Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

«Gute uvuga ko utwakira ku buntu ariko ukadutuma kwigurira imiti hanze» ?

Mu gihe hari abavyeyi batari bake biyabira ko bagura imiti iyo bagiye kwibaruka kandi reta yariyemereye ko bazohora bakirwa ku buntu ndetse n’abana babo bakavurwa ku buntu gushika bakwije imyaka itanu, Thadée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko hari aho bikenerwa ko bayigura. Ariko rero, akagabisha abaganga bikika mu kiza ntibayitange kandi ihari, co kimwe n’ababesha ngo imiti yarakoze atari vyo.

«Umugore wanje namutanzeko ibihumbi 30.000 aho yibaruka. Nahatswe kugwana bampaye facture. Je nibaza ko ayo mafaranga ari abaganga bayiririye kuko umukuru w’igihugu yari yararivumereye ko tuzohora twibaruka ku buntu. Erega bari banse n’ukumurekura ngo atahe. Iyo ntaronka umubanga ayangurana n’ubu ni yo aba akiri». Uwo ni Emmanuel Sinamenye aba mu Ruziba muri komine ya kanyosha iri mu ntara ya Bujumbura.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, akagira ati :«Mu vy’ukuri abavyeyi bibaruka ku buntu. Ariko rero hari abatabitahuye neza. Hari ingwara bishika zikaduka abaganga bahejeje kumwakira. Muri ico gihe araheza akariha imiti yakoresheje».

Thaddée Ndikumana, amenyesha ko amafaranga arenga ibice 60% ari yo akoreshwa mu kugura imiti abavyeyi bakoresha iyo bariko baribaruka hamwe n’abana bari munsi y’iyo myaka 5. Kubw’iwe akagira ati ntakwo reta y’Uburundi itagira kuko burya nk’iyo umuvyeyi yibarutse babanje kumubaga hagenda amafaranga angana canke arenga 400.000 y’amarundi.

Naho biri uko…                                                                                                          

Ngo ubushikiranganji buramaze kubona, bwisunze amaraporo buhabwa, ko hari abaganga batanga ibitigiri vy’imiti yakoze y’umurengera canke na ho ntibaronse imiti abayigenewe, bagahitamwo  kubarungika kuyigurira hanze muri Pharmacie. Kubw’ivyo, ubushikiranganji bukamenyesha ko bugiye kuza burabikurikiranira hafi, abaganga badashimye kuvyubahiriza n’ugukurwa bagakurwa mu mabanga bajejwe.

Nayo abajejwe gutororokanya ibiharuro ku rwego rw’intara n’uguhinyuza ko imiti yakoze koko kandi yahawe abayigenewe, bahamagarirwa n’ubushikiranganji  bakukira kurushizaho kuba maso, bagakurikiranira hafi ico kibazo kugira ngo reta izohore iriha imiti yakoreshejwe koko.

Erega ngo hari abahora bashikiriza mu maraporo ko hari  abavyeyi bakiriye co kimwe n’abana kandi vy’ukuri bitigeze bishika. Ni vyo, ngo   hari aboba bahora bareka gutanga imiti, atari kugira ngo bayigurishe maze bishirire amafaranga mu mifuko yabo, ariko bakayihangira kugira ngo barabe ko boteza imbere ivuriro bariko. Thaddée Ndikumana amenyesha ko ivyo batavyerewe. Akagira ati :« Nibakoreshe imiti ico yagenewe, Reta ntizoreka kuriha imiti ibaye yakoreshejwe mu kuri». Ariko rero, muri rusangi, ibice70% vy’amavuriro ngo bikora neza.

Tubamenyeshe ko ayo majambo yashikirijwe kuri uwu wa 30 Nzero aho umushikiranganji w’amagara y’abantu yagirisha inama abarongoye intara z’ubuvuzi mu Burundi, hamwe n’abajejwe gutororokanya ibiharuro n’ukwihweza uko imiti yagenewe abana n’abavyeyi bibabaruka ku buntu ikoreshwa, mu kigo ca INSP, i Bujumbura.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top