baheza kwiga bagaca baguma muri ayo mahanga kandi igihugu cari kibakeneye kugira bashire mu ngiro ivyo bize, batez’imbere igihugu. »
Hermenegilde Burikukiye arongera akamenyesha ko abo banyeshure bafise uburenganzira bwo kuja muri kaminuza nkuru y’u Burundi mu bisata bikomakomeye nk’ubuganga, uburimyi, ibiharuro, n’igifundi.

Kwitegurira kazoza
Mw’ijambo ryo gushikiriza umunezero, Eraste Ndayongeje, yaserukiye abaronse impapuro z’umutsindo, yashikirije ko biteguriye kubandanya bakora ibikorinka, na cane cane bakorera mu runani ntamenwa : « Tuza twaranagize agashirahamwe kacu ko kwiteza imbere. Imigambi dufise ni myinshi, kandi tuzoyishikako kuko twahawe umushinge ukomeye. Gutyo, no muvyigwa biri imbere tuzoguma dufashanya. »
Santiana Ikorineza, yabaye uwa mbere mu gisata ca « Bio-Chimie » mu gihugu cose mu kibazo ca Reta kirangiza amashure yisumbuye, ku manota 88%, amenyesha ko muri kaminuza azorushirizaho gukora cane, akipfuza kwiga igisata ca « biotechnologie rouge ».
Tharcisse Bendantokira, umuyobozi w’iryo shure, yakaburiye abo banyeshure kwama bagendera akaranga mutima bahawe ko gushira imbere ubumenyi, ukwubaha, ukugira amahangiro, gukurikiza amabwirizwa y’isuku, ugufatana munda, no gukunda igihugu.
Hermenegilde Burikukiye, umwunganizi w’umushikiranganji bw’indero amenyesha ko reta y’u Burundi yiteguye bikwiye kugira abo banyeshure bazobandanye kaminuza mu bisata bikomakomeye nk’ubuganga, uburimyi, ibiharuro, n’igifundi.
Abo banyeshure rero ngo bahiriwe bahishije kuko bazotera biga muri ivyo bisata atagisabwe, batarinze gukora ibibazo.
Pacifique Bukuru




