Mu gihe umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigisha wama uhimbazwa buri wa 5 gitugutu, mu Burundi waraye uhimbarijwe muri Mairie ya Bujumbura kuri uwu wa 31 gitugutu ku civugo :« Abigisha bakiri bato ni bo kazoza k’umwuga ». Uwu munsi uhimbajwe rero mu gihe muri uwu mwaka habonetse abarezi bitwaye nabi mu gutwaza inda abarerwa babo , bimwe mu vyaje bititura indero, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’abigisha Cossesona, Ndabaniye Victor.
Imbere yo kwinjira mu nyubakwa y’amakoraniro yo mu kigo c’ishure Scheppers kiri mu Nyakabiga, abigisha bahurikiye mu runani Cossesona ( Coalition Spéciale des Syndicats des Enseignants pour la Solidarité Nationale) babanje gutanga imfashanyo kuri ba ntahonikora b’imyaka yitereye bo muri zone Kinama. Iyo, ikaba yarigizwe n’itoni 5 z’umuceri ku mihana 250 (ibiro 20 kuri umwe umwe), ndetse n’amabati 120 ku mihana 4 : Itatu yasituriwe amazu n’imvura, n’umwe w’umwigisha akorera kuri Ecofo Carama1, nyene inzu yahiye (uwu yararonkejwe kandi akabahasha ka 100 000, ayo kugura amatanga y’inzu). Bakaba bahavuye bashika no ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu kamenge kuraba abagwaye baraheza basigira akabahasha k’ibihumbi 300 wa muvyeyi aheruka kwibaruka abana bafatanye, ibirori biraheza bija ku bandanirizwa mu Nyakabiga.
Zimwe mu nzitizi zihwejwe zituma akanovera k’indero gatituka
Nk’uko bishikirizwa na Ndayibaniye Victor arongoye urunani Cossesona, kuba abayobozi benshi b’amashure bagenwa hatisunzwe ubuhinga ariko hisunzwe ico bamaze muri Politike, ngo ni imwe mu ntambamyi zikomeye cane zicibonekeza mu gihugu. Akagira ati : «Umuyobozi w’ishure yategerezwa kuba umuhinga ashobora gufasha abigisha nko mu kuberekera ingene bakwiye gukora, mu gihe badakurikiza intambuko canke ubuhinga bw’ugutanga ubumenyi.Gute none azomukebura nawe ubwiwe atazi ivyo arimwo »? Aho, akaba atera akamo reta, ayisaba ko vyohinduka.
Victor arahindukirira na bamwe mu bigisha bimaze iminsi bigaragara ko bibagira ico bari bagahemuka : «Hari abafatwa bahemutse, bagashurashuza abarerwa babo, hakaba n’abagitanga amanota abatayakoreye gutyo bakunguruzwa bidakwiye ». Agasaba reta n’inzego zijejwe umutekano ko zohora zikora ico zijejwe mu gihe hibonekeje uwafatiwe mu vyaha bene ivyo mbere bishoboka imanza nk’izo zigacibwa ikibiriraho.
Nayo umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha, mw’ijambo yashikirije abicishije kuri Hermenegilde Burikukiye, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero, yasavye umurezi wese kwiyubara, kwiyubaha, kwiyubahisha no guha agaciro umwuga wiwe. Ivyo na vyo bigashoboka mu gihe ingeso zose zinyuranye n’akarangamutima k’umwuga zoranduranwa n’imizi.
Victor Ndayibaniye rero akaba yarangije asaba reta ko, mu ntumbero yo gusubiza agateka umwigisha no kumushigikira, hakwiye kwama hashikirizwa ijambo n’umukuru w’igihugu buri wa 5 gitugutu uko umwaka utashe mbere hagatangwa n’akaruhuko. Nayo umwigisha nyakuri ngo ni uwugendera akarangamutima k’umurezi haba mu bihe bigumye canke vyoroshe, mu gihe yigisha na ho, agatanga ubumenyi bukwiye vy’ukuri nk’uko na we yabuhawe.




