Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Ingene imyambaro mu Burundi yagiye irahindagurika

Mu Burundi, imyambaro y’abigeme n’abakenyezi yagiye irahindagurika bivanye n’iterambere igihugu kiba kigezemwo. Muri ino nkuru turabereka inyambaro zagiye ziraranga ibihe bikurubikuru vy’Uburundi.

Dufatiye ku vyo Yohani Gahama yanditse mu gitabu ciwe citwa ‘’Les vêtements en ficus au Burundi ancien’’ (Impuzu z’ibiti mu Burundi bwa kera) atubwira ko umugore yambara umukenyero n’umutamana munini washobora n’ugufuka umwana ahetse. Yarambara urutezo iyo avyaye. Mu gushaza yambara ubudede n’ubuyeye mw’izosi, imiringa ku maboko na yo ku maguru yambara inyerere.

Umugore afise umugabo yifise yagira imyambaro ibiri: impuzu z’inkoranwa n’impuzu z’inkesha zambarwa ku minsi mikuru. Abakenyezi bahumuye bari bafise gushaza kwabo bisangije aho bambara inyerere nyinshi ku maguru, bakambara n’impuzu y’ubuyonga n’iyindi mpuzu y’ibidorodomvyi hejuru ya vyose.

Abana b’abakobwa bakiri bato bambara ibikwemu bakenyerera haruguru y’igikiriza na yo abana bataragera mu bigero bagenda amenya, bakambara gusa utuntu mw’izosi two gushaza nk’utudede, uduhete n’uduheko. Aho hari ku ntwaro ya cami, imbere y’uko abazungu baza. Ni ho abarundi bambara impuzu z’ibiti. Abazungu bamaze kuza, ni ho baca basubiriza impuzu z’ibiti n’impuzu zihinguwe mw’ipampa (1900-1970).

Inyuma y’intwaro ya cami ho bambara gute?

Jacqueline Ndayisaba, uwahoze ari umunyeshure wo muri kaminuza y’Uburundi yarakoze amatohoza ku bijanye n’inyambaro. Tuvuze ubu, duhera mu 1970 gushika uno munsi aho inyambaro yagiye irahindagurika bikabije.

Muri iyo myambaro harimwo kibarananyovu: Ni impuzu zigizwe n’imvutano n’umutamana bidasa. Dufatiye ku nsiguro y’ayo majambo ikibara n’inyovu, umugore azambaye yaba ashatse kwerekana yuko afise aho arima n’aho aragira ibitungwa.

Mu 1987, impuzu y’abagore yari iharawe yari ngarukiragihugu (kuko yahuriranye n’umuzo wa repuburika ya gatatu, aho mu gihugu havugwa Inama ngarukiragihugu). Iyo mpuzu yarera imbere, inyuma na ho ikagira umubiri ukakaraye, unyagara nk’akamwanya uyikozeko.

N’imbere yuko haza ivyo kwambara amakanzu yera ku bugeni, abageni Bambara ico bita kibuga canke ishiti: zikaba zari imvutano zera derere, abandi na bo bazita kibuga ca Bagaza kuko zasohotse ku ntwaro ya Bagaza. Nya mvutano bakunda kuzambarana n’udupira bita muhagatébe.

Abagore bo mu kinjana ca mirongo ibiri na rimwe bashaza gute?

Umuntu agiye arihweza mu manza zitandukanye, turabona yuko imideri yagiye irajana n’ibihe, aho mbere no mu manza z’impfu usanga umugore canke umukobwa yambaye ipantaro. Nayo inyambaro ya Ngazingazi ni yo yashoboye kugumaho kuva 1970, nayo ikaba ari uburyo bwo kwambara  ibitenge bibiri ubisumbanije, kimwe kikaba kirekire ikindi kikaba kigufi, kikagarukira hepfo gato y’ikibuno.

Naho biri uko ntibibuza ko iyo mpinduka ifatiye ku kuntu umuntu yambara iguma itera imbere ariko yisunga imideri ya kera.

Inkuru yatororokanijwe na Peace Sekamwese, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top