Kuri uyu wa 7 Nzero 2021 umugwi ujejwe gusanura no kwagura isoko ya Kamenge yahiye kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu 2020, waramutse utanga icegeranyo c’ivyahononekariye n’ibitahonononekariye, hamwe n’ic’uko ibikorwa bimeze n’ibigiye kwihutirwa gukorwa.
Umukuru w’umugwi ujejwe gusubiramwo no kwagura isoko ya Kamenge Général de Brigade Agricole Ntirampeba n’abo bakorana kuri iri gekerezo rya 7 Nzero 2021 yatanguje icese ibikorwa vyo gusanura no kwagura isoko ya Kamenge ari kumwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana.
Mu kiganiro Général de Brigade Agricole Ntirampeba yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ko, mu ntango hari ibibanza 1589, ariko isoko imaze gusha uwo mugwi wasanze ibitigiri bingana n’abanyesoko 2363 ari bo bariduguramwo, vyumvikane ko hariho igitigiri c’abantu 774 bari bahafise ivyo bibanza kandi isoko ridafise ubwo bushobozi bw’ibibanza bingana uko.
Ivyahononekariye nyezina rero, nk’uko uwo mukuru w’uwo mugwi abimenyesha ngo basanze abanyesoko 1797 bari bafise ibicuruzwa bifise agaciro k’imiriyaridi 2 hafi n’imiriyoni amajana atatu y’amarundi ari vyo vyahiye biranyotera, hanyuma abanyesoko bashika 1060 bafise ibicuruzwa bifise agaciro k’imiriyoni amajana indwi na cumi na zitandatu n’igice mu mafaranga y’amarundi ari bo bonyene bashoboye gukiza ivyabo. Aba rero bakijije ivyabo ngo baciye baja kurondera aho baba barakorera mu masoko yegereye iryo soko ryahiye nko mw’isoko ya Kinama, mu Ngagara n’ahandi.
Général de Brigade Agricole Ntirampeba amenyesha kandi ko igice cahiye giharurwa ku bice bingana na 85%, hafi isoko yose, hanyuma inyubakwa nyezina zahononekariye zifise agaciro k’umuriyaridi n’igice mu mafaranga y’amarundi, ivyononekaye na vyo bigasha bikanyotera bifise agaciro k’imiriyaridi zibiri n’igice mu mafaranga y’amarundi. Ivyononekaye vyose hamwe muri iyo soko bifise agaciro k’imiriyaridi 4 mu mahera y’amarundi.
???? Ibikorwa vyo gusanura no kwagura isoko ya #Kamenge imaze amezi atatu ihiye vyatangujwe icese kuri uwu wa 7 Nzero…
Posted by JimbereMagazine on Thursday, January 7, 2021
bikorwa vyo kuyisanura no kuyagura bikaba bizomara amezi 5…
Général de Brigade Agricole Ntirampeba umukuru w’umugwi ujejwe gusubiramwo no kwagura isoko ya Kamenge amenyesha ko, mu vyigwa bishasha vyakozwe bifashishije ikigo Obuha, cabafashije gushira ahabona urugero nyamukuru rw’ifatizo kugira isoko ishishikare kwubakwa. Mu vyigwa vyakozwe uwo mugambi uzorangurwa ku mafaranga yababa hafi imiriyaridi 2 z’amafaranga y’amarundi. Ibi bikorwa vyo kuyisanura no kuyagura bikaba bizomara amezi 5. Ibikorwa vyo gusanasana ibitahiye ngo birangire bakaba bategekanya ko bizoba vyarangiye mu kiringo kitarenga ukwezi kumwe n’igice.
Gushika ubu na ho mu bimaze gukorwa, uwo mukuru w’uwo mugwi amenyesha ko ibikorwa bimaze kuranguka ari gutunganya neza ikibanza mu kucugara ku mvo z’umutekano, gukura impome zimwezimwe zamaze kwononekara muri ico kibanza, hanguye ibikorwa vyo gusanasana inyubakwa zitahiye ngo zitokombere, n’ibibanda bitononekaye, hazoca hakurikira kwubaka igihome co gukingira uruzi Nyabagere hace hakurikira ibikorwa vyo kwubaka amazu mashasha. Kandi iyo soko hakaba hategekanijwe ko ubu izoba irimwo ibibanza 1870.
Mu bikorwa vyo gusanura iyo soko, Général de Brigade Agricole Ntirampeba amenyesha ko intererano zemewe n’abarundi bafise umutima wo gufasha, hamaze kuboneka iyingana n’ibice 42,04%, amafaranga y’amarundi yababa imiriyoni 900 kandi ko konte iri mw’ibanke nkuru y’igihugu no muri BCB.
Mwomenya rero ko uwo mukuru w’uwo mugwi amenyesha ko iyo soko ya Kamenge yahiye, yari isoko igira kabiri mu masoko y’igisagara ca Bujumbura mu kwinjiza amatagisi menshi.




