Mu gihe bamwe mu bavyeyi bafise abana bari mu mashure bidogera bamwe mu bandanza ibikoresho vy’ishure ko bikika mu kiza bakaduza ibeyi iyo ishure ryegereje gutangura, abadandaza bo bavuga ko ibeyi ishingwa bivanye n’ingene na bo barangura. Jimbere yarishikiye ahahora isoko nkuru ya Bujumbura
« Oya! N’abadandaza baraheba bagakavya! Si numva ukuntu umuntu ashobora kuduza ibeyi y’ibintu ukwo yishakiye ngo nuko abonye ageze mu gihe ivyo bintu bikenewe. Ni ryari ikaye imwe y’impapuro 100 yigeze igurwa 1.300Fbu? Ni ubwa mbere ivyo ndabibonye kuva nitwa Belyse. Mu mwaka uheze ikaye y’impapuro 100, aha mu gisagara nyene ntitwazigura 900Fbu? Ni aho bahora barangurira hahindutse none? Nubwo sha amashure agire atangure batanguye kwikika mu kiza kugira bunguke umurengera». Ayo ni amwe mu majambo Belyse Inamahoro avuga amaze kubona ko amakaye yamukuye mu Rweza aje kugurira abana atashe atayaguze. Uwu rero avuga ko hamwe ibeyi itomanuka ko bitazomworohera kuko ngo afise abana babiri bagiriye rimwe mw’ishuri ry’inyuma y’ishure shingiro.
Burya ngo si amakaye n’amakaramu yaduze gusa nkuko Belyse avyidoga. Ngo n’umwambaro w’ishure waraduze ibeyi. Théoneste Sindikubwabo ngo afise akana k’agahungu kagiye mu mwaka wa kabiri w’ishure shingiro. We avuga ko yari yicishije mu gisagara ca Bujumbura ngo abe aragurira umwana wiwe ‘agakaki’ azotangurana. Bamubwiye 10.000Fbu, aratangara: « Ngo! Ubu akakanya hiyongereyeko 4.000Fbu? Mu mwaka uheze nayiguze 6.000Fbu».
Erega si ivyo gusa kuko ngo n’agatabo yaguriye umwana wiwe kugira abe ariyibutsa gusoma yakaguze kamuzimvye. Yongerako ati: «Ndafitiye impuhwe abafise abana benshi biga hamwe atacokorwa kugira ibi biciro bigabanuke».
None ivyo biciro bihagaze gute kw’isoko?
Ferdinand adandariza hambavu ya hahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Uwu rero ntatinya kwemeza ko ibeyi y’ivyo adandaza iri hejuru ugereranije nuko yari imeze mu mwaka uheze. Ferdinand co kimwe n’abandi badandaza bakorera muri ico kibanza bose bafise igiciro kimwe: ikaye imwe y’impapuro 100 igurwa 1.300Fbu ariko ‘iduzeni’ ni 14.000Fbu, ikaye imwe y’impapuro 60 igurwa 1000Fbu, iduzeni na yo ni 11.000Fbu, imwe y’impapuro 48 igurwa 900Fbu, iduzeni 9.000Fbu, imwe y’impapuro 36 ni 800Fbu iduzeni 8.000Fbu, imwe y’impapuro 24 ni 600Fbu mu gihe ikaye y’impapuro 12 igurwa 400Fbu, ’registre’ imwe 8.000Fbu, ikaramu imwe 500Fbu.
Ivyo rero biri ukwo mu gihe mu mwaka uheze ho ikiguzi cagendeka. Ferdinand avuga ko mu mwaka uheze ikaye y’impapuro ijana yagurwa 900Fbu, iy’impapuro 60 yagurwa 700Fbu, iy’impapuro 48 yagurwa 500Fbu, iy’impapuro 36 yagurwa 400Fbu, iy’impapuro 24 yaragurwa 300 canke 350Fbu na yo iy’impapuro 12 no ku 200fbu yaragurwa, ikaramu yaragurwa 350 canke 400Fbu. «Nta na kimwe kitaduze ibeyi». Iryo duga ry’ibeyi rika riva ku kuntu ngo n’abo badandaza babirangura bibazimvye.
Imvo nyamukuru….?
Ikintu cose kiba ngo nuko kiba gifise icagiteye. Gédéon aranguza ibikoresho nka vyose umunyeshure yoshobora gukenera. Kuba bizimvye, avuga ko biva kw’ifaranga ry’idorari na ryo risanzwe rizimvye, kuko vyinshi mu vyo arangura abikura hanze y’Uburundi. Agira ati: « Ukwo idorari riduga ni ko amafaranga y’amarundi ata agaciro kandi n’ivyo turangura bica bizimba. Na twe rero duca turaba ukuntu ayacu yoboneka, hakanasaguka akanyungu». Yongerako kandi ati: « Mu mwaka uheze ikarato y’amakaye ntiyigeze iranguzwa amahera arenga 120.000Fbu, ariko ubu hari izigeze ku 153.000fbu, Imetero y’igitambara ca kaki caranguzwa ibihumbi 7000Fbu mu mwaka uheze ubu ni 11.000Fbu. ufatiye kw’idora naho, mu mwaka uheze idorari ryavunjwa kuva ku 2500Fbu canke 2600Fbu, ariko ubu idorari rimwe rivunjwa 3170Fbu».
Iryo duga rikabije ry’ibeyi, rikaba ryatanguye kwibonekeza kuva ku wa 31 mukakaro 2019, inyuma gato yaho abanyeshure binjiriye mu kiruhuko. Akaba ariho abadandaza amakaye n’ibindi abanyeshure bakenera batangura kuza kudandariza hanze ku meza, mu mpande z’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura.




