Haraheze ikiringo cababa amezi 2 ata murwayi n’umwe yibonekeza afise ibimenyetso vy’indwara ya Choléra. Ni inyuma yaho ico kiza cibonekeje aha mu Burundi kuva mu kwezi kwa gatandatu 2019 mu ntara zitandukanye. Nkuko mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu babimenyesha ngo barashizeho ingingo zo kurwanya no kugerageza gutuza ico kiza.
Kuva mu kwezi kwa 6 kw’umwaka uheze ikiza ca choléra caribonekeje mu mihingo itandukanye y’igihugu aha twovuga nko mu ntara ya Bujumbura Mairie, Bujumbura Rural, Cibitoke n’igice gitoya ca Bubanza, aho abantu bagera kuri 1087 bashoboye gufatwa n’iyo ndwara, abashika kuri 6 na bo bakaba baritavye Imana, nkuko bishikirizwa na Jean Bosco Girukwishaka umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Ubukene bw’amazi meza, ukutamenya n’ukutubahiriza amabwirizwa y’isuku, ni bimwe bikunze gutuma ico kiza gifata abanyagihugu. Iyo rero ico kiza cibonekeje, abana hamwe n’abakenyezi ngo ni bo bakunze gufatwa cane kubera aribo baguma hafi y’imyanda mu gihe baba bariko barakora udukorwa two muhira. Muri ico gihe ikiza kije gishikira kuribo. Nkuko uwo muvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu abandanya abivuga.
Ibiriko birakorwa mu kurwanya ico kiza
Mu ntumbero yo kurwanya ico kiza ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwarashizeho ibigo vyama vyiteguye kwakira uwo wese babonyeko ibimenyetso vya Choléra: « Twarashizeho ibigo, abaganga hamwe n’ibikoresho kugira hacibonekeza umurwayi bace bamukurikirana na cane cane ko tuzi ko iyo ndwara yica vuba na vuba kandi ikarandagata ningoga ».
Na cane cane ko mu bitera ico kiza harimwo isuku rike mu bushikiranganji babandanya bahimiriza abanyagihugu ko boza barakurikiza amabwiririzwa 10 y’isuku ariyo : kunywa amazi meza, kwimba akazu ka sugumwe, kwegeraniriza iyarara mu mifuko canke kwimba nyabarega aho bikenewe, gufundikira amazi n’ibifungurwa mu kubikingira inkungugu n’amasazi, kuronga imfungurwa ziribwa zidatetse imbere yo kuzihereza, kugirira isuku uburiro amasoko ubunywero n’ibindi bibanza bikoraniramwo abantu benshi, guha umurwayi ivyo kunywa birimwo ivyunyunyu, kwirinda gukorana mu ntoke mu gihe c’indwara ya korera hamwe no gutabariza umurwayi wa choléra mu kumujana kwa muganga.
Nubwo biri uko m’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu baripfuza kuzoshiraho urucanco rukinga iyo ndwara ya choléra muri kazoza. Muganga Girukwishaka ati:« Nkuko vyagiye biribonekeza indwara nyinshi zariho kera nk’agasama, ibigoga n’izindi vyatujijwe igihe hagiyeho urucanco rwazo. Nico gituma n’iyi ndwara ya choléra twizeye neza ko nihajaho urucanco rwayo tuzoshobora kuyituza nkuko kw’izo zindi ndwara ».
Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




