Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Imanza zo mu ci, zidahitanye utwawe ziraguhitaniza

Iyo ici rituritse, imanza ziba nyinshi, aho umuntu umwe ashobora guhurirwako n’ubutumire burenga 20 mu kiringo kimwe, uno nawe akibaza uwo yoterera n’uwo yoreka kuko bose baba ari abagenzi. Bamwe bakabona ko izo manza zitari zikenewe mu gihe abandi bo bagira bati, ziragahoraho.

Mu kwezi kwa Mukakaro na Myandagaro, ho haba hasusurutse, n’imanza ziraheza zikisukiranya ku bwinshi. Hari imanza zo kuva kurupfu, izo gushingira no gushingiza, eka n’izindi nyinshi z’ubwoko butandukanye. « Nzoterere nde, nzoreke nde », ico nico kibazo usanga kigwiriye ku watererejwe na benshi mu gihe  uwusanzwe yifitiye amikoro make we agira ati : « izi manza zizoonkookoora ».

None vyukuri izo manza zirakenewe?

Kevin Ntunzwenayo, aheruka gushinga urugo. Kubw’iwe, ngo imanza ni nziza kuko zikoranya imiryango, ababanyi, incuti n’abagenzi, zikabasangiza akabisi n’agahiye, bakiginana, ndetse bakanagabirana. Eka mbere ntatinya no kwemeza ko mu rubanza rwiwe rwarangiye anagabiwe inka n’imboneshakure n’abo yari yatumiye ngo bamushigikire.

Aho abandi banezerezwa n’imanza ziba, Kayobera we ngo biramuyobera kuko aterwa isoni no kubura ico aterera akibaza ko ubucuti afitaniye n’abandi bushobora kuhasinzikarira. Agira ati: “ubwinshi bw’imanza burajuragiza umuntu akabura uwo aterera n’uwo areka. Utitonze ngo ubaze umutima wokwisanga mu madeni. Erega birateye isoni nk’iyo incuti yawe yabuze umuntu, yaguterereza ntugire n’inkooko uyiha. Iyo baguhuriyeko rero aribeshi biragukomerana kuko iyo udaterereye ibona ko ubucuti yahora yibaza ko mufitaniye atabugihari”.

Emmanuel Ndayishimiye nawe nubwo abona ko imanza zikenewe, aribaza nimba mu vyukuri urubanza rwose rukeneye intererano. Bikaba ari ukwo naho, avunira akagohe abitabira imanza ko imbere yo guterera, umuntu akwiye kubanza kwiyumvira ku bihe vy’inyuma y’imanza, akaraba ko izo manza zitazohava zimusiga mu bukene, agasigara yicuza».

Uwuterereje ategerezwa gutererwa ?

Si igihe cose. Nk’uko André Nzigamasabo abimenyesha, ategura urubanza rwiwe rw’ubukwe ngo yari afise icizere ko atazobura abamuterera, ubona ko ngo yari afise n’ab’iwabo bafise agafaranga, ivyo bimutera gushira urubanza rwiwe mu ci, ho haba hanasusurutse. Igihe gishitse, ngo yarajumarariwe kuko uko yavyibaza atariko vyagenze. Abo yibutsa itariki nka bose bamubwira ko itariki y’urubanza rwiwe yahuriranye n’iy’urundi rubanza kandi batokwirengagiza. Ni kwo kwinjira mu madeni kugira urubanza rwiwe ruranguke nkuko yavyipfuza, amadeni atahavuye amworohera gusubiza.

Vyokwica iki imanza zigabanijwe, ukwaka intererano bikagabanuka ?

Nkuko bivugwa na Désiré Manirakiza, umwigisha wo muri kaminuza y’Uburundi mu gisata cigisha ivy’imibano, guhagarika imanza ni nk’uguhagarika ugushigikirana.Ngo nta rubanza rutagira insiguro kandi burya haterera uwatererewe canke uwiteze kuzotererwa. Ikindi nuko hejuru y’uburyo bukoreshwa, ngo ubucuti hagati ya barya bantu batererana ngo buriyongera. Si ivyo gusa, ngo gutanga intererano ni nk’ukubitsa kuko vyateba canke vyihuta, ayo watererewe urayasubiza.Yongerako ati : « Ndamutse ndaguterereye nk’ibihumbi 500, ndazi neza ko vyokugora kunshogomanganira  ibihumbi 10000 ku rubanza rwanje. Ahubwo riho wiyumvira kundengerezako na make ku yo naguhaye kuko burya ngo mu gutererana harabamwo n’agatima k’ukwiyemera ». Uwo muhinga nyene mu vy’imibano, arongera ati : « Naho umuntu womuha ubutumire 50, burya arabushira ku munzani akabusesangura akarabamwo incuti zimwegereye cane, hanyuma akagereranya n’uburyo yoronka agaheza akazisaranganya utwo afise ».

Ngo ubwinshi bw’imanza rero ntaco bwishe, ikibi ni ukwisahura ukimara mu  gihe co guterera, kuko ngo incuti zirushirizaho kuvuka, imiryango ikanywana n’ukugwira ikagwira, umuco w’ugushigikirana ukinjira mu maraso gutyo n’imigenderanire ikiyongera.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top