Jimbere

ikirundi French English
INDERO

«Abigisha baheruka gukarihirizwa ubwenge bagiye kuronswa amahera y’impamba yabo yose »

©Jimbere │Muri uyu mwaka w'ishure 2019-2020, abana barenga imiriyoni zitatu nibo biga mw'ishure shingiro

Mu gihe abigisha bo mu myaka ya mbere y’ishure shingiro bari bamaze iminsi bidoga ko batahawe amafaranga yabo yo gukurikirana inyigisho nkarishabwenge yari yabategekanirijwe, Edouard Juma avugira ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho z’imyuga aratanga umuco. Avuga ko utunenge twibonekeje ku ntonde, aho hari abatisanzeko bivuye k’ukwihenda canke ugusubiriza bamwe bitamenyeshejwe. Ivyo bikaba vyatumye ukubaha amahera yose bakoreye biteba ariko rero agahumuriza abo bigisha ko mu ndwi iza igice c’amafaranga casigaye bazokironswa.

Hari ku wa 2 Gitugutu, aho Juma Edouard yaha ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo guhumuriza abigisha batahawe udufaranga twabo yongera anatanga umuco w’ingene ibintu vyagenze.

Yagize ati: « Ni vyo utunenge twarahabaye, ariko  twavuye ku kuntu intonde z’abigisha baje gukurikirana inyigisho zitahuye n’izari zatanzwe ubwa mbere. Ivyo rero biraheza bitera ingorane ku buryo mbere  batashoboye kuronswa amafaranga  ku gihe nk’uko vyari vyategekanijwe. Ababijejwe rero barinze gusubiramwo intonde zose, ikomine imwe ku yindi, kugira ngo abo bashasha binjiye muri izo ntonde babashire ku ruhande baheze bihweze ivyabo mu nyuma». Akamenyesha rero ko ico gikorwa cafashe umwanya bituma amahera adasohoka ku gihe, ariko babaye bararonswa igice c’ayo bari bakoreye. Akavuga ko ababijejwe bahejeje kubitunganya, ko igice cari gisigaye kizotangura gutangwa mu ndwi iza.

Izo nyigisho zahawe abangana gute?

Nkuko Juma abimenyesha, ngo Reta y’Uburundi yararonse imfashanyo y’ibanki y’isi yose yaje gushigikira ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’ishure shingiro. Uwu na wo ukaba uheruka gutandukira umwaka wa mbere. Akavuga  ko uwo mugambi ufise inkingi zijanye n’ibikorwa uzorangura. Imwe muri izo ni iyo gushigikira abigisha mu kubakarihiriza ubwenge, no mu kubegera kugira ngo babafashe gutahura no gukoresha bisanzuye izo ndinganizo z’inyigisho nshasha. Ku bw’ivyo rero ngo haratunganijwe ibikorwa vy’inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abigisha bo mu mwaka wa mbere vyabereye mu makomine yose y’igihugu. Abigisha bakurikiye izo nyigisho, bakaba barenga ibihumbi 9, harimwo n’abayobozi barenga ibihumbi 4 hamwe na bamwe babunganira bita aba ‘Maîtres Responsables’. Izo nyigisho  zamaze iminsi 14 kandi muri rusangi ngo zagenze neza mu gihugu cose naho utunenge tutabuze.

Ubushikiranganji bw’indero rero ngo bugiye kwifatira mu minwe ico kibazo, kuko ngo butazokwemera ingendo yose yoza ibera intambamyi ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’inyigisho shingiro, kuko biheza bigatosekaza umubano mwiza bwari bufitaniye n’ababafasha. Ku bw’ivyo ngo  bwiyemeje ko inyigisho zizokurikira zizotunganywa neza ku buryo utunenge twose twagiye turibonekeza tutazosubira kubaho kugira ibikorwa bizogende uko bikwiriye.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top