Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Ishure ry’akarorero rya Ngagara, irya mbere mu Burundi mu kibazo ca reta c’umwaka w’ishuri wa 2018-2019

Ishuri ry’akarorero rya Ngagara ni ryo ryabaye irya mbere mu mashuri yose yo mu Burundi mu kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri c’inyuma y’ishuri shingiro. Ni mugihe ico kibazo cakozwe ubwa mbere n’abanyeshuri batanguranye n’umugambi w’inyigisho z’akarorero mu mwaka w’ishuri wa 2016-2017.

Ishuri ry’akarorero rya Ngagara ni rimwe mu mashuri atandatu y’akarorero yatangujwe mu Burundi mu mwaka wa 2016-2017. Ayo na yo akaba ari: ishure Musenyi riri mu ntara ya Ngozi, Notre Dame de la Sagesse ry’i Gitega, Kiremba ry’i Bururi, Rusengo yo mu Ruyigi, Saint Marc hamwe na Ngagara ziri mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bishikirizwa na Tharcisse Bendantunguka, umuyobozi w’ishuri ry’akarorero rya Ngagara, mu banyeshuri 47 bari biga mu mwaka w’icenda ari n’abo bakoze ikibazo ca reta mu mwaka uheze, bose baramenye ku rugero rushimishije. Muri bo, 4 baserutse mu banyeshuri cumi ba mbere ku rwego rw’igihugu. 8 bamenye bafise amanota ashika 90%, hama 33 bamenya bafise ayarenga 80%, na yo 1 amenya afise 74%, mu gihe uwa nyuma yamenye afise amanota 60%. Iryo shuri rero ngo rikaba ryamenye rifise amanota 83.4%, amanota atari bwigere abaho, nk’uko uwo muyobozi avyishimira.

Bendantunguka avuga ko ico kibanza kitiyadukije ahubwo carondewe. Agira ati: « Dufise abigisha bamenyereye akazi, bafise ubwira kandi bitanga mu gukurikirana abanyeshuri. Igishimishije kandi n’uko n’abavyeyi babandanya gukurikirana abana babo gutyo bakagumiza umutima ku vyigwa. Turabamenyereza kuguma tubaha utubazo twinshi, canecane tugashimika kuri vya bibazo vy’imyimenyerezo (épreuve-types) bitegura ikibazo ca reta ». N’umunezero mwinshi, uwo muyobozi avuga ko ico kibanza ca mbere yari aciteze. Ivyo rero akavyemeza afatiye ku kuntu ari bo bari babaye aba mbere mu gisagara ca Bujumbura muri vya bibazo bibanziriza ikibazo ca reta. Akanizera kandi ko bazokigumana no muri uwu mwaka w’ishuri wa 2019-2020.

Woba wari uzi kahise k’ishuri ry’akarorero rya Ngagara?

Ishure rya Ngagara ryahoze ryitwa ishure nderabigisha rya reta. Ryatangujwe mu Burundi mu mwaka 1955 biturutse k’umwami Mwambutsa IV. Rikaba ryari ryashinzwe mu ntumbero yo kworohereza abatari abakirisu kuronka inyigisho. Iryo shure ryahoze ryitwa « Groupe Scolaire Officiel Laïc », rikaba ryari risanzwe rikorera muri karitiye ya 2. Iryo rero ryahurumbirwa cane n’abanyeshure b’aba congomani hamwe n’abanyarwanda gusumba abanyeshure b’abarundi. Mu 1959 iryo shure ryarungururije mu nyubakwa nshasha risanzwe rikoreramwo gushika ubu. Mu 1961 ryarahinduye izina ryitwa « Athénée Ngagara ». Mu 1963 naho nyene ryarahinduye izina ryitwa Ishure nderabigisha rya Reta (ENE). Mu 1984 hamaze gushingwa amashure nderabigisha menshi mu Burundi, iryo shure ryaciye ryitwa Ishure ryisumbuye rya Ngagara. Muri rusangi iryo shure rimaze kuyoborwa na Bayobozi 17. Imbere ya 1972 ryayoborwa n’abazungu. Kuri iryo shure hamye higa abakobwa n’abahungu, nk’uko vyashikirijwe na Samuel Nduwingoma umukurambere wo kuri iryo shuri.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top