Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Mu 2019, ibanki BGF yungutse kabiri karenga ivyo yari yungutse mu 2018

Kuva mu ntango y’umwaka wa 2019 gushika mu mpera zawo, ingurane yatanzwe yiyongereye ku rugero rw’ibice 16,32% (yavuye ku miriyaridi 77,8 ishika ku 90,5) nayo amafaranga yabikijwe yiyongera ku bice 34,37% (yavuye ku miriyaridi 96 ashika ku 129). Naho intambamyi zitabuze, imigambi ya BGF yarabandanije mu ntumbero yo gutunganiriza abanywanyi bayo, n’ubu ikiriko.

Duhere ku cegeranyo c’ivyaranguwe: n’ubwo intambamyi zitabuze, ibanki Banque de Gestion et de Financement (BGF) yagiye iratera imbere biboneka. Icegeranyo cakozwe cerekanye ko amafaranga yakoreshejwe mu mwaka wa 2019 yashitse imiriyaridi 270 z’amarundi (yiyongereye ku rugero rw’ibice 107% ugereranije n’ayakoreshejwe mu mwaka wa 2018). Hamwe n’ivyo, umwimbu wiyongereye ku bice 237% ugereranije na 2018, BGF iba yinjije imiriyaridi 8,5 mu mwaka umwe gusa wa 2019.

Kuba ibanki BGF yaronse umwimbu ushimishije nk’uwo ntivyizanye: Harabaye ibikorwa vyo gutunganya gushasha ingene iyo banki ikora mu ntumbero y’ukworohereza abayitura. Si ivyo gusa, ingingo zitandukanye zagiye zirafatwa n’urwego rubijejwe, vyihutirwa hatibagiwe ishirwa mu ngiro ry’umugambi wa 2017-2021 iyo banki yihaye.

Vyashikirijwe kuri uwu wa 20 Ntwarante 2020 aho inama nyobozi ya BGF yakorana n’abanyamitahe bayo, kuri Royal Palace Hôtel, mu ntumbero yo kugira umwirimburo w’ingene bakoze ndetse banigire hamwe n’ibindi vyokorwa kugira ngo barushirizeho gushikira n’ugutunganiriza abanywanyi.

Kuba ibikorwa vy’ibanki BGF vyariyongereye ku bice 237% ntivyizanye

Intambamyi ntizabuze kuhaba. Ariko inguvu n’ubuhinga bwo guhangana na zo vyatumye ivyamwa vy’umwaka wa 2019 bitera bija imbere. Hari nk’ingingo zihuta vyaba ngombwa ko zigenda zirafatwa mu ntumbero yo kuzamura ivyaba bigomba bibe nabi. Ikindi naco, inyungu yagiye irahabwa abanywanyi hisunzwe amafaranga baba babikije, ariko kandi n’ivyagiye birarangurwa ari nk’ukugura ibikoresho bifasha kugira ngo ibikorwa bibandanye bigenda neza…

Ibindi vyagiye birakorwa ni nk’ugukurikiranira hafi n’ukwitwararika abanywanyi, ishingwa ry’umugwi uraba ibikorwa vya BGF, ishirwaho ry’ubuyobozi bushasha bukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo z’ibanki nkuru ya repuburika y’Uburundi BRB, gukinga impanuka, ibikorwa vy’ukurimbura aho umugambi wa 2017-2021 ugeze n’ibindi.

BGF ntihengeshanya kwiyumvira ku banywanyi bayo

Hari imigambi myinshi ibanki BGF igiye kuzorangura mu mwaka wa 2020 mu ntumbero yo gushikira no gutunganiriza abanywanyi bayo : hari nk’iyugururwa ry’ibiro n’imiburiburi bibiri i Kobero mu ntara ya Muyinga no mu kindi kibanza izomenyesha bidatevye, yongere yugurure imiryango ibiri « guichets » mu gisagara ca Bujumbura.

Iyobanki igiye kuzomenyesha ibidandazwa vyayo bishasha yongere itsimbataze ubuhinga isanganwe nk’ubw’ibanki yo ku rubuga ngurukanabumenyi (Internet Banking), ibanki ngendanwa (Mobile Banking)…

BGF igiye Kwiyunga n’ubuhinga bwo guhahana amafaranga mu gihugu cose « Switch monétique national » mu ntumbero y’ukworosha ibikorwa muri iyo banki ndetse n’ukworohereza abanywanyi, kugwiza inyubakwa zayo…

Inama nyobozi ikaba yashimiye abagize uruhara bose kugira ngo ibikorwa vy’umwaka wa 2019 mw’ibanki BGF bigende neza baba abanyamitahe, abakozi bayo bitanze batiziganya hatibagiwe abanywanyi badahengeshanya kuyizigira n’ukuyitura.
Hamwe n’ivyo, inama nyobozi ihamagarira abo bakorana bose kuja ku kivi kugira ngo n’umwaka wa 2020 uze ubahire.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top