Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Abakenyezi ntagereranywa b’i Butaganzwa

Mubajije abenegihugu bo muri komine Butaganzwa yo mu ntara ya Kayanza ico bazi ku mazina nka Emmanuella, Godebert, Seconde canke Daphrose: bazobishura bakuye inkofero ko abo ari abahuza, abahetsi, canke ko ari abakenyezi bafise ubwira n’ubukerebutsi.

Ni mu ruganda rwo kunagura ibikorwa birangurwa n’amashirahamwe ya Reja na Afrabu, mu ntumbero y’umugambi wo guteza imbere uburongozi bwiza bw’abakenyezi washizweho n’ishirahamwe SFCG, bisanga bariko baraca mu makanda y’imboneza zabitangiye imbere. Uguhuza ivyiyumviro bituma bagira intango nziza yo kwegezayo ikibi mu kibano, nkuko babikora ijoro n’umurango. Ivyo harico bikwibutsa kubivugwa kuri Butaganzwa?

Naho usanga abagabo bamwebamwe co kimwe n’abagore nyene bavuga n’ijwi rirenga ngo Egome imbere y’icemerezo, haraho usanga mu gihe gikurikira ingo zabo zatewe n’umwiza w’ umuzitanya muri iyo komine yo mu buraruko bw’igihugu.Umugabo ntaba akibona umugore wiwe nk’umugore w’igikundiro, umugore yama atekewe n’ubwoba akubise ijisho umugabo wiwe akumva atekewe n’ubwoba, induru, ibipfunsi bikarara birayaga. Vyumvikana ko n’akana gato cane gashobora kubona ingendo nk’izo ziteye ubwoba z’abavyeyi, kagashobora kuhagirira ibibazo.

Uwo mwana usanga abaye muri iyo nzu nk’uwutabayeho, kuko n’iyo yumvise idirisha rikatse aca asimba umutima agatekerwa n’ubwoba yibaza ko se yoba yongeye kuvuna nyina wiwe ukuboko. Aho n’iyo yumvise n’igitambara kiri ku muryango canke kw’idirisha cikomye ajugumizwa n’ubwoba, akibaza ko nyina yoba yongeye gutana mu mitwe n’umugore w’umubanyi nawe nyene asanzwe yita se w’uwo mwana ko ari umugabo wiwe. Uwo mwana amaze kurambirwa n’induru zama mu rugo, ahitamwo kwomoka akigira mw’ibarabara canke mu gisagara kuraba ko yohura n’umugiraneza yomwihera n’akazi ko gutembereza amagi canke kwoza amasafuriya.

Kubw’uwo mubano mubi ugeramiye ingo nyinshi i Butaganzwa, ba bakenyezi b’imboneza twavuga aho hejuru ntibareze amaboko. Bategerezwa kugira ico bakoze mu kwerekana ko hari ivyo bazi ku bijanye n’uburongozi bwiza. Nk’uko bari mu mashirahamwe atandukanye, baraja mu mihana, mu masoko, mu mirima, eka aho hose bosanga ukubana neza mu mahoro kutagenda neza, bagatunganya ibikorwa rusangi kugira babonane n’abagabo n’abagore, bakagendera ababanyi usanga barabana nk’ic’imbwa ihaze kugira bashobore kubumvikanisha basubirane maze bongere kubana mu mahoro.

None ivyo bikorwa vy’imboneza vyavuyemwo iki? Abagore n’abagabo barasubije hamwe, abatarasubiza hamwe nabo, izo mboneza ziracabumvikanisha. Abana ubu bariko barasubira kw’ishure. Eka mbere izo mboneza sizo zitera amashurwe ku bw’ivyo bikorwa, ahubwo ni abarongoye izoni Ninga, Butaganzwa na Nyabibuye bemeza iyo ntambwe imboneza zimaze gushikako: « Abo bakenyezi b’imboneza barakoze ibikorwa vyoshobora abagabo bake, barahuje ikibano ku buryo na twebwe abagabo bidutangaza ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top