Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Kubera intambamyi zo kutabona, Daniel ageze muri kaminuza afise imyaka 45

©Jimbere | Daniel Ntiranyibagira

Daniel Ntiranyibagira ni umunyeshure atabona ariko w’ingabirano nyinshi n’ugucuraranga biri mwo. Yaciye mu bikomeye imbere yo gutangura ishure ariko igihe ciwe kiratinda kirashika ariga mbere ateba aba n’umuyobozi.

Uwo munyeshure w’igitangaza yavutse mu mwaka wa 1974 muri komine Matongo iri mu ntara ya Kayanza, ku mutumba wa Kijuri. Yavukiye mu muryango ubayabaye. Abavyeyi biwe bakaba bari abirimizi ariko se akaba n’umuvumbi. Ntiranyibagira Yavutse abona nk’abandi, ahuma ku myaka 5 kubw’imbwa yamugazuye ku kuboko, abavyeyi bishinga bamuvuza mu bapfumu amaso ateba aradegera.

Inyuma y‘umwaka anyegejwe mu nzu, abavyeyi biwe batinya ku mushira ahabona ngo boba bikojeje isoni, yariganzuye uwo mwiza ajana n’abandi bana mw’ishure aho bitamworoheye na gato ariko aranangira, ubu akaba ari mu mwaka wa mbere wa kaminuza y’ivyizigiro vya Afirika.

Anyegururwa n’inyota y’ishure …

Naho yari mu rutara amatwi yo yarabanze. Kubw’agafaransa k’abana bo mu kibano ntivyamukundiye ko aguma kw’itegeko yahawe n’abavyeyi. Ni vyo ikibano ngo camushibaguza agati ngo ni ikintu si umuntu. Ariko abana bo bakamukunda kuko yakunda kubacurarangira umurya w’inanga n’igitari yigishijwe na sekuru, akanabaha ku buki n’imikate se yamuha ngo amwibagize agahinda aterwa mu kibano.

Umunsi umwe ahejeje kuvugiriza umurya w’inanga abo bana ni ho yabinginga ngo bamujane kw’ishure baremera. Umwigisha akimubona mw’isomero atatira cane abamwinjije maze baramusohora. Ntiyashizwe. Yisabiye kwigira hanze ngo apfume aza arumviriza ibivugwa, ho aremererwa. Ntiyashobora kubifata vyose ku mutwe ariko ageze i muhira yaraheza agakoranya ba bana akabazimana akaziki akabasaba ko bamusubiriramwo ivyo bize naho yatevye akurwamwo.

Ishure ry’i Gihanga riserukira abatabona, ahatorera akoyoko

Hari mu mwaka wa 1987. Daniel amaze guhungishwa n’abavyeyi muri komine Gatara kubw’ikibano cagira giti Nta mpumyi yiga, yaratevye atumwako na musitanteri yatwara ikomine ico gihe, aho yamucurarangira inanga araryoherwa mbere aca aramukundwakaza. Ni ho yamushira mw’ishure ry’intango ry’aho i Gihanga (Ecole Kanura pour les Aveugles) yigana n’abandi bagendana ubuhumyi bavuye mu mihingo itandukanye kandi aramenya neza.

Aba umuyobozi w’ishure yitangurije ku mashure atandatu yiwe

Iryo shure ayoboye ryitwa Espoir de l’avenir riri mu ntara ya Kayanza. Ryavyawe n’ishirahamwe yariyatanguje ARSAB (Association pour la Reintegration Sociale des Aveugles au Burundi), aho yigisha abagendana ubumuga bwo kutabona. Inyuma yo kubona ko hari abo yaramuye bashobora kubandanya ibikorwa ni ho yigira inama yogusubira kwiga.

Mu mwaka wa 2010 ni ho yatangura ishure ryisumbuye mu Kabezi kuri Ecole Secondaire de la Grace aho yahavuye ahereza mu gisata c’ubucamanza mu 2017- 2018, aboneraho no gutora ikibazo ca reta araheza aja kuri kaminuza Espoir d’Afrique ari na ho yiga mu mwaka wa mbere.

Abigenza gute mw’ishure ko ubu yigana n’abadahumye

Kuri uwo munyeshure, amatwi afise ibikorwa bibiri : Kwumviriza n’ugusoma. Mwarimu akira ku mwicarika imbere kandi akigisha avuga. Bimwe abifata ku mutwe, ibindi akabifata amajwi. Hageze igihe c’isubiramwo, araheza akumviriza ya majwi gushika abifate ku mutwe. Hari naho biba ngombwa ko asaba ivyigwa kuri « flash disc » akaja kwumviririza i muhira canke akavyandika akoresheje ya nyandiko y’abatabona, « braille ».

Hageze umwanya wo gukora ubushakashatsi, akoresha imashini yiwe ikamusomera nawe agaheza akabanga amatwi. Mu gihe c’ibibazo naho yishura ku munwa kuko avyanditse mwigisha atoshobora ku bisoma.

Daniel Ntiranyibagira akaba avunira akagohe abandi bana bagendana ubumuga bwo kutumva ko batokwikengera, ahubwo nyabuna ngo bakunde ishure. Nayo abajejwe indero, bakabaronsa ibikoresho nk’imashini zifise « logiciel » isoma ivyanditse kuko amatwi akomeye vyose birashoboka.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top