
Gute dushobora kuvuga ibikorwa bijanye n’uburimyi tutishikiye iyo bikorerwa ngo tugumize ku muzirikanyi ivyipfuzo vya benshi nkuko ikinyamakuru Jimbere kidahengeshanya kubigira? Kuki twebwe abakuriye mu bisagara dusuzugura abenegihugu bo mu mitumba bamwe dukunda gukengera tuvuga ngo ni «abapaysans» kandi basanzwe bazi vyinshi kuva kera mu vy’uburimyi, kubika neza imbuto, gufumbira imirima canke mu bijanye no kurwanya udukoko turya ibiterwa, ubu tukaba tubona ubwo bumenyi ntangere abantu bazi kubijanye n’isi ndimwa hamwe n’ibidukikije biriko biragenda amazimayongo biturutse kw’ikoreshwa ry’umwavu w’ikizungu, ku miti yica udukoko hamwe n’ibiterwa bimera mu gihe gito (OGM)?
Gute dushobora kuvuga ivy’uburimyi bwubahiriza ibidukikije mu gihe Reta ifise uruhara ntangere mw’igabanuka ry’umwimbu wobeshejeho abarundi? Abantu baguma bagwira, abana baguma baruka, abahurumbira ibisagara, ingaruka mbi zituruka ku mahindagurika y’ibihe, ubukene mu ngo, ukutaraza indimo, inkukura n’itituka ry’isi ndimwa,… Harakwiye kubaho urufatiro uhereye ku vyo bafungura, eka n’ivyo bimbura, imbere yokwiga ivyokorwa bijanye n’uburimyi n’akamaro kari mu kurima n’ugukingira ibidukikije.

Mu mwaka w’2015 ishirahamwe ry’ibihugu vyunze ubumwe riraba ibijanye n’imfungurwa n’uburimyi FAO, riratewe amakenga n’ingene uburinganire bw’isi ndimwa buzoba bumeze mu minsi iza: ica gatatu c’isi ndimwa kw’isi yose kirabangamiwe cane n’inkukura, itituka ry’akanovera k’isi ndimwa, imiti myinshi ishirwa mu mirima n’imicafu y’ubwoko butandukanye. Ivyo na vyo bikaba bibangikanye n’ivyo ishirahamwe FAO ryerekanye kuko ryo ribona ko ugukoresha umwavu muke arikwo gutuma umwimbu ugabanuka mu burimyi bukorerwa ku mugabane wa Afirika: ubutohoji bwakozwe bwerekanye ko mu mwaka w’2014 abarimyi bafumbiza ibiro 11 vy’umwavu ku murima upima ihegitari imwe mu gihe umurima ungana uko usanzwe ufumbizwa ibiro 50 nkuko bivugwa n’ikigo ca ONU. Aho ni mu gihe abarimyi bo muri Aziya bo umurima upima ihegitari imwe bawufumbiza umwavu upima ibiro 396.
Haca habaho ukuzazanirwa rero: nimba mu gihe gito ikoreshwa ry’umwavu w’ikizungu rishobora gutuma haboneka umwimbu ushobora gukwira abantu badahengeshanya kugwira, hari impungenge ko inyuma y’igihe kitari gito isi ndimwa ishobora kuba yamaze gutituka, amazi yo mu nzuzi eka nayo musi y’ubutaka agacafura biturutse ku mwavu w’ikizungu wagiye urakoreshwa aho rero ntituvuze akanovera k’ibifungurwa gatakara kubera uyo mwavu w’ikizungu…Niyo mpamvu umugambi TAPSA (Umugambi w’uburimyi bwubahiriza ibidukikije bushikana ku kwitunga kw’ingo n’imiryango) uje hageze, ukaba ufashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abafaransa CCFD-Terre Solidaire, ribicishije ku mashirahamwe yo mu Burundi bikorana ari yo: INADES-Formation Burundi, CAPAD na ACCORD. Uwo mugambi ukorera mu bihugu 16 ku mugabane w’isi, n’Uburundi burimwo, wipfuza «guhuza ugushaka kw’abantu mu ntumbero yo guteza imbere ubundi buryo bwo gufungura kandi hagakoreshwa ubuhinga bushasha mu bijanye n’uburimyi».
Ni co kintu cihutirwa gose, kuko itunga ry’Uburundi riri ngaho nyene: abantu bafise ubumenyi buhagije bwo gushobora gutunganya neza isi ndimwa, kwitwararika no gukingira isi ndimwa, amazi yo mu biyaga no mu nzuzi, ibikoko n’amashamba.
Iki gisomwa cari mu gifaransa cahinduwe mu kirundi na Firmin Ndagijimana.




