Kwandikisha umwana akivuka ni kimwe mu burenganzira bwiwe nkuko amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana abivuga. Naho biri uko haracibonekeza abantu bataratahura akamaro kavyo. Ikinyamakuru Jimbere caregereye bamwe mu miryango y’abasangwabutaka bivugwa ko batitabira ico gikorwa, baratuyagira igituma.
Nkuko itegeko rigenga abantu n’imiryango ribivuga : « Umwana wese avukiye ku butaka bw’Uburundi ategerezwa kwandikishwa muri komine, mu kiringo kitarenze iminsi 15 uhereye akivuka ». Imiryango y’abatwa rero ngo ni imwe mu yidakunda kwitwararika iryo tegeko, ivyo bikemezwa na Nengo Emmanuel aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Uniproba (Unissons-nous pour la promotion des Batwa) aho agira ati : « Abavyeyi benshi ntibakunze kwandikisha abana babo. Ivyo na vyo bikaba bituruka ku bubegito hamwe no kutamenya akamaro kavyo. N’abiyumviriye kubikora akenshi bagenda bacerewe bigaca bituma babaca amande y’amafaranga y’amarundi 1000. Muri ico gihe baca babireka kuko atabushobozi bwo kuyariha baba bafise».
Abavyeyi bo babivugako iki?
Bamwe mu bavyeyi baba i Nyarumpanga, kimwe mu bigwati bibamwo imiryango y’abatwa giherereye muri zone Buterere, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko amahera y’umurengera asabwa kugira bandikishe abana ari kimwe mu bituma badakunda kwitabira ako kamo.
Minani Aline, umupfasoni w’abana 4 twayaze yagize ati : « Umwana mutoyi ni we yanditswe gusa. Bakuru biwe na bo naragerageje kubandikisha ariko kugeza n’ubu ntibirakunda kuko baduca 10.000 ku mwana umw’umwe ngo twaracerewe. Ni menshi cane nta yo noshobora kuronka kuko ndabareze jenyene, se wabo yaradutaye. Amahera angana nk’uko ntayo ndigera ndonkera rimwe. Na dukeduke ndonka ndadukoresha mu gusuma ivyo bafungura. Abayobozi barigeze kutubwira ko baje kubandika ku buntu, ariko n’ubu ntituzi iyo vyahereye ».
Désiré na we agira ati : « Mfise abana 3. Naragerageje kubandikisha akatari gake ariko kubera ko bansaba amahera menshi vyarananiye. Abaduhimiriza bavuga ko kwandikisha abo twibarutse ari ku buntu, ariko iyo ugiye, urarindira urupapuro rwemeza ko banditswe amaso agahera mu nzira. Iyo twacerewe naho twari twabwiwe ko twotanga 1000. Ariko urishe ayo barayakira ukarurindira amaso agahera iyo. Ushaka ko binyaruka ni ngombwa urihe 10.000 kandi hoho n’urupapuro urarutahana ».
Nyandwi Sylvestre arongoye karitiye Mugaruro ari na yo ico kigwati giherereyemwo, avuga ko atako atagira ngo ahimirize abo atwara bitabire akamo ko kwandikisha abana babo. Na yo ku vy’uko abacerewe barihishwa 10.000, avyamirira kure, ahubwo akavuga ko basabwa 1000 gusa. Agira ati: « Kenshi twama twakoze inama tubereka akamaro ko kwandikisha abana. Ariko dukunda gusanga ubukene ari yo ntambamyi ikunze gutuma batitabira ico gikorwa. Iyo nk’umuryango ufise abana 4 canke 5 batanditswe, biba bigoye ko umuvyeyi yegeranya uburyo bwo kubatangira bose na canecane ko abenshi muri bo basanzwe batunzwe ni vyo batorora mw’iyarara. Amahera 1.000 bari gutangira umwana umw’umwe bahitamwo kuyasumisha ».
Ingaruka ku buzima bw’abana batanditswe
Iyo umwana atandikishijwe akivuka, birazana ingaruka mbi nyinshi yaba ku buzima bw’uwo mwana nyene eka ndetse n’ubw’umuryango wiwe muri rusangi. Akarorero ni aka Mariya, umuvyeyi bagonze umwana wiwe atanditswe agira ati: «Umwana wanje yakorotse ku modoka yari ije gusesa umwavu. Namutwaye ku mavuriro 2 yose bansubiza inyuma kubera ata rupapuro rw’amavuka afise. Ahagira 3 ni ho umuganga yaterwa ikigongwe n’ingene uwo mwana yari ameze, hama aratinda aramwakira. Ariko abanza kumpa itegeko ry’uko mu minsi itarenga ibiri nzoba narushikanye ».
Kiretse kutaronka uburenganzira bwo kuvuzwa, iyo umwana atanditswe ntaheza ngo aronke kandi izina rimuranga, nta bwenegihugu aba afise, nta burengazira bwo kwiga eka ndetse n’ubwo gukingirwa aheza ngo aronke.
Twaragerageje kurondera ibitigiri vy’abana b’abatwa boba banditswe, haba muri Uniproba, Fenabed, Isteebu n’ahandi, ariko ntitwashoboye kubironka. Naho biri uko turacabandanya kubitohoza.
Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




