Imetero kwadarato zine (4m2) Ku banyeshure 8! ni ivy’ukuri, Kanyare na Mugoboka ni karitiye zirimwo abanyeshure bavuga ko baba muri “Pavillon ya 14 na 15”, (Pavillon ni inyubakwa zigerekeranye abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi babamwo).
Ayo makaritiye, mu mvugo y’abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi « poilissimes », ni amakaritiye abamwo abanyeshure b’ikirenga; abo nabo bakaba ari abo ama “pavillon” cumi na tatu y’ikigo ca Kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga atashoboye kuronsa uburaro.
Muri izo karatiye, usanga abanyeshure 7 canke 8 barundaniye mu cumba c’imetero kwadarato zine (4m2) aho ico cumba nyene usanga cahindukiye kikaba ic’uburiro, ic’ukuruhukiramwo, eka mbere n’ic’ukwigiramwo.
Nk’uko umwe muri bo abivuga, « gutunganya udufaranga reta ibaha tungana n’ibihumbi 60000FBu ku kwezi bisaba ukurikanura kugira bishoboke umuntu atangure ukwezi yongere agusozere » . Ikinyamakuru Jimbere kirabashikiriza ido n’ido ry’imibereho y’abanyeshure baba muri izo « pavillon.
Naho biri uko, mu Kayanza hoho abakenyezi b’imboneza babaye abambere mu kugwanya amabi ageramiye aho baherereye.
Igwirirana ry’abantu riza kw’isonga ry’ibibazo bigeramiye iyo ntara. Nayo inda zitwarirwa mu mashure ndetse n’amatati y’amatongo bikaza kwongereza urutonde rw’ ibibazo bisabwa ko Muhanga itorera umuti.
Mu buraruko bw’igihugu, hariya mu Bugabira, Mediatrice we nta co bimutwaye kwemanga ko yanduye umugera wa Sida, ahimiriza abandi basanzwe bagendana umugera b’i Nyamabuye ngo bareke kwikumira kandi bagasaba ko n’abandi batobakumira.
Nayo Delbulgue, ntahengeshanya kuba hafi imiryango y’abatwa abasaba kwiyitaho bahereye kw’isuku. Uwo mukenyezi, agira ati:« imvo ya mbere ituma dukumirwa ni isuku rike ».
Jean Claude ntasangiye ibibazo n’abandi. We womubaza ivy’inkino zo hanze. Mu gisomwa kivuga igene ivy’ugutigira bigwiriye, ivy’ivy’uko ari imikino y’igihamana, J Claude abishira ku ruhande, maze akanyororomba yigira mu ntonde z’inkino z’imigwi zitanazwi nk’izo muri Vietnam canke Roumanie.
Muryoherwe!




