Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Amakoperative arenga 3300 yashinzwe mu gihugu mu kiringo c’amezi atatu gusa

Amashirahamwe angana n’4080 yarashinzwe mu Burundi, muri yo ibice 83% bikaba bigizwe n’amakoperative, mu gihe mu mwaka uheze w’2018 yari amashirahamwe 842. Vyashikirijwe n’umuyobozi w’ikigo API kijejwe gufasha no gushigikira abanyamitahe Léonard Sentore.

Mu gihe kw’igenekerezo rya 25 mukakaro 2019, ikigo API kijejwe gufasha no gushigikira abanyamitahe ariho camenyesha ivyaranguwe mu gice ca kane gisozera umwaka w’2018-2019 (kigizwe n’ukwezi kwa ndamukiza, rusama na ruheshi), Léonard Sentore amenyesha ko haranguwe ibikorwa vyinshi cane ugereranije n’ivyaranguwe mu gice nk’iki c’umwaka uheze w’ 2018.

Uwo mu yobozi agira ati: “Ni ibintu vyo kwishimira, kuko muri iki gice ca kane harashinzwe amashirahamwe menshi cane, harashizwe mu ngiro itegeko rigenga imitahe, haritwararitswe uguteza imbere ibidandazwa bishorwa hanze y’igihugu kandi harabaye ho ukworoherezwa mw’ishingwa ry’imitahe no kurata uburundi mu yandi makungu biciye mw’ihayanisha gurishwa rigira kabiri ihuriro ry’amashirahamwe y’amahinguriro mu Burundi AIB ryifadikanije n’ikigo API vyari vyateguye mu kwezi kwa Ruheshi”.

Ishingwa ry’imitahe mu Burundi

Mu bijanye no gushira mu ngiro itegeko rigenga imitahe mu Burundi, ngo ico kigo caratanze impampuro 5 zitanga uburenganzira bwo kuronswa uburusho ku mashirahamwe ategekanya kuzokoresha umutahe ungane n’16 206 642 700 mu mafaranga y’Amarundi, ayo nayo akaba anategekanya kuzotanga ubuzi 277.

Nkuko biri mu myitwarariko, ico kigo API kibandanya kigenzura amashirahamwe yashinzwe n’ayaronkejwe uturusho mu ntumbero yo kuraba ko ivyo ayo mashirahamwe yiyemeje igihe yasaba uburyo vyashikijwe. Hakaba ari muri ico kiringo co kugendera amashirahamwe hatanzwe impapuro mfatakibanza 12 ku mashirahamwe amaze gukoresha umutahe ungana n’66 439 980 001 mu mafaranga y’amarundi, mu gihe yari yategekanije gukoresha 75 247 803 877 mu mafaranga y’amarundi, ni ukuvuga ko habaye akarusho kangana n’ibice 88,3%. Ubuzi 355 ni bwo bwari butegekanijwe gutangwa, ariko ubumaze gutangwa akaba ari 529, ni ukuvuga ko habonetse akarusho k’ibice 149%.

Aho rero amashirahamwe nka Buceco na Tanganyika Mining Burundi akaba ageze ku ntambwe ishimishije kiretse ko iryo rya nyuma ngo ari ryo rigifise ikibazo c’umuyagankuba, nkuko vyishurwa na Léonard Sentore.

Kworohereza abanyamitahe…

Mu ntumero yo kworohereza abanyamitahe, ikigo API carakoze isekeza ryo guhimiriza abenegihugu bifuza gushinga imigambi, kuja hamwe bagashira inguvu n’uburyo hamwe mu kwiteza imbere. Iryo sekeza rikaba ryabereye mu ntara ya Cankuzo, Ngozi,Gitega, Rumonge na Cibitoke.

Ico kigo cifadikanije n’ikigo BBN (ikigo kiraba ko ibihingurwa bikwije amategeko mpuza makungu) vyaranagize isekeza ryo gukarihiriza ubwenge abahingura ibivuye mu mwimbu w’ubworozi n’uburimyi kugira ngo bashore ibikwije amategeko.

Ariko n’ubwo ibimaze kurangurwa n’ikigo kijejwe gushigikira no gufasha abanyamitatahe Api atari bike, hari n’ibindi bizorangurwa ahanini bigizwe no: kubandanya kugendera amashirahamwe mu ntumbero yo kuyafata mu mugongo, kugenzura amashirahamwe aronswa uburusho, kubandanya gukarihiriza ubwenge urwaruka mu nteguro y’imigambi yarwo, kubandanya amasekeza yo guhimiriza gukarihiriza ubwenge abashorera hanze y’igihugu ngo bakurikize amategeko bijanye, amahayanisha gurishwa mu gihugu hagati n’ibindi.

Hambavu y’ivyo bikorwa bizorangurwa,ikigo API kizobandanya kirangura ibikorwa cari caramaze gutangura,canke gusubiramwo ivyari vyararanguwe mu ntumbero yo kubandanya neza Imirimo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top