Tumubwira abandi nayo abanyabugabira bo, baba abato canke abakuze basanzwe bamuzi cane kubw’inzu yiwe irimwo imashini zifasha mu vyo kugurukana ubumenyi « cybercafé », iherereye kure, ahikinze. Ico ciyumviro camujemwo akiri kuri kaminuza y’Uburundi, kimugumamwo gushika agishire mu ngiro, na co kiramukundira giteba gituma atorwa mu nama mpanuzwajambo ya komine Bugabira, aho ajejwe gukurikirana ivy’ubutunzi. Ni ku birometero 18 uva ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, aho ni ho akorera.
Iciyumviro c’uwo mugambi cakorokeye muri we, mu mwaka wa 2011. Ico gihe Jonas yiga mu wa mbere wa kaminuza y’Uburundi. Ni ho yabona ukuntu abanyeshure bama bakeneye gufotoza impapuro, gutyo yumva na we yotangura guca amafaranga muri ubwo buryo. Ico gihe yiga ataha mu muryango, vyumvikana ko n’amafaranga yamusohokamwo atari ikirenga, ivyatumye aca aza araziganya igice c’udufaranga yaronswa kw’ishure ku kwezi, akaja yongerezako n’utwo yashobora gutsitara aha canke hariya.
Yisubirira mu Bugabira iwabo arangije Kaminuza
Mu myaka 3, Jonas yari amaze kuziganya amafaranga angana 500.000 araheza agura imashini nyabwonko yo mu biro hamwe n’iyisohora impapuro. Ni ho yaca yimukira mu cumba c’inyubakwa za kaminuza yari ahawe, atangura gucisha za mashini ziwe udufaranga mu mpisho. Bidatevye, yagize gutya yumva bamuhaye akazi ko kwigisha ivyigwa bijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi kw’ishure ry’i Nyamabuye. Buno nyene yaciye aterura vya bikoresho vyiwe vyose yaheruka kugura aja kwugurura inzu y’iyandikiro rusangi « secretariat public », aba agize uwa kabiri ayishinze aho hantu.
Jonas akironka umushahara wa mbere, ico yihutiye kwabaye ukugura ibindi bikoresho bigezweho. Izo mashini ziwe nyene ni na zo yaza aratiza abanyeshure biwe ngo bagirireko imyimenyerezo, ivyatuma urwaruka rumukunda cane bituma aba indatwa aho ku gasoko ko mu Bugabira. Yagize ati : « Ishure ubwaryo nta mashini ryari rifise zofasha abanyeshure mu bikorwa vyo kwimenyereza. Naca nkora ico gikorwa co kubatiza izanje. Muri urwo rwaruka bamwe baraheza amashure nkaca ndabaha ibiraka tugakorana, bagateba baronka uburyo bubasahiriza mu kwirihira amashure ya za kaminuza ».

Uwo muyabaga yikorera utwiwe ni n’umuhinga mu bijanye n’ubutunzi
Ku myaka yiwe 32 y’amavuka, Jonas Ngendakumana aza ari mu bagize inama mpanuzwajambo ya komine Bugabira, akaba ajejwe igisata c’ubutunzi, kandi nta nkeka ko umwete wiwe, ukwitanga mu kibano n’ukwiyumvamwo ibikorwa vyo kwiteza imbere biri mu vyatumye yizerwa gutyo azezwa ayo mabanga.
N’umunezero mwinshi, Jonas agira ati : « Ndashimishwa cane n’amabanga najejwe kuko nagumye muri ca gisata kijanye n’ibikorwa vyo kwiteza imbere. Ubu kenshi usanga nkorana n’amakoperative y’abanyagihugu bo ku mitumba, nkagerageza kuberekera ingene bakwiye gutunganya imigambi mu buryo bwo kubakarihiriza ubwenge. Ni jewe kandi nemeza ko imigambi y’aba na bariya ikwije ibisabwa hama nkayirungika muri FONIC bagaheza bakabarungikira amahera ».
Ku kwezi inzu ya Jonas ikorerwamwo ivy’ubuhinganga ngurukanabumenyi, kwandika, gusohora impapuro n’ukuzifotora , imwinjiriza amafaranga ari hagati ya 100.000 na 300.000. Avuga ko aho mu Bugabira bitamworohera na mba kuko akunda guhura n’ibibazo vyo kutagira hafi abashobora gusubiriza ivyuma no gukora imashini ziwe mu gihe zagize ikibazo. « Birazimvye cane. Kugira ndonke umuhinga amfasha kuzikora ntegerezwa kwipakiza nkaja mu gisagara ca Kirundo ». Ariko ikibazo gikomeye ni ubukene bw’umutahe ukwiye ahandi ho nari mfise indoto zo kurangura vyinshi muri iyi komine mvukamwo ».
Twizigire ko indoto z’uwo muyabaga zizoteba zikaba ukuri zije no mu bikorwa ubona ko aho twamugendera twasanze ariko atunganiriza ku rupapuro umugambi azorengukana muri ya banki y’urwaruka BIJE.
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu
Inkuru yanditswe mu gifaransa, ishirwa mu Kirundi na Révérien Niyorugira




