Ni umwe mu vyitegererezo vya Komine Mubimbi bivuye ku kuba yarashoboye gukora isamirizi mu mwaka wa 2017, isamirana ku birometero 16. Ku buto n’amashure make yiwe, Ezechiel yarashitse ku ndoto yarafise akiri muto, iyo gukora isamirizi imwegukira.
Iyo nsamirizi iherereye ibubamfu bwa komine Mubimbi. Ikimenyetso kiyerekana, ni antene Ezechiel yikoreye n’iminwe, ikaba ikorera mu kazu gatoyi k’imetero 4 kuri 4, bagakoresha mikoro 3 zashaje, hamwe n’ibindi bikoresho uwo mufundi Ezechiel aza araterateranya. Abakunzi b’iyo nsamirizi bahamagara ku gaterefone gato nako kakongera kakaba kabika amajwi, kakongera kagakoreshwa mu kuvuza umuziki amasaha 24 kuri 24. Ako gaterefone gafise akamaro kanini cane.
I Mubimbi, umuyagankuba si ikirenga. Ezechiel yaciye arondera ubundi buhinga bwo gukoresha icuma gikoresha imishwarara y’izuba, aca ashirako ibeteri bikorana, gutyo iradiyo iraheza iraronka umuyagankuba ukwiye kugira ngo ishobore gusamirana neza.
Ugukunda gufundikanya utuntu kuva mu bwana
Ezechiel ni umusore w’imyaka 24. Kuva akiri muto, yari umwana akunda gufundikanya utwuma. Ezechiel abiha insiguro ikurikira. «Dawe yari umufundi w’amaradiyo. Nama ndi iruhande yiwe, nitegereza ukwo akora.Sinigera ndamuva impande kuko narakunda cane ivyo akora. Nico gituma novuga ko ndi umufundi kuva ndi ikibondo. Bindi mu maraso».
Yatanguye kwigana umwuga wa se, kuva agifise imyaka 12 gusa, ubufundi burahava buramutwara umwanya wiwe wose. Ezechiel agira ati :« Vyatumye mpeba amashuri. Ntivyakunze ko ndenga mu mwaka wa gatandatu. Naciye nihebera umwuga wo gukora amaradiyo n’amasaha».
Gushika uyu munsi, Ezechiel ni umufundi akomeye, Mubimbi yose yikorako. Mu gushinga isamirizi «Impano» mu mwaka wa 2017 itariki 12 za Ruheshi, Ezechiel yifuza gushika kure n’impano yiwe. Mu gihe insimirizi yiwe ivuga umunsi wose, amasaha 24 kuri 24, urutonde rw’ibiganiro, urukurikirane rw’avyo, bigabuye neza.Ezechiel asigura ati : «Dufise ibiganiro bishika 7 bivuga imibereho yo mu kibano, ibihanze urwaruka rw’i Mubimbi, ivyo rukunda na canecane nk’inkino n’umuziki, tutibagiye iterambere rusangi».
Ku kijanye n’abakozi, insamirizi impano ahanini ikoresha abakorera bushake, ku mvo z’ubukene bw’uburyo bwo kubahemba. Ezechiel amenyesha ati : «Dufise abakorerabushake 16, bakaba bakunda cane umwuga wo kumenyesha amakuru. Muri abo, harimwo abahora baronka ubuzi ku samirizi zikomeye, ahanini bakabikesha ubumenyi bakuye kuri iyi nsamirizi yacu». Ivyo bikaba bihimbara cane uwo muhizi w’i Mubimbi.




