Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Yabaye uwambere mu Burundi muri Concours 2016, ivyo yemerewe ntanakimwe araronka

Vincent n’ikete ryemeza ko azorihirwa amashure ya post-fondamental yose

Vincent Mbazi yabaye uwa mbere muri Concours National yo mu 2016 yiga i Makamba akaba yaciye aja kubandaniriza i Bururi aho ahejeje Ecole Paramédicale de Bururi.
Aridogera ishirahamwe ryamuhaye agashimwe ko kurihirwa post-fondamental gushika ahejeje, ko ritakoze ivyo ryemeye, akaryishuza 1.200.000Fbu.

Uwo munyeshure aratugira ku muriri uko vyagenze: « Urupapuro rwanditseko ivyo ryiyemeje – acte d’engagement – naruhawe na Renovat Nitunga aserukira ishirahamwe ‘Ayons Pitié de lui’, aherekejwe n’icariho c’umushikiranganji. Ibirori vyabereye ku kibuga ca Département, ahasanzwe hakorera Ubushikiranganji bw’ urwaruka, Inkino n’Imicokama itariki 15/4/2017. RTNB na Radio Nderagakura niho zari ziri. Rénovat ubwiwe yaranishikiye kw’ishure arabwira ubuyobozi ko amahera y’ishure yanje ari ishirahamwe aserukira rizoyariha. Ariko gushika uyu musi, nta n’igiceri kiratangwa. »

Renovat Nitunga yagirizwa kudashira mu ngiro ivyo yiyemeje ntahakana ivyo yagirizwa, ariko asigura ko bitavuye ku gushaka guke ahubwo ari « ingorane zashikiye ishirahamwe giturumbuka. Umuzungu yari yemeye kuzoriha ayo mahera yabaye akivyemera aba asubiye iwabo. Ishirahamwe ntiryari ryavyiteguriye. Ariko tugiye kurondera Vincent tumusabe ama reçu yo kw’ishure hama tumusubize. »

Mwibaza ko iyo mfashanyo yemerewe Vincent azoyibona ?

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top