Jimbere

ikirundi French English
UBWOROZI

« Maison du Fermier » : Bahora babundikira amagi y’inkoko none ubu bageze ku y’isazi

Ubuheruka twari twabamenyesheje ko ikigo « Maison du Fermier » kiriko gitanga inyigisho z’ukwororera amafi ku mitumba, kwibundikirira amagi y’inkoko ubwawe, kworora kijambere ingurube hamwe n’ibindi bitungwa bitobito. Uno munsi bageze ku kubundikira amagi y’isazi  avamwo inyo z’isazi inyuma y’iminsi 9.

Uruhigi rw’ayo magi rumaze iminsi rubera mu mashamba atandukanye. Nk’uko Ir. Wilbert Dusabe yatanguje ico kigo abimenyesha, kugira ngo izo sazi zishwabaduke ziza guta ayo magi baba barondera ivyo bazi zikunda, bakabishira ahantu, na zo zigasidukana n’iyonka ziza zivyisunga. Zigiheza kuyata, baraheza bakungururiza ahantu bimwe za sazi zari zarundaniyeko bakabivanga n’imicafu bakayabundikirira aho.

Izo nyo bazihigako iki ?

Ni ubuhiye kuri bo. Bazikorako mu kugaburira amafi bororeye ku mitumba hamwe rero n’inkoko. Umuhinga Dusabe amenyesha ko ari akarusho kadasanzwe kuba yaragunduye iyo ngaburo kuko, kiretse ko zitunze indemamubiri nyinshi ibitungwa bikenera cane, ngo ntakivunika ngo aja kugura ibifungurwa vy’ubworozi bw’amafi bw’ikigo ciwe.

 Dusabe arongera ati : « Mu bisanzwe isomvyi kugira ngo ikwize amagarama 1.200 mbone kuyigurisha vyahora bintwara amezi 6 yose kandi bikansahura uburyo bwinshi bw’ibifungurwa ngurira kw’isoko. Ubu ndayigaburiye izo nyo z’isazi, mu mezi 4 gusa iba ikwije ivyo biro nkaheza nkayigurisha ».

Burya mu vyokurya vy’ibitungwa umugwi w’ingaburo usanga ukenewe cane ngo ni ndemamubiri. Mu gihe isoya zisanzwe zizwi nk’igiterwa gitunze ndemamubiri nyinshi, Dusabe amenyesha ko nyabuna yasanze  inyo z’isazi zifise indemamubiri isumba iy’isoya incuro zitanu.

Vuba ngo bagiye gutangura kwiruka kw’isazi bazifate bazugaranire ahantu zize zibaha amagi batarinze kuja kuzitegera mw’ishamba maze amagi baze barayakumakuma bayabundikira batavunitse.

Amasoko aratanguye gucanacanako arondera izo nyo

Ir. Wilbert Dusabe amenyesha ko mu gihugu giharanira Demokarasi ya kongo hari abatanguye kuzimutuma eka n’aha mu Burundi abasanzwe bafise ubwororero bw’amafi ngo bariko baramusaba ko yozigwiza bagaheza bakaja baramushorera

Dusabe na we ubwiwe akaba anezererewe ubwo buhinga yavumbuye  kuko ngo ata biciro vy’ibifungurwa vy’amafi bizosubira kumuvuna isazi zigihari, eka mbere ariyemerera ko ari we abaye uwa mbere mu Burundi atanguje umugambi wo kubundikira ayo magi y’isazi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top