Indwara z’amaraso avura mu mitsi (« thromboembolie ») zirica abantu benshi cane mu Burundi, biturutse ku kuntu zititaweho bikwiye kugira zishobore gukingwa, kuvugwa, canke kumenyeshwa abantu kugira bazirinde. Vyashikirijwe n’abaganga bavura indwara z’umutima mu Burundi kuri uwu wa 20 Nyakanga 2019, kuri Royal Palace Hotel.

Nk’uko muganga Constantin Nyamuzangura arongoye umugwi w’abaganga bavura indwara z’umutima abivuga, ngo indwara z’amaraso avura mu mitsi zama zahitanye abantu benshi ntibamenye ikibishe. Ivyo rero ngo bikaba biva ku kuntu izo ndwara zititwararitswe mu Burundi ku buryo usanga benshi batazi ingene ifata n’ico ivako.
Ni muri iyo ntumbero umugwi w’abaganga bavura izo ndwara watunganije ikoraniro rigira gatatu ku civugo: « Indwara z’amaraso avura mu mitsi », kugira basabe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS gushigikira ibikorwa vyo kuvura no kumenyekanisha mu bantu ibijanye n’iyo ndwara.
Muganga Nyamuzangura yaboneyeho akaryo ko kumenyesha intandaro y’iyo ndwara iziba imitsi y’abantu, aho yagize ati: « Cane cane izo ndwara zihera mu maguru. Ugasanga nk’ukuguru kumwe kurashushe, kukababara cane, nya maraso avuze mu mitsi akaduga mu mutima agatuma uhagarara gutera. Ahanini rero ziva ku mvune, canke nk’iyo umuntu bamubaze. Zirava kandi ku kutinonora imitsi mu gihe umuntu aba amaze umwanya munini aryamye, yicaye canke ahagaze, eka mbere iranava no ku binini bimwebimwe abagore bakunda gufata iyo bashaka gutandukanya imvyaro ».

Uno muganga avurira ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge avuga ko iyo ndwara umuntu ashobora kuyirinda mu kunonora imitsi nko kugendagenda aha na hariya, kwiruka n’ibindi.
Na yo kuboba bayigwaye ngo hari abaganga bake basanzwe ari abahinga muri vyo. Barabapima bakaraba imitsi yo ku maguru amaraso yayivuriyemwo, hanyuma bagaheza bagatanga imiti baba bafise yo kuyizibura. Hariho n’ibindi baca babambika bimeze nk’amashesheti.
Ariko naho biri uko, ngo haracariho ingorane ijanye no gukurikirana ben’izo ndwara.
Intambamyi
Intambamyi zibonekeza ziri mu buryo bune ari bwo: kumenya iyo ndwara, kuyipima, gutanga imiti, no ku bayivura. Muganga Nyamuzangura agira ati: « Kugeza ubu abaganga bavura indwara z’umutima turi 12 gusa, muri ico gitigiri nyene, ibice birenga 80% bakorera i Bujumbura, abasigaye na bo bari i Ngozi. Mu gupima iyo ndwara dusanzwe dukoresha ´échographie´, iyo na yo nta handi iri atari ku mugwa mukuru w’ubutunzi. Ahandi hose hasigaye, bataje aho ivyo bipimo bikorerwa, ntibayitora ahubwo baguma bayikeka gusa ».
Si ivyo gusa Muganga Nyamuzangura abandanya amenyesha ko bagifise ingorane y’imiti myiza idahari, ibipimo bimwebimwe vyo mu maraso bitegerezwa gukorwa, ariko bitaboneka kubera bizimvye, ikibazo c’ubushakashatsi hamwe n’ic’ugutanga ibiharuro vy’abagwayi n’abo zihitana ku rugero rw’igihugu cose.
Muganga Nyamuzangura akaba yarangije asaba ko izo ndwara zikwiye gushirwa mu kibanza ca mbere nk’uko biri mu bindi bihugu. Agasaba rero ko ubushikiranganji bubijejwe mu Burundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, vyofasha mu kubaronsa uburyo bw’ibikenewe nk’imiti myiza, ibipimo, … Hakaba ho n’ihimiriza ku bantu bose kugira bamenye ibijanye n’izo ndwara. Hejuru y’ivyo, kubera ko igisata c’ubuvuzi kirimwo ibintu vyinshi bihindagurika, abaganga bakwiye kwama bakarishirizwa ubwenge.




