Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Saïdati Iradukunda umupfasoni w’intangarugero, icitegererezo ca bagenzi we

Saïdati Iradukunda ni umukuru w’ikaritiye yo ku Ntega, uwo mukenyezi ntarera amaboko ahubwo akora utuntu twinshi: arafasha mu guhereza ibikoresho abafundi bubaka amazu, ni umuririmvyikazi akongera akaba n’imboneza. Eka ni urumuri rumurika abandi mu kibano.

Ari mu mwitwikiro wirabura, ukimubona womugereranya n’umwisiramukazi abushitse, umwe yitwararika udukorwa two mu rugo gusa. Ariko Saïditi wewe abona ko kwemera mu vy’idini bikwiye kujana no kwitunganya mu rugo no mu guteza imbere ikibano. N’agatwengo kenshi, agira ati : « Jewe nkora akazi kabonetse kose, sintoranya ».

Saïdatini umwirimizi, umukuru w’ikaritiye, umuririmvyikazi, uwuhamagarira abandi bakenyezi kwijukira ibikorwa rusangi akongera akaba n’umuhuza, emwe eka akora vyinshi ntiworaba. Nayo ku bijanye n’ubuzima bwo mu rugo, arabumenyereye cane: Saïdati arubatse kandi afise abana icenda, ntaco atinya ku bijanye n’akazi  ico yiyumviriye ashirwa agishitseko. Yarakoze mu guhereza isima, ibeto n’amatafari abafundi bariko bubaka inyubakwa y’amanama y’aho nyene ku Ntega. Nkuko vyemezwa na Josias umwigisha wo ku Ntega, agira ati : « Ariko aracanga ibeto yongera ayidugana ibikwa,ahereza amatafari ahiye n’isima, emwe, uwamubona wese yaratangazwa n’umwete afise ».

None hari uwoduga igikwa no kw’isunzu ry’inzu… mu mwitwikiro?

Kuri ico kibazo Saïdati yishura ati :« Oya! Ikintu cose gifise umwanya wacoIyo hageze kubaka nambara ipantaro, ariko iyo ari umwanya wo gusenga nambara umwambaro ujanye n’ugusenga nyene». Ka muririmvyikazi, aramaze gutunganya indirimbo zitari zike zifatiye ku vyivugo bitandukanye nk’ivy’amagara y’abantu, indero, … akaba arindiriye ko hogira umugiraneza yomushigikira kugira ace atangura kuzitunganya neza yongere azisohoze. Ukuririmba, ngo uwo mukenyezi ashaka kubigira umwuga.

Iyija kurisha ihera ku nama…

Inyuma yo kubona ko inzoga zibujijwe ( kanyanga n’izindi) ziri mu ziteza indyane ku mutumba iwe, Saïdati yihaye intumbero yo kurwanya ingendo y’uruhagarara rw’ingwano zikurikira akaborerwe. Agira ati : «  biciye mu nyigisho, ndakoranya abantu bose bo mw’ikaritiye ndongoye tukaganira ku ngaruka mbi ziterwa n’urwo ruvange rw’inzoga zibujijwe. Hari n’abahora bazenga bamaze kunshingira intahe ko bazisezereye ».

Mu vy’ukuri, aho muri komine Ntega, inzoga zinyobwa ukuri kwamye no mu mwanya w’akazi. Claver, umwe mu bahoze bakunda kwihereza kuri nzoga, yashinze intahe avuga ko igihe atari bwaronke impanuro za Saïdati yari abanye  nabi n’umugore wiwe.  Agira ati : « Igihe cose naronka amahera ikintu ca mbere nabanza kwiyumvira kwari ukuja kuyanyweshwa inzoga mu kirabo. Ariko kuva aho numviye akamo ka Saïdati, ubu mu rugo tubanye neza ».

Nkuko abajejwe intwaro babivuga, inguvu Saïdati yakoresheje ngo ntizapfuye ubusa, kuko hari abariko barahindura ingendo. Biciye mu migwi y’umutekano ihurikiyemwo bose, abahora benga n’abihereza inzoga zibujijwe  bose barafashwe bikaba vyemezwa n’indongozi. Maze iyo ndongozi ikagira ati : « Ivyo twashitseko vyose tubikesha Saïdati umukenyezi w’imboneza yafashe ingingo yo kurwanya inzoga zibujijwe ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top