Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

« Kugira duhunge amabi dukorerwa, dusohoka twambaye impenerabahita, bagaca batwirukana »

Abahagaritswe n'igipolisi imbere y'uko baja mu bihugu vy'abarabu

Ugukubagurwa gushingiye ku gitsina, ku bukene, urudandazwa rw’ibihimba vy’umubiri, n’ayandi mabi, ni vyo bishikirwa n’abigeme canke abakenyezi baronderera « ubukiriro » mu bihugu vy’abarabu. Sojepae, ishirahamwe rukirisu riharanira amahoro n’agateka k’urwaruka rirafise igisata co guhimiriza abagiye muri ivyo bihugu kugaruka mu ruhongore, bakongera bakanabafasha kwakirwa mu kibano. Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakorerwa ayo mabi, kuwa 30 mukakaro, Jimbere yashimye kugaruka kuri ayo mabi

Kugira ngo bishike ku rugero rwo kwitwa urudandazwa rwa kiremwa muntu, harabwa ibi bikurikira: ukubegeranya, kubajana, ukubarenza imbibe hamwe no kubakira mu bihugu bajanywemwo. Ivyo rero no mu Burundi biriho. Mu kurondera abantu bazojanwa, canecane abigeme n’abakenyezi, harashirwaho imigwi yo kwandika abivyipfuza. Ninganza David, umuyobozi wa Sojpae, ati : « Baba bitunganije, barabitegura cane ku buryo bashobora guca mu ryahumye abajejwe umutekano n’abavyeyi ».

Mu kubegeranya, bakoresha amajambo yo kubereka ko bazosanga ubuzima bwiza iyo bagiye kujanwa, kandi ko bazohabwa umushahara mwiza. Abo na bo rero baca batwarwa umutima n’amaronko bizeye gukura muri ivyo bihugu bitungishijwe n’igitoro. Kubera ko rero baba basanzwe bibereyeho mu buzima bugoye, baca babona ko ari amahirwe baronse yo kuva mu bukene, gutyo bakagwa mu mutego vyoroshe. Hari ibintu rimwe na rimwe bitumvikana mbere vy’urukozasoni vyibonekeza, usanga vyinyegeje inyuma y’urwo rudandazwa. Ninganza abandanya agira ati : « Hari abavyeyi batanga abana babo eka mbere n’abagabo bahitamwo kwirerana abana bakareka abagore babo bakajanwa kudandazwa mu barabu ».

Iyo bahejeje gutorwa rero, igikurikira ni ukubajana. Ico gihe mugabo babanza kwigishwa imibereho mishasha. Kubera ko ivyo bihugu vy’abarabu bajanwamwo ari ibihugu birimwo abisilamu ‘b’abasunite’ bakarira amabwirizwa y’inyambaro, abajanyweyo babanza kwiga imico n’imigenzo yabaho. Aha rero hari ibintu vyinshi bica bikorwa harimwo no guhindura amazina. Akarorero n’ak’abahora bitwa « Marguerite » na « Séraphine » buriye indege bafise udutabo tw’inzira twemeza ko bitwa, umwe « Adidja » uwundi « Fatma ».

Ukugwa mu gahundwe n’ihahamuka rikurikira

Zilfa (izina ryahinduwe) afise imyaka mirongibiri, yahoze akora mu rugo rw’abanyakoweti bubakanye. Zilfa akomoka mu ntara ya Muyinga yatwawe ahenzwe n’utujambo tw’umwe muri bavyara biwe, ariko bike mu vy’umuntu yoshobora kuvuga n’uko mu kiringo kingana n’umwaka yabaye muri Koweït, ata kintu ciza na kimwe afise ahibukirako kiretse ibibi gusa. Mw’ijwi ryuzuye agahinda, yigana ati: « Mabuja wanje yarafise ishari kuko yibaza ko namutwaye umugabo wiwe. Kubw’ivyo yankoresha nk’imashini kandi akamfata nk’imaraya y’umwirabure ataco imaze ». Uwu mwigeme atanguye kugerageza kwiganzura, yaciye yimurirwa mu rundi rugo aho yaboneye amakuba yose. Aravyibuka agaca aturikisha akarira. Agira ati: « Nari mbayeho nkoreshwa ubusambanyi, nabirwa n’abagabo bose bo muri ako karere ».

Iyo rero be n’abo bigeme bagarutse, baza barahahamutse imitima, ata munezero w’ubuzima bagifise, bivuye ku makuba baboneyeyo. Médiatrice Nshimirimana, umuhinga mu vy’inyifato akorera mu kigo citwa « Mpore Mwana » giherereye mu Kinindo ari naho abagize amahirwe bakava mu bihugu vy’abarabu bashikira, arabakurikirana akabahumuriza, eka mbere akanaremesha ababa barokotse bavuye muri ubwo buja. Agira ati : « Buri gihe, bagaruka bameze nk’abagwaye akabonge. Bakijayo bajana ibizigizigi vy’uko baronse amahirwe yo kubaho neza no gushika ku vyo bipfuza, ariko bashitseyo bakabona ivyo bari biteze sivyo babonye, baca bamera nk’abataye ubwenge ». Bitayeko, mu kibano bagarutsemwo babatunga agatoki bagira bati « uwo yahora gukora ubusambanyi mu bihugu vy’abarabu », ico naco ni ikintu kigoye kwakira.

None hokorwa iki ?

Umuyobozi wa Sojpae agira ati :« Icokorwa, nuko hobaho ugukorana hagati y’abajejwe intwaro n’ikibano ». Uwo ajejwe agateka k’abana abona ko nimba abo bagenda bashobora guca mu ryahumye igipolisi, nuko hoba hari agahaze. We avuga ati : « Turakwiye gushira impapuro zose zitangwa na reta mu buhinga bwa none ku buryo ikintu cose ciketswe ko kitari mu muco gica cerekanwa imbere y’igihe. Ubu iyo umwana ataranakwiza imyaka isabwa n’amategeko ariko ararondera impapuro zo kuja hanze, niyo yokwerekana karangamuntu yakorewe mu Buyenzi iriko n’amazina y’abavyeyi ataribo, aca aronka vyoroshe ivyo ashaka ».

Kugira abantu baserukira igihugu muri ivyo bihugu urwo rudandazwa rukorerwamwo ni kimwe mu bikenewe cane. Ikivyemeza nuko abarundikazi bariyo kugira bashobore gutoroka, babanza gukoresha amayeri akomeye cane: bambara impuzu ziteye isoni zinyuranye n’imico y’ibihugu barimwo, gutyo bagaca baja ahabona, muri ico gihe igipolisi gica kibahagarika vyihuta maze bakaboneraho akanya ko gushikiriza ikibabakiye, bakizera kwirukanwa bagasubizwa iwabo!

Amategeko y’Uburundi aratomoye kuri urwo rudandazwa rukorerwa abigeme, igikenewe n’uko abenegihugu bokorana n’inzego mu ntumbero yo gutuza ubwo bubisha bugeramiye ubuzima bw’abarundikazi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top