- Uwo mugambi watanguye mu 2016. Ukaba ushirwa mu ngiro mu ma komine yose y’igihugu n’ishirahamwe Cordaid rifadikanije na Care International Burundi hamwe na UNFPA.
- Washizwe ho kugira ngo ufashe urwaruka rufise imyaka iri hagati ya 10 na 24 kuronka inkuru z’imvaho ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.
- Uwo mugambi ufashwe mu mugongo n’ubuserukizi bw’ingoma y ‘ubu Hollande mu Burundi, ushingiye ku mavuriro abiri « Mugenzi w’urwaruka » kuri buri komine.
Cordaid iriko irangurira uwo mugambi mu ntara 8 : Rumonge, Makamba, Karusi, Cankuzo, Mwaro, Muramvya, Rutana na Bururi. Ikorana n’amavuriro magenzi y’urwaruka 2 mw ‘i komine. Ivuriro iryo ari ryo ryose rikorana n’imitumba itanu n’amashure ane biyegereye. Umutumba umwe wose ufise umugwi w’urwaruka ruri hagati ya 25 na 30. Ni muri uwo mugwi urwaruka rutize canke rwahagaritse amashure ruronkeramwo inyigisho z’irondoka zijanye n’amagara meza n’impanuro zitangwa n’abunganirarunganwe.
Kugira ngo bahimirize urwaruka kwitabira iyo migwi, uwo mugambi kandi waranayifashije gushiraho agasandugu ko kuziganya no kuguranana hagati y’urwaruka. Intara ya Rumonge rero igizwe n’amakomine 5. Ikaba ifise amavuriro 10 ahuza imitumba 50. Bisigura ko imigwi 50 isanzwe ihurikiyemwo urwaruka rugera ku 1500.
Mu mashure na ho, umugwi (Club de santé) wa Menyumenyeshe ugizwe n’abanyeshure bababa 80. Mu mashure ubushikiranganji bw’indero bukaba bwarashize ho abo bita aba « Pères » n’aba « Tantes » bumviriza abanyeshure boba bafise ingorane zitandukanye hari mwo n’izerekeye amagara yarwo. Nk’akarorero : intara yose ya Rumonge ifise abanyeshure 3200 bakurikirana inyigisho za Menyumenyeshe. Bose hamwe abize n’abatize, urwaruka ruronka izo nyigisho mu ntara ya Rumonge ni 4 700.
Ariko rero ivuriro rigize ipfundo rikuru ry’urunani runini rugize Menyumenyeshe. Turetse iyo migwi duhejeje kuvuga, muri urwo runani hari mwo kandi ibigo vyo guteza imbere ingo n’imiryango (CDFC), abajejwe intwaro, eka mbere urasanga mwo n’abarongoye amagara y’abantu ku rwego rw’intara n’uburere bushushanywa nk’amaso y’urunani, uburongozi bw’indero ku rwego rw’intara n’amakomine na bwo bugashushanywa nk’amatwi yarwo. Eka mbere n’abarongoye amadini n’abavyeyi bakaba batibagiwe.
« Urwaruka rwitura ivuriro rwagiye ruriyongera kuva uwu mugambi utanguye »
« Twakira urwaruka ku wa gatandatu no ku wa mungu kugira tururonse ubumenyi n’impanuro ziraba irondoka rijanye n’amagara meza tudasize inyuma inyigisho ndoragitsina. Ariko kandi, nk’uwuba afise ingorane zijanye n’ivyo, tumwakira buri munsi, ijoro n’umurango. Uri abaje gusaba impanuro zitandukanye, uri abafise ingwara zifatira ku gitsina, uri abatwaye imbanyi batipfuza, eka bose baratwitura tukabatunganiriza », ivyo vyamenyeshejwe n’umupfasoni Epiphanie Barakamfitiye, icegera c’uwurongoye ivuriro « Mugenzi w’urwaruka » ryo mu Minago.
Arongera ati: « Uko umugambi Menyumenyeshe wagiye uraja mu ngiro ni ko urwaruka rwitura ivuriro rwagiye ruriyongera ». Abajejwe amagara y’abantu bashika 255 bararonkejwe inyigisho z’irondoka rijanye n’amagara meza zigenewe urwaruka mu ntara ya Rumonge, co kimwe n’abo bita aba « Pères » canke aba« Tantes » bashika 80.
Ico ni co catumye mu mashure ashika 40 haba ho abajejwe kwumviriza ibibazo urwaruka rufise. Kuva rero umugambi Menyumenyeshe utanguye, amavuriro 10 yo mu ntara ya Rumonge aramaze gufasha urwaruka incuro 55 382 mu bijanye n’inyigisho z’irondoka rijanye n’amagara meza. Nayo guhera mu kwezi kwa myandagaro kw’uyu mwaka abunganirarunganwe batanguye gukora neza, aho 181 mu bo bamaze kwumviriza barungitswe ku mavuriro atandukanye y’iyo ntara kugira batunganirizwe.
Hoba hari akamaro Menyumenyeshe ufitiye urwaruka?
Zawadi Iteriteka wo mu gacimbiri Bigiri ka zone Minago, ahurikiye mu mugwi Haguruka dukore, agira ati: « Ntitwari tuzi ko abakiri bato boja hamwe bakigishanya irondoka rijanye n’amagara meza. Abakobwa baraciye ubwenge ubu si ugupfa kubahenda. Mu Minago inda z’ishushu zari zigisibije, tutavuze ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, ariko ubu ivyo gutwara inda vyaragabanutse ndavye mu kibano ».
Menyumenyeshe yarafashije cane urwaruka kwimenya no kumenya imibiri yabo kugirango bahinduke bongere bahindure ingendo bamenye gutegura kazoza kabo. Kandi ngo inyigisho baronka ziranabafasha kugwanya inyosha mbi. Ivyo na vyo ngo birabonekera mu ngiro.
Ezekiyeri Ntutura ni uwatowe nk’umuvyeyi w’akarorero ku mutumba na zone Minago mu mugambi Menyumenyeshe. Aremeza ko ubuhumbu, amarigara y’urwaruka rw’imburakimazi n’ubundi bubegito bwagabanutse aho aherereye. Ariko arongera ati: « Zone Minago igizwe n’imitumba 6 ariko inyigisho za Menyumenyenshe tuzishikana ku mitumba 5 gusa. » Akabona ko izo nyigisho zikwiye gushikanwa mu gihugu cose kugira zishikire benshi kuko ngo zifise akamaro kanini cane. Uravye n’udukino urwaruka rwo muri iyo zone ya Minago rwateguye, haba kw’ivuriro ryo mu Minago canke kw’ishure rikuru « Sainte Famille », biraboneka neza na neza ko rwigishijwe ruramenya.




