Urwaruka rurakwiye gukurana umutima runtu, rukaruka ruzi akamaro n’ikibanza ntangere umukenyezi afise mw’iterambere ry’imiryango n’igihugu. Ariko rero ngo ntaterambere rishoboka at’amahoro ahari. Urwaruka ntirwokwibagira kandi ko amahoro meza ahera mu rugo. Ku rundi ruhande naho ngo umugabo agirwa n’umugore kuko bose buzuzanya. Ninaco gituma umugabo yotana n’ikigazuzo imigenzo n’imico icinyiza umukenyenzi
Hari mu kiyago cabaye kuri uwu wa 24 nzero 2020 mu nyubakwa za kaminuza «Lumière de Bujumbura Ku Bumenyi». Urwaruka rw’abanyeshure biga mu ma kaminuza yo mu Burundi rugize ishirahamwe BNSU (Burundi National Students Union) rwariko ruyaga n’abarukurira mu myaka, mu buhinga no mu vyiyumviro.
Alice Rwamo umwigisha mushakashatsi muri kaminuza y’Uburundi akaba arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi banonosoye amashure ya kaminuza, mu kiyago yagiriraniye n’urwo rwaruka yarusiguriye ko umukenyezi abuzwa gutera imbere no kubura amahoro n’umutekano cane cane mu rugo abamwo. Ivyo kenshi ngo biva ku bagabo bahohotera abagore babo binyegeje inyuma y’imico isanzwe ikandamiza umukenyezi.
Mu kuvuga ko abakenyezi babuzwa amahoro n’umutekano mu ngo no mu kibano, Alice Rwamo afatira ku ngingo ya ONU (Resolution 1325). Agira ati: «Imbere y’iyemezwa ry’iyo ngingo 1325 basanze umukenyezi, yicwa canke akamererwa nabi kubera ukubura amahoro n’umutekano. Muri iyo ngingo baciye basaba ko umukenyezi yo habwa ikibanza no mu bijanye no kubungabunga ayo mahoro ntabe uwuhitanwa no kubura amahoro ahubwo akaba ikiremwa ku buryo bwagutse. Aho abaye akagira ivyo ahakoze bisasagaza amahoro n’umutekano nkako ni na we yamana n’utwana dutoya twomufatirako akarorero».
Umukenyezi araburira amahoro mu dukorwa two muhira
Nikobamye Salvator ni umunyeshure yiga muri Kaminuza imwe iri mu gisagara ca Bujumbura. Afatiye akarorero k’ingene ibintu vyifashe mu Burundi, aremeza ko umugore n’umugabo badafise ibikorwa bimwe mu kibano vyerekana akarenganyo umugore agirirwa. Agira ati: « Umugore afise udukorwa twinshi umugabo atabazwa: nko gusenya, kuvoma, guteka, kwoza abana, kwahirira ibitungwa, kurima, … aho hose umugabo aba yibereye mu kabare». Uyo musore akabona ko hariho akarenganyo kajanye n’ivyo bikorwa babona ko umenga ntibiboneka umugore akora ariko ntabishimirwe.
Yishimikije icegeranyo cakozwe na Oxfam mu 2019, Rwamo na we avuga ko ico cegeranyo cerekana ko hari akarenganyo gakabije. Kuko ngo umugore akora cane siwe yisununura ku bijanye n’amafaranga. Aguma akena ata n’uwumuraba ariko ngo ugasanga umugabo ni we aca atunga cane. Agira ati: «Birababaje, uzumva hari abagabo bavuga ngo: umugore wanje nta kazi afise kandi yirirwa arakora ibikorwa mbabara muryango kuva mu gatondo gushika ku mugoroba. Ni hamwe anataha umugore akaryamira amahiri ».
Adelin Hatungimana, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe mpuzamakungu Accord afatiye ku vyashikirijwe mu kiyago barimwo, akaba yavuze ko amahoro n’umutekano bihera mu rugo imbere yuko ashika mu kibano, mugihugu no kw’isi yose. Ku bw’ivyo, urwaruka rukwiye kwaruka ruzi yuko abagabo bahamagarirwa gufashanya no kwubahana n’abakenyezi babo kugira bubake ikibano ciza kirangwa amahoro n’umutekano, ni naho bazubaka isi izira ubugunge.




