Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Uzi ko mu Burundi ata mwami yahambwa mw’ivu ?

Aho ha mbere hahise, ku ntwaro ya cami, carazira kikaziririzwa ko ingogo (ikiziga) y’umwami ihonyozwa mu nda y’isi. Imvo : arinze atabwa mw’ivu, isi yobaye ihumanye, ntiyosubiriye kumera indya. Urupfu rwiwe rero rwaba rutandukanye n’iz’abandi bantu bose mbere ashengeye bavuga ko ijuru ryakorotse.

Kuva kera na rindi, abarundi baremera ko umuntu apfuye atagenda akagirire. Ni nk’uko batigera biyumvisha ko uwabo yabavuyemwo ahubwo nyabuna ngo : « impwemu nzima yari muri we ni yo yaba ivuye mu kibiribiri maze ikaba iritambatambira mu kirerere aho hafi yihweza utwo abasigaye bikoza ku muvyimba wayo, bawufashe nabi bikazobasubirako, bawufata neza naho bakaroranirwa ». Vyemezwa n’umuhinga Jean Baptiste Ntahokaja mu gitabu ciwe yise « Imigenzo y’ikirundi, 1978 ».

Ku muvyimba w’umwami ho vyari ibindi. Umwami w’i Burundi yaba asanzwe ari nk’Imana mu gihugu ciwe. Icubahiro n’ubutware vyiwe vyaramwomera naho yaba atakiri muzima.  Bari bazi ko asanzwe afise ubushobozi bwose : uguhezagira, ukuvuma, ukugaba, ukwaka, ukugerera, ukwangaza, ugukiza n’ukwica. Kubw’ivyo vyose abantu bamuzigamwo, n’iyo bishitse agatanga, babwirizwa gushingurana iteka ingogo yiwe, n’icubahiro cinshi.

Kwiha ubuki

Abaganwa n’abashingantahe bakurubakuru bakibona umwami wundi ageze kwima baca batera umwami bati :« Mwami w’i Burundi, uwundi mwami yakuze none uriha ubuki umubise tumushikirize ». Uwuri umwami ati : « Nzobiraba ». Haciye iminsi, umwami yaca ahamagara abatoni biwe n’abaganwa, maze akiha ubuki (bwaba buvanze n’imiti yica).

Aho rero ntibavuga ko umwami yapfuye, ahubwo bavuga ko yatanze kuko hapfa abantu basanzwe. Bukeye mu gitondo abantu bamaze kubimenya, baca bavuga ko ijuru ryakorotse. Kuva ubwo ntawasohora isuka, baca bamugandarira.

Abo bita abanyange b’i Gatwaro, mu Rusaka mu ntara ya Mwaro, ni bo bari bajejwe ibanga ryo guhamba umwami. Abo baraheza bakabanguka mu kibanza umwami yatangiyemwo bakanyaga inka zose zari zihari, ico kirimba bakagisambura, bakanyuranya ibikingi vyaco, ico haruguru kikaja epfo ic’epfo kikaja haruguru, nk’uko vyagenzwa iyo se rugo yapfuye.

Yafubwa gute ?

Amaze gucikana, Abanyange baca babanguka bakarerura ikiziga c’uwo mwami bakaja baragisiga ngo ntigihumure nabi, bakakijana ku nganzo i Muganza (mu ntara ya Kayanza) bagasanga abandi bubatse akararo (indaro) n’agasenge bagashika barambikako ca kiziga. Baguma bamuraririye, bacana munsi ya nya gasenge. Baraheza bakahatereka icansi ngo urunyo ruzomusokorokamwo ruzokorokere muri ca cansi kiguma cuhirwamwo amata na rwo rwiryoherererwa.

Bugingo rumaze gukura hafi kwuzura ico cansi, ngo baraheza bakarusuka mu gisuku rukabandanya kwimerererwa neza, eka rukadoha, rwacuzura na co bakarwungururiza mu mpange, hanyuma mu bwato ngo rugahava rucika intambwe nayo ca kiziga kikazosangukira kuri ka gasense aho cari cinangarariye hejuru mu cubahiro caco.

Ukugandarira umwami

Igihugu cagandara cose mbere n’ibitungwa bidasigaye inyuma. Nta ngere y’abadasigana bahora bamusavye. Abo, co kimwe n’abaganwa, abungere, abakamyi n’abandi baraja mw’ihangarizo gushika ku munsi wo kumarirwa. Kuri uwo munsi nyene ari naho haca himikwa uwundi mwami, bamwe bari mw’ihangarizo baca bagabana nayo inka zigasubira kurisha n’ugushoka zigashoka.

Urupfu rw’umwami rero ngo ntirwategerezwa gusanishwa n’izindi mpfu kuko rwari urw’umuntu ahambaye cane mu gihugu. Uretse n’ivyo, nimba umuzimu wa se rugo warashobora gutera abawufashe nabi ukabahana, uwa Se Barundi wo worushirije kuzanira imivumo igihugu cose ukagihumira mu gihe batawitwararitse neza.

Sabikanya kuri
2 Comments

2 Comments

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top