Jackson Quincy Nahayo, yize ivy’ubuganga, yatashe i Burundi avuye Canada mu 2015. Yahise yubaka ibitaro ku mutumba Gasenyi asanzwe avukako (mu ntara ya Cibitoke). Ivyo bitaro kuva bitanguye gukora, vyagiye birahura n’ibihuhusi vynshi. Bitatu nyamukuru ni : ubukene bw’amatara, amazi ndetse n’ikarata zo kwivurizako.
Bamwe n’abandi, bokwibaza bati : Kuki ari we vyabaye ngombwa ko yandikwako ? Kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaratunganirije inama kw’ihoteri Tropitel y’i Gitega ihuza abagwizatunga n’abategetsi batandukanye bagize inzego za Reta. Muri abo Jackson* na we yarimwo. Nk’uko uwu musore yabitumenyesheje, iyi nama yari iyo gushinga komite ijejwe gukurikirana ibibazo vy’iterambere ry’ubutunzi no kugwanya ubukene mu gihugu. Agira ati : « Mu nteguro zacu, tuzohora tugiriranira imibonano, dutunganya twongera dushikiriza Reta ivyiyumviro bijanye n’iterambere ». Ni no muri iyo nama yaciye ahabwa agatazirano n’umukuru w’igihugu Ndayishimiye kagira gati : « The grassroot entrepreneur » (umuntu w’imigambi iteza imbere we n’abandi).
Nuko, ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Mukakaro, ikinyamakuru Jimbere caciye gihaguruka kija kwibonanira n’uwo musore muvuzi, ku mutumba wa Gasenyi, uri muri komine Buganda, intara ya Cibitoke. Twamusanze atamerewe neza mu mubiri, amagara yamukitse kubwa marariya. Naho biri uko, yarinanase aratwakira. Naho muri rusangi, abishingira imigambi, usanga uko batanguye biteye igomwe, wewe birarenze. Nako hari n’umugambi w’uko inkuru ziwe zizokurikiranirwa neza ku mboneshakure.
Intambamyi zikomeye agira
Ni koko ivyo bitaro vyinjiwe ku mugaragaro mu mwaka wa 2016 kandi bija bifise ibisata vyose bisabwa: aho gupimishiriza imbanyi « échographie », ahavurirwa abana, igisata co kubaga, ic’abagwayi b’imitima , n’ibindi. Ivyo bitaro birafasha, kandi bikorohereza abagwayi, baba abo mu kibano canke abavuye kure. Jackson agira ati : « Nk’akarorero, aha igiciro co gusuzumisha uko umwana ameze mu nda, ni amafaranga 5.000 mu gihe mu bindi bitaro arenga 10.000 ». Ariko naho biri uko, indoto ziwe zigomerewe n’intambamyi zitoroshe.
Jackoson agira ati : « Kuri uwu mutumba, nta muyagankuba wari uhari, ariko ibi bitaro bimaze kwubakwa, naritaye ku biti no ku mabuye ndawukwegesha. Ariko rero bivanye n’uko n’abanyagihugu usanga ari wo bakoreshako, ibitaro bica bironka muke (Volts 180 mu gishingo ca Volts 220). Ingaruka : Kuri ibi bitaro twari dusanzwe dufise imashini nyinshi zikorana n’umuyagankuba. Muri zo hari izamaze gupfa kandi ni uruhombo rudasanzwe. Mu kwezi w’icenda kw’umwaka wa 2019, twarandikiye Regideso n’ubushikiranganji itwarwamwo dusaba « transformateur » y’umuyagankuba, n’uno munsi nta nyishu ».
Iyindi ntambamyi, ni ubukene bw’amazi. Jackson asubira ati : « Mu vy’ukuri baba abagwayi, canke abakozi bo kuri ibi bitaro barakenera amazi cane. Ni ikibazo gikomeye. Mu kuba turiyungunganya, twarubatse neza ikigega co mu kuzimu, dushinguramwo amazi, ariko bivanye n’uko akenerwa cane, atubana make. »
Iyindi ntambamyi ni iy’uko usanga hari abagwayi batishoboye bitura ivyo bitaro ariko bidakunda ko bakoresha ayo makarata. « Dukunda kwakira abagwayi baremvye cane kuko baba batagira uburyo bwo kwivuza, ivyo bigatuma babanza kuja kumara iminsi mu vyumba vy’amasengesho, babona ko ivyizigiro vyo kurokora ubuzima vyarengewe, bakabona kuza kwa muganga. Akenshi bene abo bagwayi ni bo bavuzwa imiti ya menshi. Umwe arashobora kuvurwa ku mafaranga angana canke arenga 500.000 y’amarundi ».
Akamo …

Ivyo bitaro vyigenga ntibigira ababifashe mu mugongo, ari na co gituma atari icoroshe kwakira abagwayi benshi ba ntahonikora. N’uburyo buke bironka, binikorako, buva mu migambi y’uburimyi n’ubworozi bw’amafi n’ibindi bitungwa, bihagarikiwe na Jackson nyene, mu makomine ya Murwi na Buganda.
Jackson ati : « Natanguye ibi bikorwa mfise amahangiro abiri : kugwanya inzara n’ugufungura nabi ariko kandi n’ukuronka ibikoresho vyankenerwa vy’ibi bitaro. Kuva dutangura gupima ingwara twasanga ingwara nyinshi ziva ku gufungura nabi kuko burya bituma umubiri udashobora kwigwanira neza. Igice kimwe c’umwimbu ndonka mu burimyi rero ndagishora, nkinjiza amafaranga aharurirwa mu miriyoni zinaka, ikindi nkagisabikanya n’abatishoboye. Ni co kimwe no ku mwimbu w’ubworozi bw’ibitungwa n’amafi. »
Naho yaragwaye, igihe twashika kwa Jackson, yarinanase aradutembereza aho yahoze ashingura ibikoresho vy’ibitaro vyiwe, hahindutse aho akinga umusaya. Vyari bihimbaye ariko aratuzungurukana, mu bisata vy’ivyo bitaro, aducisha mu vyumba vy’abagwayi, ntiworora. Ese ahaye ayagisha abagwayi n’abagwaza amajana n’amajana ho, vyari biteye igomwe. Vyaragaragara koko ko uwugwariye muri ivyo bitaro yisanzura nk’uwuri mu muryango. Nah’inzego zishobora gutorera inyishu birya bibazo vyose vyiganwe aho hejuru, mu ntumbero yo gutsimbataza indoto za Jackson.
*Uwo musore w’ubwitonzi bwinshi ntiyashimye n’uko igarade ryiwe ry’ubudogiteri ryandikwa muri iki gisomwa.
Jackson yatanguye kwibako kuva afise imyaka 6 Jackson agira ati : « Mu vy’ukuri, ntayo ntayo ntabonye kuri iyi si ; nimba ari umuriro narawose ariko kandi n’ibihe vyiza narabibayemwo ». Nabayeho mu buzima bukikijwe n’ibisika vyinshi imbere n’inyuma, mbaho ntagira Shinge na Rugero ». Jackson yatanguye kubona amakuba mu mwaka wa 1993, aho intambara yatera mu gihugu. Avuga ko atokubwira ingene yarokotse kuko yari yamaze kubona isura y’urupfu. Yatandukanye n’abavyeyi biwe ku myaka 6, ahungira muri kongo mw’ikambi y’abarundi, ari na ho yatanguriye ishure ry’ubuzima bwo kwibako. Ivyamuayeko vyari umusaraba uremereye kuri we, ariko yategerezwa gukora, nta kundi yari bubikike. Jackson agira ati : « Aho nagiye gusaba akazi nabeshe ko nsanzwe menyereye ibikorwa vyo kuragira Kugira ngo ndonke utwo ntamira (mu vy’ukuri nubwo i muhira twari aborozi, sinaribwigere nja kuragira na rimwe kuko narinkiri muto). Hari urugo muri Kongo naciye ndonkamwo ako kazi ariko ivyo nari niteze vyabaye ikinyurane kuko urwo rugo rwamfashe nabi cane : « Iyo ndeka guhembwa udufaranga basi nkafungurirwa ». Aho kuronswa ivyo nyabuna nahembwa inkoni. Imfungurwa zanje yari imyembe mibisi namura iyo nagiye kuragira, nkaheza nkayihekenyerayo. Mu gihe yariko agerageza kutwiganira ivyamubayeko, uwu musore w’imyaka 33 yaragerageza kwiyumanganya ariko biramwanka amosozi adengera mu maso. Biturutse kuri ukwo gufungura nabi kwa minsi yose, umwana yahavuye agwara. Kujanwa mu bitaro kwiwe vyamubereye igitangaza. Amaze gukira, yagerageje gukora ibishoboka vyose ngo ntasubire muri wa muryango wamuturubika. Vyaciye bigenda gute ? « Ku gihamana sinzi ukuntu nabonanye n’izindi mpunzi ziriko zija mu gihugu ca Mozambique.Bivanye n’uko ata mpapuro z’inzira bari bafise, vyabaye ngombwa ko bantora nk’umwana wabo kugira ngo babone kurengana ». Vyatevye bikunda Jackson n’abo bagenzi barajabuka imbibe. Abifashijwemwo n’abo, yaciye Asubira mw’ishure : « Ico gihe nari mfise hagati y’imyaka 9 na 10 niga mu wa 3 w’amashure matomato ». Haheze iminsi, bamwe bari bamutunze baciye bafatwa n’igiporisi bajanwa mu gasho ariko we ajanwa mw’ikambi y’impunzi imbere yo kurungikwa mu yindi kambi iri muri Zambiya. Ashitseyo, naho nyene yategerezwa kuraba utwo akora kugira ngo arabe ko aronka icorirenza. Umunsi umwe, sinzi ukuntu yahuye n’umuzungukazi w’umugira neza ariko arafasha abatishoboye kuva ubwo ubuzima bwiwe buba burahindutse. « Uwo mugiraneza yava muri Canada, yarambajije ico yomfashisha. Nishuye nshize amanga ko nipfuza gusubira mw’ishure kuko hari ijambo naguma nibuka iryo nabwiwe na mama : « Bana banje ntimuze mumere nkatwe. Murakunde ishure muzoronka ubuzima bwiza ». Niho uno muzungukazi yaha umubonano Jackson amubwira aho azomusanga bukeye bakayaga neza, n’umugabo wiwe ahari. Umunsi ugeze, Jackson yaragiye kubaza inyishu, kubw’Imana bamwemerera kumutunga no kumusubiza mw’ishure. Jackson yari umwana aciye ubwenge cane mw’ishure. Ariko rero igihe co gusubira muri Canada kigeze, kuko atampapuro zemeza ko aribo bamutunze zari zihari ntivyakunze ko bagenda bamujanye. Amaze gutandukana n’abo bazungu, Jackson yaciye atorwa na Eric, umurundi aba muri Zambiya. Haciye iminsi, yamujabukanye ku kibuga c’indege avuga ko ari inarume. Ni na we yatevye afasha Jackson kurondera abavyeyi biwe bari bazi ko yapfuye. Hari mu mwaka wa 2005 ahejeje igice ca mbere c’amashure aho yagaruka mu Burundi abonana n’umuryango wiwe, ubuzima buba burahindutse kuva ubwo.
Umwana yagenze amahanga asubira mu rugo… Ashitse mu gihugu c’amavukiro, Jackson yabanje gukangwa n’ubukene yasanze ku mutumba iwabo. « Maze gushika i muhira, hari vyinshi ntatahura. Nari mvuye muri Canada, ahantu narimfise ubuzima bwiza. Narimbayeyo mfise utuntu twose umuntu w’umusore ashobora gukenera mu kwinezereza : amahera, imiduga, gutembera n’ibindi. Rero gusanga umuryango n’ikibano bari mu buzima nk’ubwo ntivyari vyoroshe kuri jewe ». Tubamenyeshe ko uwu musore yatevye aronswa urupapuro rwo kuja kubandaniriza amashure yiwe ya kaminuza muri Canada, mu gisata c’ubuvuzi. Uko uburuhuko buheze yaca asubira muri Canada kwiga. Ariko rero ntivyamushobokeye ko abandanya amashure yiwe. « Naciye mpagarika ishure njakurondera amafaranga kugira ngo ndabe ko nogira ico mfashije ku mutumba mvako. Naciye ndonswa akazi mu gisata kiraba ivy’ibitoro, aho nahembwa amafaranga atari make ico gihe. Nahereye ku kwubaka ikigo c’impfuvyi gishobora kwakira abarenga 50, ndacubaka kandi i Gitega n’i Ngozi ». Ni ho yasubira kumarira amashure yiwe mu mwaka wa 2009. Mu nyuma yaciye ashirako ayandi mashure mu buganga nyene. Muri ico gihe yatevye ahura n’ibihuhusi vy’igiporisi, ivyatumye yumva muri we adakunze kuguma muri Canada. Agiheza amashure yiwe yaciye asubira kuba ku mutumba wa Gasenyi iwabo, afise umugambi wo kuhubaka ibitaro : « Nkiri kw’ishure narabona ko muri Canada hari aho bakoresha ivyuma bishaje mu gihe ahandi bageze ku buhinga bwo gukoresha ivyuma bigezweho vyiza. Ndi kumwe n’abagenzi banje, twaciye dusaba ko hogira igikozwe. Ivyo vyatumye bahindura ivyo bikoresho bahashira ibigezweho ari na vyo nipfuza kuzoshira muri ibi bitaro vyanje mu ntumbero yo kubiteza imbere bimwe biboneka ». Ibitaro vyitiriwe Ubuntu vyatanguye ibikorwa vyavyo ku mugaragaro mu mwaka wa 2016. Ariko Jackson yabonye n’ingoga ko abagwayi benshi bafise ikibazo kimwe : ugufungura nabi. Kubw’iyo mvo, yaciye yihutira gutangura umugambi w’uburimyi, ubworozi bw’amafi n’ibitungwa bitandukanye. « Igihe cose mu gatondo nabanza kuyagisha abagwayi kugira ngo ndabe ko twomenyerana. Ngerageje kubabaza vyinshi kugira ngo numve vy’ukuri isoko y’izo ngwara, nasanga imvo nyamukuru ari ugufungura nabi. Ngaruka mu Burundi nari mfise amadorari 50.000 y’amanyamerika. Igice kimwe cayo nagikoresha mu kwubakisha ibitaro mu gihe ikindi nakiguze amatongo yo kurima n’ubworozi kugira ngo ndonke ivyo mfashisha abatishoboye ».
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu
Igisomwa cashizwe mu Kirundi na Révérien Niyorugira




