Benshi bazokubwira ko igwiririkana ry’abantu ryibonekeza mu ntara ya Kayanza ari ingorane ikomeye cane. Kukaba nkako, nta buhumvyi burimwo. Ariko n’ubwo biri ukwo, ugufatira ibintu mu kivunga hari igihe wosanga bigize ico vyonona.
Urwaruka ntakarurenga. Astère Hakizimana, umwe mu barongozi b’urunani rw’ishirahamwe ry’urwaruka ruri ku kivi (Reja) arasigura igituma urwaruka rugeramiwe. Agira ati : « Aha i Muhanga, hari ikiza gitema kigatongora, ico na co, ni imbanyi z’urwaruka ruri kw’ishure. Nta bitigiri mfise bivyemeza, ariko ikizwi, nuko ivyo mvuze ari ukuri ».
Adelin Batururimi, umunywanyi w’urunani rw’ishirahamwe Reja yunganira mugenziwe agira ati : « Igiteye amakenga n’uko bamwe mu banyeshure batwara inda, baba bazitewe n’abigisha babo. Ico kibazo nticoroshe iyo nyene gutera inda na we nyene usanze abayeho nabi adashoboye kwitunga »
Hambavu y’iyo ngorane y’urwaruka rwibungenga rukiri ku ntebe y’ishure, hari iyindi ngorane ikomeye cane ihanze igice kinini c’urwaruka iyo na yo ikaba ari ibura ry’akazi. Bivuye kw’igwirirana ry’amashure aguma avuka uko umwaka utashe, ibitigiri vy’abaheza amashure kandi barondera akazi ni ko vyiyongera, urwaruka rutagira akazi ruca rugwira muri komine Muhanga. Iki kikaba ari ikibazo giteye amakenga Epitace Nijimbere umunyeshure ahejeje ishuri ryisumbuye. Mw’ijwi ririmwo agashavu agira ati : « N’abana biga mu mashure shingiro barihebuye ku bijanye no kwiga. Umwana usanga ata mutima wo kubandanya yiga agira kuko abona na bakuru biwe baguma bicaye i muhira ata kazi bafise kandi barahejeje amashure ».
Urwaruka ruhitamwo kwomokera mu bisagara
Iyo ata kazi, canke ata cizere ca kazoza gihari, rumwe mu rwaruka rw’i Muhanga ruca rurumba ivyiyumviro vyo kwigira mu bisagara. Abatari bake bahitamwo kwigira i Tanzaniya.
Urwo rwaruka rwiyumvira ko kwambuka Uruzi Malagarazi, ikibazo rufise kiba gitorewe umuti. Adelin agira ati : « Hari umugwi w’abantu uza gutora urwaruka urajana muri Tanzaniya urucishi mu Kayogoro ». Iyo ubuzima bipfuza bataburonse baguma bungururiza imbere.
Igisagara ca Bujumbura na co nyene kirakwega urwaruka. Abakozi bo mu mazu, abayaya, abatembereza utudandazwa mw’ibarabara, … ni bwo buzima usanga urwaruka rwahevye amashuri rubayemwo kugira rwishakishirize ubuzima.
Urwaruka rw’imboneza rwo rubigenza gute ?
Nubwo urwaruka ruhura n’ingorane nyinshi, hari urwaruka rumwerumwe rutihebura, rwaramaze kujijuka ruramenya ko umuzi w’ikibi ari ubukene, baritanga kugira aho baba habe ahantu harangwa amahoro bosiga abana babo.
Astère yaciye aba uwigisha abandi mw’ishirahamwe « Saving and Internal Lending Community, SILC. Muri iryo shiramwe baraziganya bakanaguranana badasavye inyungu ku ngurane, abanywanyi baririmwo bakaba baryishimira cane. Astère Hakizimana agira ati: « Jewe kuva aho ninjiriye mw’ishirahamwe SILC, narashoboye kwigurira ikibanza c’ukwubakamwo kirenza umuriyoni w’amafaranga y’amarundi. Kubera ko nabonye akamaro k’ishirahamwe SILC, ndatangira amahera y’ishiramwe umuntu wese ntunze muhira kandi ndahimiriza n’abagenzi kugira bigane akarorero kanje».
Ico gikorwa co kwigisha abandi cakozwe n’urwaruka rw’imboneza caragabanije agatima ko guhurumbira ahandi, nkuko bivugwa na Epitace Nijimbere. Akanyamuneza kamusya, agira ati: « Ndazi urwaruka rutari ruke rwahevye kuja mu gihugu ca Tanzaniya canke mu gisagara ca Bujumbura, kubera ko bumviye impanuro nabahaye, maze batangura kwikorera ibikorwa bibateza imbere kandi biriko biragenda neza, n’akarorero kariko karakurikizwa neza».
Intumbero y’urwo rwaruka rw’imboneza ni kubona urundi rwaruka rwijukiye kurwanya izo ntambamyi ruhura mu buryo bwabo bwo kubaho. Ufatiye ku gashavu bafitiye ibikorwa, imbere habo ni heza.




