Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Dushirehamwe : Abakenyezi baseruka

Bose bari mu myaka itandukanye, Abakenyezi bo muri komine Nyabiraba baramaze kubona ko kazoza kabo kari mu bikorwa vy’iminwe yabo. Ibi biri mu mubonano ikinyamakuru cagiranye na bamwe mu bakenyezi b’imboneza.

Donavine, Anastasie, Geneviève , Espérance, tubaye turavuga abo, bari mu bakenyezi b’imboneza  bariko barahindura ibintu i Nyabiraba. Hari haheze igihe kirekire bameze nkabasigaye inyuma ariko ubu biteguriye guhindura ibintu. «Abagore ntitwemerana», bivugwa na Donavine Nibizi, akaba ari umwigisha. Godéliève Bukuru ntiyacitse intege amaze kubona atabaye umukuru w’umutumba wa Kinyami. Agira ati: « Nari nanganije amajwi n’uwatsinze, baciye bashira imbere uwukuze mu myaka kugira bankuremwo».

Biciye ku mu gambi wa SFCG, uha ikibanza ca mbere umukenyezi, ata n’umwe avuyemwo, bose ubu bashaka kugira uruhara mu guteza imbere umubano n’ubutunzi muri komine yabo. Ubu bari ku gikorwa muri komine Nyabiraba, Dushirehamwe ryihaye ihangiro yo kwigisha gutatura amatati bidaciye mu ngimba, gushikana abafashwe ku nguvu mu kigo kibijejwe, kuronderera abahohotewe  abababuranira,… Kandi ivyo bikorwa biragira ico bihindura. Bukuru agirati: «Abantu benshi bari mu matati babanza kutwitura kugira tubatunganirize, imbere yo kwitura ubutungane».

Imboneza zibushitse

Bose bemeza ko batari ivyigangeso ku bijanye n’uburongozi bwiza. Nkuko vyemezwa na Donavine Nibizi, «Inyigisho zo kudukarihiriza ubwenge zarakomeje ubumenyi twaridusanganywe kandi twaranibukijwe ko dutegerezwa gukorera mu runani kugira dushobore kubirangura neza».

 Godéliève Bukuru na we nyene aravyemeza. Ni we aserukiye umugwi wabo, yaranaronkejwe urupapuro rwerekana ko yakurikiranye inyigisho zijanye n’uburongozi bwiza.

Kugira bitege ukuroranirwa mu mugambi wabo, abakenyezi bo muri Dushirehamwe bariyunze n’abagabo b’imvugakuri bo ku mitumba bakorerako. Abo rero bahawe izo nyigisho bakaba barishiriyeho ikirangamisi c’ingene barangura ivyo bigishijwe. Bari hose mu mazoni ane agize komine ya Nyabiraba. Ibikorwa nyamukuru bakora, barubatse ishure shingiro rya Mugendo, barasanuye ibomba riri i Bubaji,…

Naho ivyo vyose Babirangurana umutima ukunze, uburyo bwo kwiyunguruza, ibikoresho vyo kwubaka hamwe n’ifunguro biguma bibera intambamyi imigambi yabo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top