Nimba abakenyezi b’imboneza bo muri komine Ntega iri mu ntara ya Kirundo barashoboye gutsinda ubwoba bakishira hamwe mu kurangura imigambi, ntivyizanye, ni kubw’inyigisho zijanye n’uburongozi bwiza baronse biciye ku mashirahamwe nka Dushirehamwe na CPAJ, asanzwe akorana n’ishirahamwe SFCG.
Kuronderera ineza ikibano, gutega amatwi uwo ari we wese, gukorera hamwe mu migwi, ivyo ni bimwe mu biranga imboneza ari na vyo vyakoze ku mutima abakenyezi bo muri komine Ntega baronkejwe inyigisho zijanye n’uburongozi bwiza.
Mu ruganda rwari rwatunganijwe n’ishirahamwe CPAJ na Dushirehamwe, abakenyezi bararonse akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro vyinshi, harimwo n’ivyo bungutse kuva aho baronkeye inyigisho zijanye n’uburongozi bwiza. Birumvikana ko n’i komine ya Ntega itegerezwa kwungukira kuri abo bakenyezi b’imboneza baheruka guhabwa inyigisho. Ubu abakenyezi bahurikiye mw’ishirahamwe Dushirehamwe barabona ko na bo nyene barabwa n’ingorane ikomine yabo ifise kandi biteguriye kugira ivyo baterereye mu kuzitorera umuti.
Ingorane nyamukuru zihanze ikomine ya Ntega
Akaborerwe, ukutihanganirana mu vya politike, ukunywa inzoga zibujijwe, indyane zifatiye ku moko, ku matongo, irwirirana ry’abatishoboye, izo ni zo ngorane nyamukuru zihanze ikomine ya Ntega. Naho biri ukwo, urwaruka rwo rwihaye ihangiro ryo guhagurukira ivyo bibazo rutitaye ku muntu canke ikintu ico ari co cose coza kirutera ubwoba. Olive Kamarashavu, imboneza yo muri zoni Mugendo, agira ati : « Imbere yuko duhabwa inyigisho, vyarangora kuvugira imbere y’abantu bakoranye. Ariko ubu nta kibazo ngira iyo ndiko ndigisha abantu bo mu kibano ibibi bituruka ku kaborerwe ».
Pascasie Uwimana wo mw’ishirahamwe Dushirehamwe yongera ko ati :« Jewe nahora ntigirira icizere. Namba, sinigera niyumvisha ko abagabo boshobora kwumviriza ivyo mvuga. Ariko ubu abagabo batumbera jewe iyo bashaka gutorera inyishu ibibazo».
Hari n’abashinze urugo imiryango ibatera ivyatsi ngo nuko bubakanye badasangiye ubwoko, ariko ubu iyo miryango ikaba ibanye neza kubwa Olive Kamarashavu yayibaye hafi arayinywanisha, ico gikorwa kikaba ciyongera ku bindi vyinshi vyiza yama akora nk’ugutorera umuti amatati ashingiye ku matongo atarinze gushikanwa mu butungane. Ubutwari bwa olive Kamarasavu bukaba bwaramenyekanye gushika no ku mukuru wa zoni Mugendo.
Ariko ntanyambo ibura agahonzi
Barayamaze ngo nta muhanuzi yemerwa iwabo. Imboneza zirahura n’ikibazo mu gikorwa cazo c’uko zitemerwa mu kibano. Iyo bari mu gikorwa cabo, hari abantu bababaza bati :«Nkamwe ivyo mutubwira mubikurahe … »? Intambanyi si iyo gusa, barahura n’ikibazo co kwiyunguruza kuko hari igihe usanga bagiye gukorera kure y’iwabo. N’iyo bishitse hakaboneka nk’umuntu bafasha bakikora ku mahera yabo bwite.
Inyuma y’ibikorwa vyagiye birakorwa mu migwi, izone kw’izone, abahawe inyigisho bahavuye baterera agacumu k’ubumwe mu kw’ubakira inzu zishika icumi abakenyezi batishoboye bo muri komine Ntega.




