Muri iki gihe c’iminsi mikuru ya Noheri n’umwaka mushasha, abarovyi bo ku mweha uzwi kw’izina rya Mvugo, ku Muguruka n’i Kabonga, muri komine ya Nyanza-Lac, bariko barahura n’ingaruka zo kutagira ivyuma bikanyisha amafi bikwiye, n’ikibazo c’amatara n’amazi biguma bicikagurika. Bigatuma amafi amwe yononekara canke bakayagurisha ku giciro batipfuza kugira ntibakorere ubusa.

Ivyuma 3 bikanyisha vyonyene ni vyo birangwa aho mu Mvugo. Ni mu gihe amato aroba ashika 270 ari yo azwi akorera kuri uwo mweha. Ku Muguruka co kimwe n’i kabonga ho nta n’icuma na kimwe gikanyisha bafise. Ingaruka ntizitevye kwibonekeza.
Nk’uko bishikirizwa na Vincent Sindiwenumwe, aserukira koperative y’abarovyi y’aho mu Mvugo, nk’umukeke wahora udandazwa 5000F uca ukoroka ukaja hagati ya 3500F na 4000F kuko uwawurovye aca awutanga amera nk’uwuwikiza atinya ko wohava umuborerako.
N’ubwo n’ivyuma bikanyisha bidakwiye, amatara n’amazi biguma bicikagurika na vyo biza bisongera isibe mu gihe muri ino minsi mikuru abarovyi baba biteze kubukura mu cibo. Nkako zironderwa ku bwinshi, ubona ko baba abahita canke ababa mu karere barondera utw’iyo minsi idasa n’iyindi.
Ukwo gucikagurika kw’amatara biratuma kandi badashobora kwamana ibarafu bashira mu masandugu y’indagara canke imikeke bagiye kugurisha kure kugira amafi ashikeyo atarononekara
None bariko babikika gute ?
Indagara zanikirwa ku buyungiro. Iyo imvura iguye, baca bazipfuka n’isashe bigatuma zitavyiga canke ngo zicike inyamununga (indagara zononekaye kuko zacumbacumbanye, n’iyo akazuba kabonetse mu nyuma uziriye uca usanga zibaba ku rurimi).
Imikeke iyo yababanye myinshi barara barayiyiga bakabona kuyidandaza. Mu kuyiyiga, babanza kuyizinga. Bagaca bazishira ku biti (imigeto). Baraheza bagacana umuriro, amakara bakayasanza, bakaba bapanze amatafari maninimanini canke amabuye hirya no hino y’umuriro, bagaheza bagafata vya biti biriko imikeke bakabitambika hejururu kuri ya matafari.
Uruhande rw’amafi barabishije ku muriro ruhiye (rwumutse) baca bahindukiriza ku rundi ruhande na rwo rugata amazi bagaheza bakazikurako, bakazisanza ahantu kugira ngo zibanze zihore bakazikura kuri vya biti zahoze, mu nyuma bakazigurisha.
Bivanye n’uko hariho ubwoko bw’amafi batayiga nka kapitene, inonzi, inkuhe n’izindi, Vincent Sindiwenumwe asaba ko bofatwa mu mugongo bakaronswa ivyuma bikanyisha kugira ngo ntibabandanye bakorera mu ruhombo. Agasaba kandi ko ababijejwe bofasha umuyagankuba ntuze uracikagurika kuko amafi aca apfa.
Inkuru yatohojwe na Léonce Ntakirutimana yandikwa na Révérien Niyorugira




