Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Giriyuja : « Inyuma y’ibarabara, hari ubundi buzima »

©Jimbere│Abana bafashijwe n'ikigo Giriyuja barakora imigambi yo kwiteza imbere

Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 26 munyonyo, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe abana bo mw’ibarabara. Uno mwaka bihuriranye aha mu Burundi Reta yarashizeho umugambi wo gukura abana bose mu mabarabara tutibagiye na bamwe basegerereza. Ikinyamakuru Jimbere rero caraganiriye na bamwe mu bana bahoze mw’ibarabara ubu bafashwa n’ikigo Giriyuja baratwiganira uko babayeho ubu.

Nduwimana Fadhil w’imyaka 17 aba ku Buterere, ari mu bana bahoze mw’ibarabara bagize amahirwe yo guhabwa inyigisho z’imyuga n’ikigo Giriyuja. Ngo ubuzima yari abayemwo imbere yuko ashika muri ico kigo bwari bugoye cane : « Imbere yuko duhura na Girayuja natoragura amakara hamwe n’ivyuma nkaca ndabigurisha. Amahera nkuyemwo ni yo nakoresha mu kugura ico mfungura. Naryama ku mabaraza canke harya barorerera cinema. Nifuka amakarato ».

Bukuru Hassan afise imyaka 18, umwe mu bana bakuwe mw’ibarabara, agira ati : « Papa amaze kwitaba Imana naciye mpagarika ishure kuko mama ntiyari gushobora kubandanya aturonkera ibikoresho twese nabo tuvukana. Ico gihe naciye ntangira kuja mw’ibarabara. Nakora akazi ko kwikorera imizigo. Hari igihe nataha muhira canke nkarara mw’ibarabara nyene. Ubwo buzima nabubayemwo imyaka irenga itanu ».

Inyuma y’ibarabara, abana barafashwa kwibeshaho

Kuva mu mwaka uheze ubushikirangaji bw’agateka kazina muntu imibano n’iterambere ridakumira bwaragiye hamwe n’amwe mu mashirahamwe araba ivy’agateka k’abana maze bashiraho umugambi wo gukura abana mw’ibarabara. Ari na wo watumye abana bakurwa mw’ibarabara.

Fadhil avuga ati : « Igihe batangura birya vyo gufata abana hari umuntu yaje atubwira ko hari ahantu twogenda maze bakatwigisha imyuga. Niko kugenda dusanga ni mu kigo citwa Giriyuja. Tumaze kuhashika umwe wese baramubaza umwuga ashaka kwiga yaba kumwa, gushona, gusudira, …wahitamwo uwo wumva ushaka ».

 Yongera ati : « Jewe nahisemwo kumwa, m’ukwezi kwa gatatu niho natanguye kwiga hama mukwa munani uyu mwaka nyene baca baraduha ama certificat yemeza ko twahejeje inyigisho. Munyuma baciye badushikiriza ibikoresho vyo kumwa hamwe n’inzu dukoreramwo ».

Ibanga ryo kudasubira mw’ibarabara

Hassan avuga ko ukudatorerwa umuti kw’ikibazo kiba catumye uja mw’ibarabara ko ari vyo bituma bagaruka : « Nta n’umwe aja mw’ibarabara ata kibazo kibiteye. Nyamba umwana agiye mw’ibarabara kubera inzara ico kibazo kitavuye mu nzira azokwama aritonda mwo minsi yose. Jewe naragize amahirwe yoguca muri Giriyuja baranyigisha kumwa ».

Nyabenda Wenceslas arongoye igisata c’ubuhinga mu kigo Giriyuja, na we akaba yarahoze mw’ibarabara agira ati :« Abana bageze ngaha ikintu tubakorera ni kubumviriza. Turafise abahinga muvy’inyifato babafasha. Hama tukabaha uburenganzira bwo kw’ihitiramwo umugambi uzomufasha muri kazoza. Aho natwe duca duheza tukamufasha mu kumuha inyigisho n’uburyo bimufasha kurangura uwo mugambi aba yihitiyemwo. Gutyo iciyumviro co gusuira mw’ibarabara kikamuvamwo ».

Fadhil ngo ubutumwa afitiye abana bakiri mw’ibarabara ngo vyose birashoboka iyo ufise ishaka : « Nkiri mw’ibarabara sinigera niyumvira ko igihe kimwe nzoba mfise salon de coiffure nigabira. Ariko ubu vyarakunze, ndambara agahuzu gasa neza, ndaryama heza, n’ibindi vyinshi. Nohanura abandi bana bakiri mw’ibarabara kwegera ibigo nka Giriyuja. Najewe ndiko ndategura kuzotangira kwigisha abandi bana uwu mwuga wo kumwa ».

Twobamenyesha ko mu mwaka uheze ikigo Giriyuja cashoboye gukura abana mw’ibarabara bashika ku 600. Muri abo 420 barasubijwe kw’ishure abandi 180 bararonka inyigisho z’imyuga. Ivyo vyose bakaba babikora bafashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’ibibondo Unicef.

Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top