Kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu hama hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigeme. Ivyo biri uko mu gihe aho hambere hahise, abakobwa batafatwa kumwe n’abahungu. Hari ibintu vyinshi imico itemerera umukobwa gukora kuko yaboneka nk’uwudashoboye. N’amashure akiza, abantu bihutiye kubona ko ari ay’abahungu gusa ko ata mwana w’umukobwa yoyashobora. Ariko muri iki gihe ho, abigeme basigaye bafise uburenganzira bumwe n’ubwa basaza babo, kanatsinda ubu no kw’ishure ni bo benshi kurusha abahungu.
Mu mashure y’ibinyoni (Gardienne)
Abana b’abigeme biga mu mashuri ya reta atangurira umwaka wa mbere wa matomato bagera 39 056 mu gihe abahungu bangana 37 502. Mu y’abigenga abakobwa ni 15 400, abahungu ni 15 633. Igitigiri c’abanyeshuri bose hamwe biga mu binyoni muri uwo mwaka haba mu mashure ya reta canke ay’abigenga bangana na 107 591, abakobwa bakaba barenga 50%.
Mu mashure shingiro
Mu Burundi, ibitigiri vy’abana b’abigeme biga mu mashure shingiro biza naho nyene imbere y’ivy’abahungu. Muya Reta, abakobwa bangana 1 204 748 mu gihe abahungu bangana 1 171 288. Nayo mu y’abigenga abakobwa ni 25 912, abahungu 25 479. Ibitigiri vyose hamwe vy’abana biga mu mashure shingiro yaba aya reta canke ay’abigenga bikangana 2 427 427, abakobwa nahone barenga ibice 50%.
Mu mashure akurikira ishure shingiro
Naho nyene abakobwa ntibatanzwe muri ayo mashure kuko abiga mu mashure ya reta bangana 175 847 mu gihe abahungu ari 165 246. Mu y’abigenga, abakobwa bashika 4 625, abahungu na bo 4 406. Ibitigiri vyose hamwe ni 350 124, abakobwa bakaba bababa ibice 52%.
Mu mashure y’imyuga ya reta y’inyuma y’ishure shingiro naho abigeme bangana 13 688, abahungu nabo 20 939, mu gihe mu y’abigenga abakobwa ari 19 151 ku bahungu 15 053. Bose hamwe rero bakaba bangana 68.831, bagizwe n’abakobwa ibice 48%.
Nkuko rero icegeranyo c’ibitigiri vy’abanyeshuri bari kw’ishure mu mwaka w’ishure wa 2017-2018 cashikirijwe n’ubushikiranganji bw’indero kivyerekana, abigeme bari ku ntebe y’ishure basumba abahungu ku bitigiri vyababa ibihumbi 43 000, kuko kuva muri gardienne gushika mu mashure y’inyuma y’ishure shingiro abakobwa bangana 1 498 427 mu gihe abahungu ari 1 455 529.




