Mu gihe buri wa 9 gitugutu hama hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abamugaye, hari abanyagihugu bafise ubumuga bwo ku mubiri bo muri komine Buganda biyunze bashiraho ishirahamwe ADEPH mu ntumbero yo gukorera hamwe udukorwa two kwiteza imbere, gushigikirana ndetse no kuza bararemeshanya. Michel Nsengimana, abaserukira, amenyesha ko bose hamwe ari 192 harimwo abakenyezi 110 hamwe n’abagabo 82.

Ibikorwa vyo kujisha ibiseke amagapo, ibirago, inkangara, gukora imitobe y’inanasi birabafasha cane ku buryo bashobora kwibeshaho ndetse bagatunga n’imiryango yabo. Iruhande yo kuba batabura ikirirenza, uno munsi ngo barashoboye kugura iparasera y’imiriyoni 3, ico na co kikaba ari igikorwa bishimira cane.
Abanywanyi bashika 40 bo muri iryo shirahamwe bari bageramiwe gusumvya abandi barashoboye kurihirwa mitiweri muri uwu mwaka wa 2019 ugiye kurangira. Uwo abaserukira akamenyesha kandi ko banashigikirana nk’ iyo hagize uwugwara muri bo canke mu gihe hari nk’uwabuze uwiwe aho baheza bakamuronsa amafaranga agera kubihumbi 15.
Bari babayeho gute batariyunga ?
« Benshi mu bagize rino shirahamwe tumugaye amaguru ariko amaboko arakomeye. Turaheza tukigabanganya mu mice, umwe wese akaja aho abona ko homworohera maze tukaja ku kivi kuko kwama kw’ibarabara dusegerereza twabonye ata kamaro. Hari uwo wasaba uno munsi akaguha bukeye aho kuguha akagutuka ». Bishikirizwa na Michel aserukira ishirahamwe ADEPH-Buganda( Association pour l’auto-Développement des personnes handicapées de Buganda) aho yamenyesha uko bitunganya mu bumuga bwabo.
Bamwe mu bagize iryo shirahamwe ngo bahoze mu bisagara bama bateze amaboko abandi ugasanga birigwa i muhira ata co bimarira. Rimaze kuvuka, habayeho uguterana impunga n’uguhanahana ivyiyumviro vyo kwiteza imbere basanga hari impano nyinshi muri bo zari zabuze abazikabura.
Adrien Mbonimpa, umwe mu banywanyi b’iryo shirahamwe agira ati: «Twebwe gushika ubu twipfuza abodutera intege bakatwigisha imyuga bisunze uko ubumuga bwacu bumeze hanyuma dukore duhiganirwe isoko n’abandi. Burya ibikorwa vyinshi bisaba amaboko. Kuba ata maguru dufise canke yaramugaye ntibisigura ko ata bindi bikorwa kandi vyotwinjiriza amafaranga twoshobora ».
Na yo kubwa Emmanueline Irakora ngo yasanze koko gukorera hamwe ari ivya mbere. Akabivuga afatiye ku kuntu yahora aguma yanamye ku zuba ngo arindiriye abamuha udufaranga two gusuma batahanye isango, ugasanga n’umunsi wose uraheze ata co yinjije canke agatahana nk’amafaranga 200. Ariko ubu ngo aricara mu rugo akaba arajisha ibikoresho bitandukanye akaja kw’i barabara abigurisha kandi akihagararako mu kubiha igiciro, agatahana ubusumano nk’abandi.
Umukuru wa ADPH ̵ Buganda akaba ashimira abamaze kubafata mu mugongo nk’ubushikiranganji bwo gushigikirana ariko kandi agasaba n’abo bose boshimishwa n’uwo mugambi wabo wo kwiteza imbere ko bobashigikira. Ariko rero Ku bwiwe ngo kubaronsa uburyo ni vyiza ariko kubungura ubumenyi mu kubigisha ubuhinga bundi bugezweho bwo gukora ivyobateza imbere vyoba vyiza kurusha.




