Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Kubw’umugambi «Menyumenyeshe», gutwara inda mu mashure bigiye gutuzwa

Si agasesehwa rumuri, ikibazo c’abigeme b’abanyeshure batwara inda kiriho mu Burundi. Kandi bigira ingaruka mbi ku bigeme kuko bamwe baraheba kwiga burundu, hari mbere n’abaca barongorwa hataragera. Eka n’abagaruka kw’ishure bamaze kuvyara bahura n’ingorane zitandukanye. Ni co gituma umugambi Menyumenyeshe urangurwa na Cordaid ico kibazo wagifashe nka nkama.

Nkuko biri mu cegeranyo giheruka gusohorwa n’ubushikiranganji bw’indero bw’amashure y’intango, mu mwaka w’ishure wa 2017 ushira uwa 2018, abanyeshure barenga 260 000 ni bo bahevye ishure. Muri bo, abakobwa 1 798 bahevye biturutse k’ugutwara inda z’indaro.Ni mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP ryari ryerekanye ko mu mwaka wa 2009 na 2012 barenga 4700.

Kimwe mu bituma abanyeshure batwara inda ngo ni uko usanga ari abayabaga kenshi ugasanga ata buryo bafise bwo kwikenura bikabaviramwo guhurumbira ababahendesha utuntu babaha. Mugabo kandi ngo biranava no kubera ata nyigisho canke impanuro baronka ku vyerekeye ubuzima ndoragitsina n’irondoka rijanye n’amagara meza. Usanga rero iyo haje uwushaka kubahumbisha batazi neza inyifato bagira. Ariko, ngo n’itituka ry’imico hamwe n’indero iriko irata akanovera na vyo nyene ngo biri mu bituma abakuze batakigira ico bibanga, ntibagere umutwe abana b’abigeme baciga.

Ingaruka mbi kubigeme ni nyinshi. Turetse ko birukanwa kw’ishure n’imuhira ntibiborohera kuko hari abaca bangazwa, canke ukamengo babaye ibicibwa mu muryango. Bitayeko, mu kibano uca umenga nta gaciro bagifise. Mbere n’iyo basubiye kw’ishure ntibarabwa co kimwe n’abandi banyeshure. Hariho abahera aho bagaca batangura kumererwa nabi bagahinduka bantaho nikora kuko hari igihe imiryango idasubira kubafasha. Ariko ngo n’abahungu baciga batera inda abandi banyeshure ntibiborohera, na bonyene barahura n’ingorane kuko basigaye bahanwa. Abakuze bataye ibanga bakagoka na bo nyene ntibosya bwose kuko iyo bamenyekanye bahanwa cane.

« Nta swingi ibura suite »

Cordaid ifadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, ubushikiranganji bwo gushigikirana hamwe n’amashirahamwe ya UNFPA na Care, babicishije mu mugambi Menyumenyeshe, baratanguje isekeza ryo kurwanya ako kabi kabangamiye urwaruka ruri mu mashure. Ubuyobozi b’indero inyigisho z’imyuga n’ubuhinga bwa komine ya Bisoro iri mu ntara ya Mwaro na bwo bwafashe iya mbere mur’iryo sekeza ryitiriwe « Zéro grossesse à l’école ».

Bwakenyeye ziraguma kugira bwigishe abanyeshure irondoka rijanye n’amagara meza bubicishije mw’ihiganwa ry’udukino no mu bicapo. Muri utwo dukino urwaruka rwahanurana ruriko ruratwenga, bamwe bati « Ntaswingi ibura suite », abandi ngo « Umusore ahuma ahumura ahumiwe ». Lycée Communal Bisoro ni yo yabaye iya mbere kubera akaririmbo kagira gati « Abo ba motards barabahenda, Turwanye inda z’indaro mumashure », ahandi naho ngo « Agapfa kaburiwe ni ’impongo ».

Inyuma y’amahiganwa umuhanuzi ajejwe inyigisho mu ntara ya Mwaro, Mélance Nkurunziza, yarahanuye urwaruka ko impanuro bumvise batozifata nk’ibikino ahubwo bozigendera mu buzima bwa minsi yose.

Mu buyobozi bw’indero bwa komine Bisoro mu mwaka w’ishure wa 2016-2017, ku banyeshure 2 296, abigeme 14 baratwaye inda. No mu mwaka wa 2017-2018 bari 10 kuri 2 320 biga muri ubwo buyobozi. Mu mwaka uheze bari 8 ku banyeshure bose hamwe bangana 2 936.

« 🔴 Ishirahamwe Cordaid rifadikanije n’ubushikiranganji bw’indero, hamwe na UNFPA, babicishije mu mugambi Menyumenyeshe baratanguje isekeza ryo kurwanya ikibazo c’abigeme b’abanyeshure batwara inda . Uburongozi bw’indero bwa komine ya Bisoro iri mu ntara ya Mwaro na bwo bwafashe iya mbere mur’iryo sekeza ryitiriwe « Zéro grossesse à l’école ». »

From Umugambi Menyumenyeshe mu ntara ya Mwaro. Posted by JimbereMagazine on 12/19/2019 (47 items)

Generated by Facebook Photo Fetcher 2
Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top