Mu gihe umwaka w’ishuri wa 2019-2020 buca utangura, urunani rw’amashirahamwe 8 y’urwaruka rufise umutima w’impuhwe rwatunganije igikorwa c’isekeza bise «Korako» mu ntumbero yo kwegeranya imfashanyo y’amakaye izohabwa abana b’abanyeshuri 300 ba ntahonikora bo mu ntara ya Bujumbura Rural na Mairie. Igikorwa cabaye kuri uwu wa 4 Nyakanga, mu kigo c’abafaransa IFB.
Hari igihe bishika abana bari kw’ishuri babayeho mu buzima bw’amikoro make bacika intege, ugasanga indoto n’imigambi bari bafise yo muri kazoza irahagaze biturutse k’ukubura ibikoresho vy’ishuri. Muri bo, hari abo vyanka bakaja mw’ibarabara gusabiririza canke gushakisha abagiraneza boshobora kubafasha kugira bagume kw’ishuri, maze na bo bige nk’abandi bashike kw’ihangiro ryabo.
Ni muri ubwo buryo, ishirahamwe Tabitha ribicishije mw’isekeza ryiswe «Korako», ryihaye ihangiro ryo gufashisha abana ba ntahonikora amakaye kugira bagume biga. Isekeza ryatanguriye mu gisagara ca Bujumbura mu mwaka uheze wa 2018, aho abana 80 baronkejwe ibikoresho vy’ishuri. Muri uwu mwaka w’ishuri wa 2019-2020 buca utangura naho, Tabitha rikaba ryaciye ryifadikanya n’iyindi migwi y’urwaruka kugira bashobore kwungura igitigiri c’abana bazofashwa. Muri iri sekeza «Korako» rero, ngo biteguriye gufasha abanyeshuri ba ntahonikora 300 bo mu ntara ya Bujumbura Rural hamwe n’abo mu gisagara ca Bujumbura.
Iyo mfashanyo iboneka gute?
Nk’uko bishikirizwa na Ndihokubwayo Jimmy umuhuzabikorwa mu mugambi w’isekeza «Korako», ngo ni urunani rw’amashirahamwe y’urwaruka rufise impano zitandukanye, uri abaririmvyi, abanyabuhinga bwo gucapa, aba DJs, … baja hamwe. Aba rero ngo baraheza bagategura ibiteramo vyo gukangurira abantu batandukanye kugira umutima wo gufasha abatishoboye canecane abana bari kw’ishuri. Biciye muri ivyo biteramo, uwuri aho wese atanga uko arongowe n’umutima, ni ugukorako kugira basahirize, nakare ngo isorosoro rigwira iyo riroye. Hari abatanga amakaye, amakaramu, hari abatanga amafaranga, eka hari n’abaterera babicishije mu mpano zabo nko gucapa, kuririmba, … aho amahera yose akuwe muri vyo birori, harimwo n’ay’amatike yo kwinjira akoreshwa ku bana ba ntahonikora kugira na bo bagume kw’ishuri.
Ubwo iyo mfashanyo irashika ku bo yagenewe?
Nikwigize Elie ni umwana w’umunyeshure aba mu Gatumba. Mu ntahe yashinze, avuga ko hari abantu atazi bakozeko ariga. Ni mu gihe uwu mwana w’imyaka 13 yagira ahagarike kwiga mu mwaka uheze kandi yagire atangure kwiga mu wa gatandatu. Nikwigize, mw’izina ry’abandi bana bafashijwe agira ati: « Umunezero mfise ni mwinshi, ndakengurutse ku gikorwa ciza c’umutima abantu ntazi berekanye mu kumfasha kuguma kw’ishuri. Jewe nagira mpebe mu mwaka uheze, nari nabuze ibikoresho vyishuri, ariko kubw’amahirwe ntari niteze nabonye imfashanyo y’amakaye n’amakaramu, hama nsubira kw’ishuri ndiga ndamenya, ubu ngiye mu mwaka w’indwi. Nkaba nongeye gusaba ko mwokwongera mugakorako kugira jewe n’abandi bana tubayeho mu buzima bw’abatishoboye tubandanye kwiga».
Nkurunziza Yves na we nyene ni umunyeshuri yagire ahagarike amashuri ageze mu mashuri yisumbuye (2è IM). Uwu rero avuga ko hageze igihe arabona ko vyanse ko abandanya, atari ukubera ayobewe, ahubwo kubera abuze uburyo bumugumiza kw’ishuri. Agira ati: « Muvyukuri, iyo ntaronka abakorako ubu simba niga. Nararaba ukuntu ndabitora mw’ishuri, ntarigera ndenga ikibanza ca gatatu kuva niga, nkaca mbona ko ata buryo mfise bwo kubandanya nkumva ndababaye. None rero mpagaze nshima igikorwa umuntu wese ntazi yakoze ndanamenyesha ko cavuyemwo ivyiza vyinshi kuko nize ntako ndunguruzwa. Umutima mwerekana wo gufasha abana biga batishoboye uradushikira».
Ku bwa Ndihokubwayo Jimmy, ngo umugambi wo gufashanya ni mwiza kuko utuma haba abafasha abandi gushika ku ndoto zabo, mu gihe usanga bo ubwabo bitokunze ko bazishikanako. Agira ati: «Jewe nanje ndishingira intahe ko ntari gushobora kwiga iyo ntaronka abamfasha, kuko nize bigoranye nkoresha impapuro z’abatishoboye. Na Kaminuza nayize kubw’abagenda barakorako, ubundi simba ngeze aha». Jimmy rero ngo afise ideni ryo kwagura uwo mugambi wo gufasha abana batishoboye bari kw’ishuri gushika ukwiye mu Burundi bwose, maze ngo ntibigasubire gushika aho umwana ntahonikora aheba ishuri kubwo kubura ibikoresho kandi abantu b’impuhwe bari ho.




