Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Urwaruka rw’i Mubimbi rusibura ibarabara, ruca n’inzira y’ubuzima bwa rwo

Bahagarikiwe n’ishirahamwe APFB, abenegihugu bo muri komine Mubimbi bagizwe ahanini n’urwaruka barasibuye ibarabara rifise uburebure bureha n’ibirometero icenda, mu ntumbero yo kurangura imigambi y’amahoro muri iyo komine. Ni amakuru twabatohoreje.

Mu gaturuturu ko ku wa 11 rusama, abato n’abakuze bose hamwe baharurirwa mw’ijana, bari bakoraniye imbere y’umurwa mukuru wa komine Mubimbi. Bakaba bari bahujwe n’umugambi wo gusibura ibarabara rica ku mugwa mukuru wa komine Mubimbi rigahuza umutumba wa Kiziba na Nyankuba.

Batonda umurongo mu gukura ivu ryari rirunze imbere y’ibiro vya komine Mubimbi.  Mu gutera intege abakenyezi n’abigeme baba bariko barapakira ivu mu magunira, hari umugabo yaguma atera urukato ati : « Hobe hobe ab’iwacu muraho (…) », abandi na bo bakikiriza. Muri ico gihe, abahungu b’ibiguvu na bo ,baba bariko baraseha ivu bakoresheje inkorofani baja kurimena mu binogo vyari mw’ibarabara, ivyo na vyo bikaba vyatuma ibarabara ridahita.

Ico gikorwa carashimwe cane n’ubutegetsi

Jean Bosco Nsengiyumva umukuru wa zoni Mubimbi, yarishimiye cane ico gikorwa. Agira ati : « Vyari bigoye guca muri iryo barabara. Ryari ryarononwe n’imvura kandi n’isi y’i Mubimbi yaranyerera, ntivyari bicoroshe mu gihe ari ryo barabara ryonyene rihuza amazoni abiri ya Kiziba na Nyankuba ryari rihari. Ukugenderanira, uguhanahana ibidandazwa vyari bisa n’ibitagishoboka. Ni igikorwa co kwishimira kuba iryo bararabara ryongeye kumera neza, kuko ayo mazoni abiri agiye kwongera guhura, abenegihugu basubire kugenderanira, mbere bahanahane n’ibidandazwa ».

Uwo mukuru wa zone avuga kandi ko iryo barabarara ari ryo ngo ricishwamwo abarwayi bajanwe ku bitaro vy’i Mubimbi. Agira ati: « Iyumvire namwe umukenyezi agire yibaruke atwawe mu nderuzo naho nyene mw’ibarabara ridahita kandi rinyerera ahantu h’urugendo rurenza ibirometero bitanu. biraruhisha cane».

Ibarabara, shingiro ry’ubumwe n’iterambere

Innocent Nzohabonayo, umunyeshure w’i Mubimbi, abona ko isiburwa ry’iryo barabara ryabaye ikimenyetso kiranga ubumwe hagati y’abenegihugu b’i Kiziba n’ab’i Nyankuba. Nzohabonayo agira ati: « Abakora urudandazwa rutoruto ku ma kinga bagiye kworoherwa. Mu minsi iza naho, hagiye guca  imiduga n’amapikipiki».

Ivyiyumviro vyiwe bihuye n’ivya Josette Dushimirimana. Uwu munyeshuri w’i Mubimbi w’imyaka yababa 20,  ntiyisigariza mu gushimagiza ico gikorwa bakoze. Agira ati : «Ibarabara ni ikimenyetso ca mbere cerekana iterambere. Urwaruka rwaritanze rutiziganya, kandi ico gikorwa rusangi caravuyemwo ivyiza vyinshi. Tubifashijwemwo n’ishirahamwe SFCG hamwe n’inyigisho twari duheruka guhabwa ziciye mw’ishirahamwe APFB, twebwe urwaruka turipfuza cane kwerekana uruhara rwacu mw’iterambere, gukoresha inguvu zacu zose ku bw’ineza y’ikibano tubayemwo no mu guhagararira amahoro eka tutibagiye no gutatura amatati bidaciye mu ngimba

Ni muri iyo ntumbero nyene, hategekanijwe ugusanura ibitarurwa bihuza aha na hariya, canecane mu ntumbero yo gutuma imigenderanire no guhanahana ibintu yoroha, hejuru y’ivyo, hiyongerako ukubana neza kw’abenegihugu b’i  Mubimbi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top