Ni ijisho ry’ishirahamwe Dushirehamwe mu Kanyosha. Uwu rero, ni Donavine Bigirimana, we ahindura ubuzima bw’abapfakazi barenga ijana.
Akunda gukora kandi avyiyumvamwo, Donavine ni umukenyezi w’umunyabwira butangaje, ntarera amaboko mu gihe afise ivyo gukora. Goreth Ndindurwaha na Maria Nzeyimana nabo nti bari kure yiwe. Naho ahura n’ibibazo vy’umurengera, uwo Donavine Bigirimana, w’umwana umwe, arashoboye kubeshaho umufasha wiwe n’ico kibondo.
Mu 2015, yatanguje umuryango w’abapfakazi bo muri komine FVC bitumwe n’imvo nyinshi. Gufashanya hagati y’abapfakazi, gushiraho imigwi yo kuziganya no kuguranana, n’ibindi. Mu Kanyosha, abapfakazi basa n’abahebwe kubw’impavu zitandukanye ndetse ugasanga bama bahuye n’ibigeragezo batipfuza, nk’uko avyigana. «Ababa bapfakaye bakiri bato, bakunda guhura n’ibigeragezo vy’ubuhabara mu gihe abapfakazi b’imyaka yitereye usanga bakunda guturubikwa n’imiryango barongowemwo».
Ivyo rero biranemezwa na Anita Nzeyimana, umukozi wo mukigo c’iterambere ry’ingo n’imiryango CDCF kiri mu Kanyosha. Agira ati: «Duheruka gufasha abapfakazi batatu baturubikwa n’imiryango bashatsemwo maze baratunganirizwa».
Donavine amenyesha ko uwo muryango wama ukora ivyiza aho mu kanyosha Rirari. « Buri munsi wa Gatatu, kuva 6h30 gushika 8h, haragira igikozwe mu kibano». Baraharura ibarabara ribaryononekeye rihuza RN7 na komine Kanyosha.
Si ivyo gusa, Donavine Bigirimana, yemeza ko uwo muryango w’abapfakazi FVC witabiriye isekeza ryo gutera imivyaro y’ibiti mwa wa mugambi wa Reta « Ewe Burundi Urambaye » ku misozi ya Sororezo, Bigoma na Coja.
Umunywanyi w’ishirahamwe, Goreth na Marie bemeza ko ishirahamwe ryabo ryamaze kwizigirwa n’abarongozi bo mu ntwaro. Bagira bati: « turasanura amazu ya bagenzi bacu yasambuwe n’imvura canke tugakora ibindi bikorwa vyo gufatana mu nda ».
Naho atari mu bagize iryo shirahamwe, Donavine yigisha bagenziwe kugwiza ibikorwa biteza imbere ishirahamwe ryabo. Yaranabaronkeye uruhusha mu bushikiranganji bwo hagati mu gihugu rwemeza ko iryo shirahamwe ryabo rizwi n’amategeko, kandi akaba ariko arabaronderera mw’ishirahamwe rifasha abantu kwiteza imbere OAP inyigisho zibafasha kwitunganiriza amakoperative.




