Amaze kurangiza igisata ca kaminuza nderabigisha ENS ni ho Michel Ndayirukiye yipfuza gutangura gushira mu ngiro indoto yiwe y’ukworora inkoko kuva ku rigi gushika ku nkoko ikuze. Ntivyamworoheye mu ntango kuko mu Burundi buzima yabuze aho yogurira imashini zibundikira amagi. Naho biri uko iyi ntambamyi yatevye imubera akaryo keza ko kwiyumvira gutanguza ishirahamwe rikora izo mashini. Ni PMIC (Poultry Manufacturing and Incubation Company)…
Muri zone Kinama ahantu hasa n’ahinyegeje gato, kw’ibarabara rya 11 muri karatiye Carama ya mbere ni ho Michel arangurira iyo mirimo yiwe y’ubuhinga budasanzwe. Akorera mu kibanza gisa n’icinyegeje, bigatuma abantu batamenya ku bwinshi ivy’iryo shirahamwe ryiwe ariko ntaco bimutwaye kuko Kubw’iwe, ivyari bigumye vyararangiye.
Mu kwezi kwa Mukakaro 2018, ni ho uwo musore w’imyaka 30 yaheza amashure yiwe ya Kaminuza mu gisata ca « Physique Technologie », yibwira ati ntibikwiye ko nja kugwiza umurongo w’abashomeri, nyabuna reka ndangure umugambi womfasha mu kwiteza imbere. Ntiyatebaganye, yaciye yanzika ibikorwa vyo kworora inkoko n’ukugurisha imiswi yazo. Agize ngo arabaririkiriza aho yokura imashini zomufasha mu kubundikira amagi yahawe uruyambu ko zigurirwa mu bihugu vyo hanze kandi zizimvye cane. Ariko ivyo ntivyamuciye intege na mba.
Gute none yahavuye ayabundikira ?
Amaze guhura n’ikibazo co kubura imashini yo kubundikira amagi, Michel yabifashe nk’ikibazo kitoroshe ariko abwirizwa gutorera umuti, ubona ko na we ubwiwe asanzwe ari umuhinga mu bandi. Yabanje guhanuza umwigisha wiwe akunze gukora ibintu vy’ubuhinga bitandukanye, uno arushirizaho kumutera intege kugira ngo ntadebukirwe.

Mu kwezi kwa Kigarama 2018, umwe mu bagenzi biwe amaze kwumva ihangiro akabona n’ishaka afise, yaciye amugurana amafaranga 30.000 ngo arondere ibikoresho bibayabaye. Ni ko gukora imashini ishobora kubundikira amagi 94, igizwe n’isandugu, amarampuru 2, hamwe rero n’igikoresho gifasha mu kugumya ubushuhe.
Michel amaze kubona umwimbu wa mbere w’ibikorwa vy’amaboko yiwe umeze neza, ntiyicaye. Yaciye atangura kwiyumvira ico yokora kugira ngo agerageze gukora izindi mashini zirusha ubushobozi imwe ya mbere yisunze ubushakashatsi agize ku buhinga ngurukanabumenyi, ari kwo gukora izindi ziri «semi-automatiques» zinini, z’ubuhinga budasanzwe, zimwinjiriza amafaranga ningoga kurusha imwe ya mbere. Izo mashini zishobora kubundikira amagi ari hagati ya 352 na 6000, zikagurwa hagati y’amafaranga 1.200.000 na 13.000.000.
Ejo ngo niheza
Kuba ibikorwa vyiwe ata bantu benshi barabimenya vyamuteye kwama yegera abantu azi ko boroye inkoko mu ntumbero yo kwagura isoko. Ishusho y’ivyo akora muri uwo mugambi wiwe rero yagiye iba nziza kurusha kuko yaryohoye ibikorwa vyiwe kubw’inyigisho yahawe na AUF hamwe na BBIN mbere ateba arandikisha imbere y’amategeko ishirahamwe ryiwe mu kwa mbere kw’umwaka wa 2020.
Intambwe ishirahamwe PMIC rigezeko uno munsi irashemeye. Riramaze guha akazi abakozi 5 bamaho, uwujejwe kumenyekanisha ibikorwa vyaryo n’ukurondera isoko hamwe rero n’abandi 5 bakora iyo bikenewe. Ariko rero nubwo bisa n’ibimeze neza, uwo musore w’umunya Gitega amenyesha ko agifise intambamyi nyinshi nk’ukuburura ibikoresho bimwebimwe vyankenerwa ku masoko yo mu Burundi, kubura umutahe wisununuye hamwe n’ikibanza ciza co gukoreramwo. Ivyo rero biraheza bigatuma akora ibikorwa bibayabaye, bihuriranye n’ivyo aba yatumwe gusa.
Ihangiro rya Michel ngo nuko ishirahamwe ryiwe rizoshika ku rugero rw’aho rikorana n’ayandi mashirahamwe yose yo mu Burundi yorora ibiguruka. Akipfuza kandi gushinga ikigo co kwigishirizamwo urundi rwaruka ivy’ubwo bworozi.
Ku myaka 30 yiwe rero, ubu Michel ageze ku mutahe ungana ku mafaranga 10.000.000, akaba amaze kugurisha imashini zibundikira amagi zishika 26 yikoreye yahereye ku bihumbi 30 aguranwe n’umugenzi. Akaba yizigiye ko ejo hiwe n’ah’igihugu camwibarutse hazoba ari heza kurusha uno munsi.
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.




