Mu gihe haheze ukwezi n’igice mu gisagara ca Bujumbura amashirahamwe Seviteb na Memento azanye imiduga minini itwarira icarimwe abantu benshi, bamwe mu biyunguruza n’ama bisi bavuga ko ata kinini cahindutse kuko ngo bagitonda imirongo nk’uko vyari biri ubwambere, yahaguruka naho ikagenda irahagarara mu nzira.
Ku mugoroba, usanga ku gituro c’amabisi kiri mu gisagara ca Bujumbura imirongo y’abantu igereza kure. Ubaye nk’uwuhicisha usanga abari ku mirongo bariko barasunikana kugira barabe ko bokwegera imbere gutyo bashikire umuduga batahe narirya buba buriko burira. Imyidogo ntibura muri bamwe n’abandi. Ugize ngo urabaza impamvu imirongo ari miremire kandi haraje imiduga minini minini ishobora gutwarira benshi icarimwe, umenga urabacuririye.
Wizeyimana Consolatte atonze ku murongo w’izija mu Mirango, agira ati: « Jewe hakiza iyo miduga nibaza ko ikibazo co gutonda imirongo giheze. Yamara nta kintu kinini cahindutse. Ugira gutonda umurongo uyirindiriye, n’ukwuzura ntiyuzure vuba. Hoho na nya miduga nyene ni mpaka ngo uyihasange? Mpfuma nza kuba ndahagaze hamwe n’abandi ku mirongo y’amabisi yuzura vuba kandi aboneka».
Nahayo Sylvestre wo mu Kanyosha, yiyicariye muri wa muduga mushasha wa Seviteb. Agira ati: « Iyi miduga uyicayemwo ni myiza, ariko sha uja gushika iyo uja wishuye ndakurahiye…Burya wihuta, hako uyurira wopfuma ufata ibisi ».
None biva kuki?
Umwe mu bagendesha iyo miduga mishasha, avuga ko uguteba bivana n’ingene abiyunguruza babonetse. Agira ati: « Abiyunguruza ntubasanga mu bibanza bimwe. Niyo mpamvu duhagurutse tutujuje tugenda turahagarara kuko ntiwotwara imodoka igaragara nawe ntu kandi uba uriko uraca agafaranga. Ikindi na co, nta bituro vyinshi biri aha mu gisara aho abiyunguruza bashobora kuturindirira canke kwururukira. Rero aho dusanze uwiyunguruza wese tutujuje ntitwomusiga. Nta wokwirengagiza kandi ko mu gihe izo bisi ntonto zuzuza abantu ningoga izacu zimara umwanya zitaruzura kandi ko kugira turonke abo tugarukana bigorana». Akamenyesha kandi ko bagiye baratwara imodoka ituzuye bwoca kabiri bakaba barahomvye kuko ataho igitoro cova. Aho rero ntiyibagiye kuvuga ikibazo c’amabarabara yimburutse, atuma bagenda barakatakata, bikabatevya mu nzira.
Ntirandekura Charles umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi mw’ishirahamwe Atrabu nawe nyene asa n’uwuvuga ururimi rumwe n’uwo mushoferi. Agira ati: « Kuba bishika abiyunguruza bagateba canke bagatonda imirongo birumvikana kuko abantu bavira ku buzi umwanya umwe bose bagahurira mu kibanza kimwe ariho ku gituro. Ikindi na co, mugisagara ca Bujumbura nta mabarabara akwiye dufise. N’ayo dufise ni mato mbere hari naho usanga yarononekaye cane arimwo ibinogo. Naho biri ukwo amenyesha ko ico kibazo c’amabarabara co kimwe n’ic’ibituro bagishikirije ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu kugira bugire ico buterereye.
Charles akamenyesha ko n’ubwo abiyunguruza bidoga hatabuze ivyahindutse kandi vyiza kubw’uwo muzo w’imiduga mishasha yisununuye. Ivyo rero akabivuga afatiye ku mwanya umuntu ategereye ibisi asigaye amara ku gituro. Agira ati: « Ubu abiyunguruza barihitiramwo bisi bafata kandi naho boba batonda irya bisi nini ije ikayorera abantu 100 rimwe, harabaho akarusho».
Mu bushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu, kuri ico kibazo c’amabarabara n’ibituro vy’imiduga bakaba bemeye kugira ico babivuzeko mu nyuma.




