Jimbere

ikirundi French English
INDERO

«Na ba nyamwema bitwararitswe bokwiga nk’abandi»

©Patricia Willocq ǀ Ba Nyamwema bariga bakamenya kw’ishure co kimwe n’abandi bose.

Mu banyamwema bashika 1241 baba mu Burundi, 420 ni bo bari kw’ishuri. Mu gihe rero umwaka w’ishuri wa 2019-2020 watanguye kuri uwu wa 9 Nyakanga 2019, abatari bake muri bo ngo ntibararonka ibikoresho, kuko n’imfashanyo y’amakaye n’amakaramu yatanzwe itabakwiye. Bishikirizwa na Kazungu Kassim aserukira abanyamwema mu Burundi.

Iyo amashuri atanguye usanga abanyeshuri buzuye akanyamuneza, bahimbawe koko kuko baba bahekereye ibikoresho vy’ishure bishasha kandi bakaka.. Hari n’abandi rero baba bijiriwe kuko baba batabona aho bazokura ivyo abandi bafise kubw’amikoro make y’abavyeyi . Rimwe na rimwe hari abiga ku magendera naho nyene kubw’imfashanyo bahabwa n’ababanyi canke n’amashiramwe. Kubera ko atari  ivyo baba biha, hari igihe batabironka ku gihe. Ukwo ni kwo igice kinini ca banyamwema usanga  kiri, bagasaba  kwitwararikwa no gufashwa kugira bige nk’abandi.

Kazungu Kassim aserukira abanyamwema mu Burundi, avuga ko banyamwema benshi bavuka mu miryango itishoboye, iyifise amikoro na yo ugasanga ntishimishwa no kubashira kw’ishuri. Ngo ni co gituma hari amashirahamwe yama abafasha kuronka ibikoresho vy’ishuri kugira babandanye kwiga.

Agira ati: « Mu bisanzwe twebwe ntituri benshi cane.  Mu Burundi twese hamwe abato n’abakuze dushika 1241. Muri ico gitigiri cose, abari kw’ishuri bagera ku 420 gusa.  Imfashanyo yabo biga tumaze kuronka twayihawe na ‘Rotary Club Burundi Ingoma’. Amakaye 500 n’amakaramu 550 ni vyo twashikirijwe. Umwana rero ntashobora kwigana ikaye imwe gusa, turacabura izindi». Ariko n’ubwo biri ukwo amenyesha ko UNICEF hamwe n’ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi bwabemereye kubafasha. Ngo iyi ndwi yo gutangura amashuri, ishobora guhera vyabonetse, maze na bo bagume biga nk’abandi.

 Ntiboroherezwa kw’ishuri…

Irène ni umunyeshuri w’umunyamwema. Avuga ko kwiga kuri bo, ari ukurya umutima amenyo kuko bahura n’ibibaca intege vyinshi cane. Agira ati: « Ku kigo kizima, aho urinze usanga umunyamwema, aba ari nk’umwe canke babiri. Kubera rero ukwo twavutse dusa kandi tuba turi na bake, abanyeshuri baratwinuba cane. Nta bagenzi pfampfe dukunda kuharonka, kuko n’abo tworonka, bagenzi babo na bo baca batangura kubinuba. Akenshi rero twisanga umengo turi ibicibwa bigatuma tudebukirwa bamwe  mbere  bagaheba   n’ishuri».

Constance na we nyene amenyesha ko kugira bige ari akigoro n’inguvu nyishi bakoresha. Agira ati: «Abanyamwema, twifitiye ikibazo co kutabona neza ku kibaho. Kubera ivyo, hari igihe usanga bitadushobokera ko twandika mu makaye ivyo umwigisha aba ariko arandika muri uwo mwanya. Rero, aho abandi baba bariko barigira muhira natwe tuba turiko turimura ivyo tutabonera ku kibaho. Hari n’igihe mbere usanga abigisha badufata nabi ngo ntidukwiye kwiga, ngo umunyeshuri ni uwushobora kubona ku kibaho. Kuribwa umutima n’umwigisha bituma tutoroherwa mw’ishuri, tukamana umutima mubi. Nay’ubundi twitwararitswe twokwiga neza». Akavuga rero ko amajambo bene ayo abaca intege cane, agatuma bo ubwabo biyitako umwikomo.

Kubera ko ata mwana n’ikinono, Kazungu Kassim asaba ko abanyeshuri bofatwa kumwe kw’ishuri, mbere binashobotse, abanyamwema bakoroherezwa kugira baterwe umutima wo kuguma kw’ishuri. Akagirako anatera akamo abigisha n’abanyeshuri boba bagifise agatima ko gutoteza no gukumira umwana w’umunyamwema, ko bohindura ingendo bakabiheba, nyabuna bagaterera mw’iterambere ry’indero y’abo bana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top