Kuva aho uturesi dukoreshwa mu kubikura ku maposita tudugirijwe ibeyi tukava ku mafaranga y’amarundi 700 tukaja ku 3.000 Fbu, abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi basanzwe banahembwa uduhera duke baridoga bakabona ko bajaniranijwe.
« Amafaranga 3.000 yose, akuwe ku 8.000 ndonka ku kwezi nsigarana iki? Birababaje! Eka mbere ntibinumvikana na gato. Nimba batazi canke biyibagaza agaciro k’ifaranga ku munyeshure yiga muri kaminuza. Honyene muri 3000fbu nguramwo, ikaramu, udupapuro, isabuni, utuvuta two kwisiga nkanasaguramwo n’utu SMS twokwandikiranirana n’abagenzi. Nuko nyene ata mahitamwo mfise naca mvamwo nkaja ahandi nkapfuma ndayatanga aho nihitiyemwo». Iyo ni imwe mu myidogo y’agashavu ka Kanani Sylvestre yiga mu mwaka wa gatatu muri Kaminuza y’Uburundi.
Erega si uwo gusa, n’uwu mwigeme Kaneza Viollette asanzwe apanze hamwe n’abandi ku Mugoboka ntivyamushimishije. Agira ati: «Aha mu gisagara ntacijana vyose ni ifaranga, natwe dutegerezwa kuriharurira. nk’ubu jewe amafaranga angana n’28.000 ni yo mpabwa ku kwezi, kandi nkategerezwa kuyasumamwo no kuyarihamwo inzu. Sintahura ingene ku dufaranga tw’intica ntikize nk’utu duhabwa bodukurako 3.000fbu, ayo ni menshi kuko arasahiriza ku tuntu tutari duke».
No muri bamwe bahabwa ingurane (pre-bourse) y’180.000fbu ukwo amezi atatu aheze, abadafise udutabo tw’ukubikura, nabo nyene n’ubwo baronka udusa n’utwisununuye gato ngo ayo mahera agurwa ako karesi ni menshi. Niyukuri Antoine yiga mu mwaka wa kabiri, avuga ko ayo mahera 180.000fbu atayatorera rimwe ku gutinya ko yohava ahera amezi atatu ataragera. Kubw’ivyo ngo aja kuri posita gatatu mu mezi atatu. Akabona ko 9.000fbu bigiye kwama vyamucitse ari vyinshi agereranije n’ivyo akenera.
Vyatanguye ryari?
Hari ku wa 24/7/2019 aho umuyobozi wo ku biro vy’icicaro gikuru c’amaposita yose yo mu Burundi Philippe Mpitabakana yandikira abarongoye amaposita bose mw’ikete N.réf: 1560 V.réf :732/DG/2019, ko itegeko 732/481/DIR/C.M/Z. G/2003 ryo ku wa 06/05/2003 rivuga ko umunywanyi wa posita mu gihe adafise agatabo ko kubikura ashobora guhabwa akaresi ariko agakatwa amafaranga y’amarundi 700fbu ku yo afise kuri konti yiwe yarisubiriza n’irindi rivuga ko akaresi kagurishwa 3.000fbu.
Naho uwo muyobozi mukuru w’amaposita mu Burundi atashoboye kuboneka ngo atange umuco w’icatumye iryo duzwa ry’uturesi riba, umwe mu bakozi bo kuri posita nkuru abona ko ngo bwoba ari uburyo bwo kworohereza abanywanyi. Uwu akemeza ko nubwo ako karesi kazimvye gafise akarusho kanini gusumba akahahora. Agira ati : « Ubu urashobora kubikura amafaranga arenga 50.000, mu gihe akari kahasanzwe katayarenza. Ikindi na co, kuri ako k’3000fbu, umunywanyi arashobora kubikura amafaranga yiwe ku biro vya posita aho biri hose mu Burundi, hatarabwe aho yugururije konti ».
Mugihe rero abo banyeshure bo barira ngo akaresi kaduze, ababitsa amafaranga menshi kuri konti ya posita bo baravyishimira kuko ngo bashobora kugakoresha ari kamwe mu gihe bagomvye kubikura amafaranga menshi icarimwe.




