Inyuma y’ukwezi kurenga umwaka w’ishuri wa 2019-2020 utanguye, abanyeshuri barenga 1000 ni bo biyandikisha kw’ishuri Foreami. Abashika 45 muri bo, bagendana ubumuga butandukanye. Baba abakomenye canke abamugaye bose bahurira mu birasi bakigana, akaba ari mu ntumbero yo gutsimbataza umugambi w’inyigisho zidakumira (Plan Educatif Inclusif). Bishikirizwa na Marceline umuyobozi w’iryo shuri.
Nta mwana n’ikinono. Uwo ari we wese yaba uwugendana ubumuga canke uwukomeye bose barafise uburenganzira bwo kwiga. Igishimishije cane ni uko abo bose bashobora kwigana kandi bose bakunguruzwa ata kibazo. Ivyo ni ko biri kw’ishuri Foreami riri mu Buyenzi hepfo gato y’ikigo cigisha ivy’ubuvuzi INSP. Abanyeshuri batandukanye, abakomeye n’abamugaye usanga bicaranye abandi bakina. Eka mu vy’ukuri urabona ko inyigisho idakumira yamaze kwinjira kuri iryo shuri. Kanatsinda riri mu mashure ya mbere yatangurijwemwo uwo mu gambi (Ecole pilote à éducation inclusive).
Nk’uko Marceline umuyobozi w’iryo shuri abishikiriza, muri uwu mwaka wa 2019-2020, ibitigiri vy’abana bose hamwe birarenga 1310. Muri bo, abashika 45 bagendana ubumuga butandukanye. Ubwo na bwo, ngo bwibonekeza mu mice itatu: Hari abafise ubumuga bushingiye ku bwenge. Aba rero akenshi ngo usanga baguma bacira inkonda, batavuga canke ngo bumve neza hamwe n’abataguma hamwe baguma bazungazunga. Hari abamugaye ibihimba vy’umubiri ari nk’ijisho, amaguru canke amaboko, hamwe rero n’abo ubwo bumuga bwose buhurirako (situation d’handicap compliqué).
Kw’ishuri abagendana ubumuga bafatwa gute?
Nk’uko bishikirizwa na Niyuhire Marie umwigisha kuri iryo shuri, ngo habanje kubaho inyigisho ku barezi no kubana zatanzwe n’ishirahamwe ‘Handicap International’ kugira babakuremwo agatima ko kwinuba abana bagendana ubumuga. Agira ati: « Abamugaye bagitangura kuza kwiga, abana barabatinya, bakabinuba. Ariko twebwe abarezi, twaca tubiyegereza, tukabaganiriza, tukabicara iruhande kugira n’abandi banyeshuri bigana babone ko abo bamugaye badatandukanye na bo ».
Yongerako ati: « Ndafise umunyeshuri mu wa gatanu atabona neza, kubera ukuntu ndamukurikirana mu bumuga bwiwe n’abanyeshuri baboneyeho akaryo keza ko kumwiyegereza.Yiyicariye mu bandi n’amarori yiwe, ntiwomenya ko ahwihwisha mu kuraba. Kuri iri shuri nyene, hari n’uwundi agendana ubumuga bw’amaguru n’amaboko. Abavyeyi biwe bakimushikana, abana bigana ni bo baciye baza baramwitwararika, bakamuheka, bakamujana aho abasavye hose nko gukina canke mu kazu ka surwumwe. No kuva aho aronkeye agakinga agahawe n’iryo shirahamwe ryatanze inyigisho, abo bigana baratanguranwa kumutembereza, kumwinjiza mw’ishuri no kumutahana i muhira».
Ubwo bariga bakamenya?
Nk’uko Niyuhire abandanya abivuga, ngo abo bana bamugaye, barafise ingene babakurikirana. Ukumenya kwabo kuvana n’ihangiro umwigisha aba yarihaye ashaka kubashikanako. Nk’iyo uwo mwana afise ikibazo co kutaguma hamwe kandi akaguma acira urukonda ahari hose, umurezi arashobora kwiha ihangiro ry’uko umwaka uzohera yicara agatekana kandi yamenye kwihanagura inkonda. Iryo hangiro arishikije uwo munyeshure aca yunguruzwa nk’abandi. Arangiza avuga ko iyo ari umunyeshure atavuga kandi ntiyumve neza, bamwicarikana n’umwana aza aramwereka ivyo umwigisha avuze. Gutera imbere kw’abamugaye bagukesha ukwitanga kw’abanyeshuri bakomeye n’abigisha bose hamwe.
Kubera ko bene abo bana rimwe na rimwe usanga batimukira ku manota amwe n’aya bandi bakomeye, iyo bageze mu bibazo vya reta ntibaheza ngo bunguruzwe bikaba ngombwa ko basibira. Marceline avuga ko hari hakwiye kubaho iyindi ndingazo y’abo bana kugira bace bajanwa mu bindi bigo, ari nk’ivy’imyuga bagahurirayo n’abandi bakomeye, gutyo bagume bisanga mu bandi.




