Ce 30 novembre 2019, phase aller ya Primus Ligue yararangiye. Mu gihe Messager Ngozi ariyo irongoye ihiganwa (32 points), mukeba wayo bisangiye igissagara Ngozi City niyo yanyuma ku manota umunani gusa ifise. Jimbere iragaruka ku vyaranze ico gice
« Phase aller muri rusangi yagaragayemwo une compétitivité de toute part. N’ikimenyamenya, équipes zari zimenyerewe mu bibanza vy’imbere nka za Aigle Noir, Vital’o, sizo zihari » observe Ismaël Kwizera a.k.a Nahodha, un des grands noms du journalisme sportif local.
Gushika aho championnat igeze, nta équipe n’imwe itatsinzwe. Messager Ngozi ni yo équipe yatsinzwe gake (1 fois), Ngozi City na yo itsindwa nyishi (11 fois).
B.S. Dynamique itwara i drapeau mu kunganya incuro nyishi (7 fois), mu gihe Les Lierres ariwo wanganije gake (1 fois).
Messager Ngozi na Flambeau de l’Est bisangiye ikibanza co kuba batsinze matchs nyinshi (9), mu gihe Flambeau du Centre icigaruka igasangira na Atletico Olympique ikibanza c’imigwi yatsinze ibitsindo vyinshi (27 buts), nayo Ngozi City ikaba yaciye umuhigo mu gutsindwa ibitsindo vyinshi (32 buts).
Des équipes en quête de titres
Muri phase aller ya Primus Ligue y’uyu mwaka, nta équipe yatinya iyindi. Vital’O, igihangange muri kahise ka football burundais nticabujije ko Ngozi City ya nyuma iyirahira.
Kandi ni uko nyene haburana babiri hagatsinda umwe, urabona ko na Musongati hamwe na Bumamuru FC ata mahoro vyiteguriye guha iziri imbere yazo. Twitege ko bizomera nka Premier League yo mu mwaka uheze aho Manchester City yatwaye igikombe inyuma yo kumara toute la phase retour irusha inota rimwe Liverpool?
Ibiharuro vyo ku kibuga ico vyerekana umenga vyoshoboka ko Messager Ngozi itwara igikombe cayo ca kabiri, kuko iruhande yuko ariyo ifise défense ya mbere ikomeye (niyo imaze gutsindwa ibitsindo bike, 8 buts seulement), ifise n’umunyegori wa mbere muri championnat kandi n’abakinyi nka bose baramenyeranye kuko barakuranye.
A moins que, Vital’O (5ème) ou Aigle Noir (7ème) zokora ibitangaza muri phase retour, et surtout Musongati canke Flambeau du Centre zosamara.
Des équipes de renoms zugarijwe n’ibibazo
Iyo umuntu avuze football burundais, uhita wumva za Vital’o, Atletico Olympique, Lydia Ludic. Iyindi équipe iriko irondera ikibanza muri iyo migwi, ni Aigle Noir. Mugabo nayo yagize erreur yokwiyumvira kugurisha tous les cadres dont Nyange, Muryango, Titi bari bafatiye runini iyo équipe, irabahagarika. Ica irata ikibanza muri championnat. Imaze gutahura iryo kosa, yaciye ibagarukana.
Ku ruhande rwa Interstar FC, twizere ko ibibazo bifatiye ku burongozi bigiye guhera kuko uyu munsi iramutswa le 1er Vice-Président de la République.
Kucerekeye Vital’O, umenga ibibazo bitera vy’iyagrava kuko na ‘Yaoundé’ (Kanyenkore Gilbert yitwa ko amenyereye umwuga, kuko amaze imyaka 40 ari coach), yaraye abogojwe ku bintu aba fans bayo bavuga ko ari règlement de compte.
Ikindi kibazo Vital’O yahuye na co ni uko équipe yose bari abakinyi bashasha, vyasavye un certain temps d’adaptation muri Primus Ligue.
Quant à Atletico na Lydia Ludic, icizere c’uko hari ikizohinduka uyu mwaka kiri kure nk’ukwezi ku buryo guhereza basi muri bane ba mbere yoba ari intambwe, uyu munsi zikaba ziri mu bibanza vy’inyuma.
Ihindagurika ry’aba coachs, kimwe mu vyaranze phase aller
Imbere y’uko Vital’O isubiriza Yaoundé na Omar Ntakagero, ayandi ma équipes menshi yarahindaguye aba entraîneurs. Aho turavuga ama équipes nka Les Lierres, Kayanza United, Olympic Star canke Ngozi City, Inter Star. Iryo hindagurika ry’aba coachs, ni ikigaragaza ko bose bakeneye ikibanza ciza, kiva kuri compétitivité muri ligue.
Coté organisationnel, ihiganwa ryari ritunganijwe neza muri rusangi n’ubwo hari utuntu twagiye turigaraza. Mu ntango za Championnat arbitrage yaridogewe cane, heureusement les organisateurs se sont ressaisis championnat igiye guhera ata équipe yidoga. Akandi kantu nako n’uko hari ama-équipe yahejeje phase aller ayandi atarahera. Biragaragara yuko hamwe vyoba muri phase retour vyobamwo inryane kuko ntihobura équipe ivuga ko yazize ico kugira ikoroke canke ntitware igikombe. Vyoba vyiza ko muri retour hagize équipe igira ikirarane muri retour, ico kirarane cokinwa mu mwanya muto.




