Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Domitille, ntiyerekwa abagabo b’ibitabanga

Ku myaka yiwe 50, uwo mukuru w’umutumba wa Bigoma wo muri komine Kanyosha ya rirare, amaze imyaka 15 mu rugamba rwo kugwanya abahukana hamwe n’amabi abera mu ngo.

« Agateka k’umukenyezi » ni ko aharanira cane. Amaze kubona ko ibitigiri vy’abagabo baharika ari umurengera ku mutumba arongoye, Domitille yigiriye inama yo kwegeranya abakenyezi kugira bayage ibijanye n’ingaruka mbi zituruka ku guharika kugira bose bavire hasi rimwe batuze uwo mugirwa mubi.

Domitille amenyesha ati :« N.V ni umwe mu bakenyezi bahuye ni ngaruka mbi ziturutse ku guharikwa. Yarirukanywe mu rugo iwe. Umugabo wiwe yari aheruka kurongora umugore wa gatatu, maze aheba umugore wiwe bari bamaze kuvyarana ». Amaze gutabwa yirukanywe n’abana biwe, N.V yarasigaye atunzwe no gusabiririza, gushika aho Domitille ahagurukira ico kibazo.

Ubwa mbere yabanje kubona ko icihutirwa aruko uwo mukenyezi yoronka ico akora. Domitille yaregeranije umutahe ungana n’amafaranga y’amarundi 20.000 ayo akaba yaciye ayaha N.V. uwu nawe akaba yaciye atanguza urudandaza rubayabaye rw’imboga n’ivyamwa.

Domitille agira ati : « Narahamagaye abandi bakenyezi tugenda gutera uwo mugabo yari yirukanye umugore wiwe hanyuma tumutegeka gusohora umuhabara wiwe ». Ariko bashitseyo icabatangaje cane, nuko uwo mugabo basanze yari yifitiye uwundi mugore mu Rumonge. Vyari bikwiye ko babanza kwirukana iyo nkundwakazi yo mu Kanyosha hanyuma bagaca bigisha uwo mugabo ingaruka mbi zituruka ku kurongora abagore benshi kugira akubite agatima mpembero agaruke mu rugo.

Ico umukenyezi akeneye…

Umukenyezi akwiye kuba umunyamwete kandi yuzuye ukwihangana. Amenyesha ko yatotejwe incuro zibiri zose yagirizwa ko yahangaye abagabo ngo ntibisonera. Ariko igishimishije, uwo mugabo yaragarutse mu rugo. T.C umugabo wa N.V agira ati: « Imboneshakure n’ibindi bikoresho nari naratwaye ku mugore wa gatatu, narabigarukanye mu rugo».

Ubu uwo mugabo akaba ari akarorero ko kwigirako mu kibano co mu Kanyosha izwi kw’izina rya rirare. Inyuma yaho asubiriye mu rugo rwiwe, yarashoboye kwigurira ipikipiki, hanyuma yaraguze umuduga akoresha mu gutwara abantu n’ibintu biva i Bujumbura-rirare bija mu gisagara ca Bujumbura.

T.C agira ati: «Maze kwumvira impanuro za Domitille, naratahuye ko nahora nkoresha nabi ubutunzi bw’umuryango ndabuhereza mu bahabara ».

Ubu uwo mugore wiwe akaba ashingira intahe ubutwari bwa Domitille eka mbere akaba anamuherekeza mw’isekeza ryo gusubiza abakenyezi bahukanye mu ngo zabo

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top