Naho ata bibitigiri vy’abagendana ubumuga bwo kutumva birakorwa mu Burundi, haribonekeza mu ntara zose abana bafise ubumuga bwo kutumva no kutavuga. Ni mu gihe bake cane mu badafise ubwo bumuga ari bo batahura akamaro ko kwiga ururimi rw’ibimenyetso bigatuma ata biyago biba kuri iyo migwi ibiri…
Vyashikirijwe na Niyokindi Zayana, icegegera c’umukuru w’ishirahamwe APEES Burundi (Association des Parents pour l’Education des Enfants) kuri uwu wa 28 Nyakanga aho bahimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga bwo kutumva ku civugo: « Suzuma ukwumva kwawe ».
Uwo munsi mukuru wahimbarijwe kw’ishure ry’abafise ubumuga bwo kutumva no kutavuga Ephphatha riri muri karitiye Gasenyi, zone Gihosha muri komine Ntahangwa iri mu gisagara ca Bujumbura. Abavyeyi bahurikiye mw’ishirahamwe APEES Burundi bari bakoranye n’abana babo nyene mu ntumbero yo kwigina uwu munsi.
Ibirori vyatangujwe n’ibikorwa vy’isuku aho hasibuwe imigende itwara amazi kure y’ico kigo c’ishure, amashurwe agikikuje aratorerwa eka ikibuga kirafyefyurwa bibereye mbere n’inyigisho zijanye n’isuku zirahabwa abana batumva ntibavuge biga aho. Naho batabasha kuvuga ngo babiserure, ubaravye ku maso wabona ko abanyeshure biga kuri ico kigo baribafise akanyamuneza ntangere kuko basiguriwe ko ari umunsi wabo ndetse bagahabwa n’ingabire y’amasabune mbere n’agafanta barasomagira.
Bimwe mu bihanze abadashobora kuvuga
Nk’uko Niyokindi Zayana yabimenyesheje, haracariho abavyeyi barinze babona ko abana babo bafise ubwo bumuga bataba bakibafashe nk’abandi mbere bakababera nk’umutwaro. Akagira ati: «Nyabuna umwana amugaye ukwo si igicibwa kandi ntakwiye kunyegezwa kuko nawe ajanwe kw’ishure arigishwa akamenya nk’abandi bose agatera imbere, kandi agateza imbere n’abandi». Abavyeyi bene abo ngo barakwiye guhuguka ahubwo nyabuna bakihatira kwiga indimi z’ibimenyetso kugirango barushirizeho kuyaga n’abana babo aho kubegeza kure.
Zayana yashishikarije kandi ko ururimi rw’ibimenyetso rwari rukwiye kwigishwa hose mbere no mu nzego zitandukanye z’igihugu hakabayo abaruzi: « Ari nko kwa muganga, uwufise ubwo bumuga agiye kwivuza ataronka uwo yiganira ingwara kiretse arinze kwironderera umusiguzi ».
Nayo Méthode Bihoyubusa, umwigisha muri kaminuza Hope Africa, nawe nyene akabona ko abagendana ubwo bumuga bafise ibibazo bikomeye na cane cane ivy’ugushikiriza ivyiyumviro bibarimwo ku bo bigenewe. Ivyo na vyo bikava ku kuntu ururimi rw’abadashobora kwumva no kuvuga umenga ruhariwe bo gusa.
Mwigisha Méthode agira ati: «Burya naho abadashobora kwumva no kuvuga bokwiga bose washaka bakamenya, abadafise ubwo bumuga batize urwo rurimi, abo bamugaye bazoguma babona ko umenga bari mu gihugu ca bonyene kandi bategerezwa kuba mu bandi, bagakina ndetse bakanafashanya mu migambi y’iterambere». Akamenyesha ariko ko hamwe izo nyigisho zokwiragizwa hose mu gihugu ndetse zikijukirwa atacobuza ko n’abo bamugaye bisanga mu muryango w’abandi.
Ishirahamwe APEES Burundi rero ryarihaye ihangiro ryo guhangana n’ibihanze indero y’abagendana ubumuga bwo kutumva mu Burundi, ndetse no kugwanira kubahesha ikibanza kibereye aho mbere mu migambi yaryo harimwo no gutanga inyigisho ku bazipfuza bose mu ntara zose z’igihugu, nk’uko vyemezwa na Salvator Kabundege ariserukira.




